Quantcast
Channel: music – Indundi | Promote Burundi Beauty online
Viewing all 3189 articles
Browse latest View live

Masterland ati n’uburenganzira bwabo kutajana n’abandi kwunamira Nyakwigendera P. Nkurunziza

$
0
0

Masterland ngo yarabwiye abaririmvyi batari bake, mbere no mu bazwi cane kandi bakomeye ngo bazofatanye mu kuja kwunamira uwahoze ari umukuru w’igihugu, ariko si bose bavyitavye.

Mu Kiganiro ku nsamirizi Ya Centre Jeune Kamenge, Masterland yanavuze ko no mu gukora indirimbo yo guherekeza Nyakwigendera Petero Nkurunziza, ngo yarabahamagaye, ariko abitavye si bose.

Ivyo akaba yabishikirije mu gihe hari hagize igihe havurwa ko abaririmvyi babonetse batagiye hamwe mu kwunamira uwo Uburundi bwabuze butanka, ngo ivyo vyerekanye ko batagira ubumwe.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi yanahavuye avuga ko ritari itegeko, ahubwo ngo cari iciyumviro kandi ngo n’uburenganzira bwabo kutajana n’abandi. Ico we yashaka carashitse kuko n’abandi ngo bahavuye bagenda mu nyuma babonye ko abandi bagiye.

Aho mwonenya ko imigwi yagiye ugutandukanye aho hampande y’abari benshi bagiye, hagiye umugwi uvuye muri Bantu Bwoy, umugwi uvuye kwa Natacha eka n’abandi bagiye bagenda ukwabo buke buke.


M Nif Jimbo: Bantu Bwoy ni Umuryango nkunda kandi nipfuza kubana nawo.

$
0
0

Inyuma yaho havugiwe amajambo agiye atandukanye ko umwana akiri muto azwi cane mu ndirimbo zigiye zitandukanye ubu hariko havugwa inkuru yuko yoba agiye kwinjira mumuryango Wa Bantu Bwoy.

Abicishije mukiganiro yakoranye na Indundi Tv 👉🏾👉🏾

Ni M Nif Jimbo yahakanye ararengwa ko ivyo kwinjira muri Bantu Bwoy atarivyo namba ahubwo ko abifitiye ivyipfuzo vyo kuba muri uwo muryango.

M Nif Jimbo yagize ati:

“Mumugwi wa BANTU BWOY bafise ubumwe kandi babanye nk’Umuryango ndabakunda kandi ndipfuza kubana nabo.”

Asubira ati:

“Ivyo nanditse nuko nashatse kubaza abakunzi banje numve ko bo bonezerwa kumbona nja mumuryango nipfuza kubana nawo kanatsinda ko ari ahantu nezererewe umubano waho nuko babanye kuko bo babanye nk’abavandimwe kandi banafashanya muri vyose.

Aho mwomenya ko M Nif Jimbo yishuye ivyo mugihe aherutse kugaragaza ko yoba anezererewe kubana n’umuryango wa BANTU BWOY ndetse anavuga ko akunda umuririmvyi Big Fizzo we ari na kizigenza w’uyo muryango wa Bantu Bwoy.

Nanje nzoronka By M Nif Jimbo
👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾

Kubwa Platini uguhinyanyura birinjiza gusumba kuririmba

$
0
0

King Platini umwe mu baririmvyi ndundi bamaze igihe asa n’uwutariko araboneka mu muziki, yavuze ibituma uno musi atabasha kuboneka cane mu muziki.

Mu kiganiro na Amanda yavuze ko uno musi ikimutwaye umwanya gusumba ngo n’uguhinyanyura, ariko ngo no kuririmba araririmba, ariko guhinyura navyo abiha umwanya munini gusumba.

Muri ico kiyago, Platini yavuze ko icamuteye guhinyanyura gusumba kuririmba, ngo n’uko yasanze muri kino gihe guhinyanyura vyinjiza amafaranga gusumba kuririmba.

Ivyo Platini akaba abivuga afatiye kuko ngo abaririmvyi bashobora gufata umwanya munini kugira yinjize ifaranga, mu gihe abahinyanyuzi bo bashobora gufasha, kandi bakanabasha kubaho bakabeshaho imiryango.

Muri ico kiyago nyene Platini avuga ko uwo mwuga ariwo akora hampande yo kuririmba, akaba yabikoze inyuma y’imyaka 5 ariko aravyiga.

Ivyo uwo musore akaba abishikirije mu gihe amaze imisi asohoye akaririmbo gashasha kari kakurikiwe n’akandi nako atari aka kera gose.

Esther Nish ngo umukobwa ahisha inda n’uwuba atagira mweneyo

$
0
0

Uwunyegeza inda, ngo n’uwuba ataragira uwo ayegekako, canke se w’umwana. Ivyo nivyo Esther Nish yashikirije mu kiganiro yahaye imboneshakure ya hano iwacu.

Ivyo akaba yabishikirije mu kiganiro, bariko bamubaza ivy’umwana aheruka kwibaruka, s’ivyo gusa kuko banagarutse Ku buzima bwiwe busanzwe.

Muri ico kiganiro, uwo mwigeme buca yubaka urwiwe n’umwe mu bakinyi ba Comedie ba hano iwacu, nkuko yabiyagiye Isaac, yavuze ko umukobwa afise inda ngo aba arico gihe ciwe co kurya ifyeri.

Uwo mwigeme akaba afise abana 2, uwa 1 akaba yamuvyaranye n’umu DJ Asanzwe nawe yifashe neza muri ino misi I Bujumbura.

Esther Nish ntiyaretse kugaruka Ku ndirimbo yiwe nshasha yise Kavorivori buca ija ahabona vuba cane. Yavuze ko bimwe mu bizumvikanamwo n’insiguro y’iryo jambo Kavorivori.

Abarundi ngo nimba badakunda Sat-b, bazomugabire abanyarwanda

$
0
0

Umwe mu bamenyeshamakuru bazwi cane mu gihugu kibanyi c’Urwanda, ariko ubu abarizwa muri Leta zunze ubumwe za Amerika yavuze ko ari nka hamwe abarundi boba badashaka Sat-b ngo nibamugabire Urwanda.

Akoresheje urubuga rwa Instagram, uwo mumenyeshamakuru yavuze ko Sat-b yamumenye mu mwaka wa 2008. Ico gihe yamwumvise ari umurundikazi bigana muri Kamenuza amumwumvishije.

Ally yabandanije avuga ko yasanze uwo muririmvyi ari umuhinga akomeye, kuva ico gihe gushika ubu. Soudy ntiyaretse kuvuga ko Sat-b yamushize mu gitigiri c’Abaririmvyi bakomeye muri Africa.

S’irya mbere Ally avuga ku muziki ndundi, kuko yaheruka gushikiriza kuri Live ya Instagram yiwe ko umuziki ndundi umaze gutera imbere bivuye kuko uno musi habonetse imboneshakure zikorera ku mbuga ngurukanabumenyi nyinshi, kuko nabo ngo baciye aho.

Inyuma y’ugutera amashurwe Sat-b, Ally Soudy yahavuye avuza ku karirimbo “Umubabaro” kuri urwo rubuga aho yamenyesha ko ako karirimbo ari keza cane, anatumirira abantu kwirukira kukaraba kuri YouTube ya Sat-b.

Mwomenya ko uwo mumenyeshamakuru afise abantu batari bake bamukurikirana ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Kidum agiye gusubira gukora ikindi giteramo Online

$
0
0

Igenekerezo rya 5/7, azoba ari ku musi w’Imana, Nimbona Jean Pierre benshi bazi nka Kidum azosubira kandi gukora igiteramo.

Ico giteramo kizoba ari nk’ico yaheruka gukora muri uku kwezi kwa 6, igenekerezo rya 21. Ico gihe akaba yarikumwe n’umugwi wiwe wa Bodaboda band, n’ubu bakazomufasha kuremesha ico giteramo.

Ico giteramo nk’icaheruka uwo muririmvyi akaba azokorera ku buhinga ngurukanabumenyi, akazokoresha urubuga rwa Facebook. Hampande y’urubuga rw’abamutumiye, umugwi w’abavuza umuziki, 254 Diaspora DJ, n’urubuga rwiwe rwa Facebook rukaba ruzokoreshwa mu kwerekana ico giteramo.

Kidum akaba yakoresheje imbuga ngurukanabumenyi ziwe mu gutumira abantu ngo baze bitabire ico giteramo. Abatari bake mu bamukurikira bakaba babandanije kwerekana ko bashimishwa n’ico giteramo.

Mwokwibuka ko imbere yuko akora ico giteramo yaheruka gukora, Kidum yari yasibishije ikindi giteramo nkico nyene bivuye ku mvo tutabashije kumenya.

Kirikou yiswe umusirikare n’abamukurikirana

$
0
0

Ishusho ryashizwe Ku rubuga rwa Instagram rwa Kirikou. Ryateje ibibazo bikomeye mu bakurikirana urwo rubuga, iryo shusho naryo rikaba ryaherekejwe n’akajambo ngo “Attention”, mu Kirundi tukaba twogasigura nka Muragabe. 

Iryo shusho ryakunzwe n’abarenga 500 mu masaha 9 gusa, rikaba rimwerekana asa n’uwambaye umwambaro w’abantu bitwaje ibirwanisho, bigoye kuvuga nimba yari mu gisirikare. Akaba atari wenyene naho abandi babonetseko tutabashije kubamenya.

Hampande y’abamwise umusirikare, n’abakoresheje utumenyetso tw’umuriro ku Kinyamazuru bita Emoji, hari n’abayibonyemwo indirimbo nshasha, aho babona ko ashobora kuba agira asohore ico abubu mwita Igisasu mu ndimi zifobetse.

” Bro ugomba uturire Buja flavor we ndabibona 😂😂” vyashikirijwe n’umwe mu bamukurikirana.

Ivyo bikaba biriko vyiyumvirwako mu gihe hakiriko haravurwa akaririmbo Binua yakoranye na Mugani, ubu igeze ku ncuro 124,005 imaze kurabwa ku rubuga rwa YouTube rwiwe rumaze gukurikirwa n’abarenga 16,000.

Abamubika akiri muzima ngo nibacire birarura

$
0
0

Kidum ngo abariko baramubika kandi akiri muzima, nibacire birarura kuko sibo bashinga umusi azovira kuri ino si.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook yashize ahabona Video aho vyaboneka ko asa nkaho atarakira neza, ariko yizeza abantu ko ubu ari sawa.

Muri iyo Video, Kidum yavuze ko abamubika batazi ivyo bavuga, kuko igihe co gutaha ataribo bakigena ngo igihe nicagera azotaha nkuko n’abandi bose bazopfa.

Kidum akaba abishikirije inyuma yaho bimwe mu binyamakuru bimenyeshereje ko yitavye Imana kubera ikibazo camubayeko igihe yariko akora igiteramo Ku buhinga ngurukanabumenyi, bikamuviramwo kugwa hasi.

Mwomenya ko Kidum atari irya mbere bamubika, kuko inyuma yaho aririye isumu I Bujumbura mu myaka iheze, naho hari abamuvuze ko yoba yitavye Imana.


Olga yavuze ryari azokorana indirimbo n’umunyarwanda

$
0
0

Aganira na Yambi, ikinyamakuru co mu gihugu kibanyi c’Urwanda, yahanuwe guhitamwo mu baririmvyi 2 b’abanyarwanda, King James na Bruce Melodie bari mu bariko barakora ibikora inka mu muziki Nyarwanda Muri bino bihe.

Mu kiyago na Indundi TV, twagarutse kuri ico kiyago, tumubaza nimba hari uwo yoba yarahisemwo, noneho atubwira ko yabanje kwanza kubangira.

Imvo ngo nuko yashatse kubanza kwanza gukora umuziki imbere yuko aronderana n’abo bakorana, kugira abanze asubire mu muziki, anakore indirimbo nka 3 canke 4, noneho azoboneka kubarondera.

Olga ivyo akaba abishikirije inyuma yaho agarukiye mu muziki, akaba yaramaze igihe ataboneka ariko akora Karaoke gusa, ariko akizeza ko inyuma ya Show me hari n’izindi nyinshi gusumba.

Bataravye neza, Sat-b ngo azonasohora amashusho y’urukozasoni

$
0
0

Sat-b ntahuza na bose Ku kibazo c’uburyo yari yambaye Muri Video aheruka gushira ahabona aho yabonetse asa n’uwuriko yinonora imitsi.

Kuri iryo shusho ryabonetse igenekerezo rya 4 mukakaro kuri urwo rubuga, inyuma y’isanamu bariko bakora imyimenyerezo, habonetseko abagize ico barishikirizako benshi gose.

Mu bagize ico bashikiriza kuri iryo shusho, harimwo n’abasa nkaho bamuteye ivyatsi Ku nyambaro bari bambaye kuko babona ko itamubereye.

Hari n’abayiciye umurya mu kuvuga ko ahubwo abantu bakwiye kuraba neza, kuko ngo bakaraba nabi n’amashusho y’urukozasoni ashobora kuyashira hanze.

Ariko hampande yaho, hari abamuteye intege bamubwira ko afise vyinshi ariko arakora kandi vyiza, ahubwo vyiza ngo n’ugukomerezako.

Mwokwibuka ko Sat-b asanzwe ari mu baririmvyi bakurikiranwa cane ku mbuga ngurukanabumenyi hano iwacu, kandi akaba n’umwe mu basanzwe bazikoresha cane gusumba.

Sat-b : S’ukubashikako ahubwo n’ukubacirako akanoti

$
0
0


Kimwe muvyo Sat-b yashikirije Ku rubuga rwiwe rwa Facebook aho yariko aratumira abanyengozi mu giteramo azokorera muri iyo ntara kuma Genekerezo ya 18 mukakaro caneguwe na bamwe mu bamukurikirana.

Kuri urwo rubuga aho yatumira yamenyesheje ko azoba agiye gushika Ku banyengozi baheruka kubirira hamwe n’abarundi. Ariko bamwe ntibabifata kimwe aho bamwe bavuze ko bashika ku wabuze umushiriye agafaranga ariko apana ugiye kukamukuramwo.

Abandi bakaba biboneye ibindi biri muvyo yanditse nyene kuko yanaheruka kubaza intara yoba imukumbuye, eka nubu akaba yakagarukanye aho yasavye abantu ngo bandike intara barimwo abe ariyo izocabikurikirana.

Hakaba hari n’abamwibukije kuzogenda yambaye ya koti yaheruka gutera ibibazo, abandi nabo banamwibutsa kutazibagira kwambara agapfukamunwa.
Sat-b akaba azoba agiye gukora igiteramo yitiriye Izina, bikaba biboneka ko atazogarukira ngaho gusa, Ahubwo azozunguruka intara zitandukanye, ubona ko yanabiheruka kera.

Sat-b aharurwa mu baririmvyi bakurikiranwa cane hano iwacu, akaba kuri urwo rubuga rwa Facebook ubwo butumire bimaze gukundwa n’abarenga 2000 mu barenga ibihumbi 70,000 bamukurikirana.

Kuri Evode, Yoya Jamal aza imbere y’abandi

$
0
0

Mu kiyago n’ikinyamakuru Iwacu, Evode ntahonankwa uno musi abarizwa mu buhollande, yavuze kuri Droit d’Auteur, anagaruka kuri Yoya Jamal. 

Muri ico kiganiro citiriwe au coin du feu, Evode avuga ko naho abaririmvyi mu Burundi abakunda bose muri rusangi, ngo Yoya Jamal aza imbere y’abandi naho atazi igituma. Ariko ngo bishobora kuba biva ko Yoya yamwibiye akabanga ko ariwe yabaye icitegererezo ciwe mu muziki agitangura.

Evode ntahonankwa ntiyaretse kandi kugira ico ashikiriza kuri Droit d’Auteur uno musi ivugisha abatari bake, aho we abona ko igikorwa kigisigaye ku batwara, kuko ngo mu gihe cose batarabona ko hari abo umuziki ari akazi mu bundi, ngo ntibazigera bashira mu ngiro ivy’iryo tegeko.

Mwomenya ko uwo mwanditsi w’akaririmbo “Mireille” ngo ari nka hamwe ahawe ubushikiranganji bw’inkino n’imicokama ngo ico yokora n’ukwubaka ishure ry’umuziki hamwe n’inzu y’ubuhinyanyuzi kugira afashe ingabire zitagira uburyo.

Alvin yavuze ku mafaranga yasabwe ngo aririmbane na Big Fizzo na Sat-b

$
0
0

Alvin Smith benshi bazi nka La Vache, ngo yaragerageje kurondera gukorana na Sat-b co kimwe na Big Fizzo ariko biramunanira.

Mu kiyago na Indundi TV, uwo muririmvyi yatanze umuco aho yavuze ko ngo intambwe yategerezwa gutera yayiteye, ariko vyankira mu nzira.

Muri ico kiganiro nyene yavuze ko aho vyankiye ari Ku mufuko kuko yasanze vyomutwara amafaranga angana n’ayo yogura ikibanza co kwubakamwo inzu “Parcelle”.

Ukivyumva, wohava wibaza ko yashatse kuvuga ko yasabwe amafaranga n’abo baririmvyi uno musi bari mu bemewa gusumba abandi. Ariko yahavuye atanga umuco avuga ico ayo mafaranga yokoze.

Alvin yabwiye Alan muri ico kiganiro ushobora gusanga Ku rubuga rwa YouTube rwa Indundi TV, ko abamukuye Ku nzira ari abasanzwe bakorera amasanamu abo baririmvyi, kuko muvyo yasabwa gukwiza imbere yuko bakorana harimwo gukora amasanamu meza. Uwo mukagato rero ngo yawusabwe n’abo bahinyanyuzi.

Muri ico kiganiro Alvin ntiyidoze ahubwo yavuze ko abitahura kuko abaririmvyi bo kuri urwo rugezo ngo ntibakorana indirimbo n’uwuhava akora aga Clip k’ibihumbi 300.

Mwomenya ko muri ubwo buryo nyene buke asanzwe afise, Alvin yarabashije gukorana na Chany Queen, umwigeme atanamugoye nkuko yabandanije abivuga.

Berry Music ngo nta muririmvyi w’umurundi ashaka gukorana nawe

$
0
0

Naho umwaka wa 2020 ariwo mwaka umubereye umugisha,noneho akava mu rufuri akamenyekana ko nawe azi kwandika n’uguhibongoza,Berry ngo yatanguye kuva kera.

Uwo benshi bazi nka Berry Music ngo akaririmbo bamuziko,Melanna, kugira agafate mu ntoke ngo vyamufashe igihe kubera uguterateranya amafaranga.

Muri ico gihe cose nkuko yabiyagiye Indundi Tv, ngo yararirimba haba muhira canke kw’ishure ari naho yaraguma abwirwa ngo yandike rwiwe, kuko yamye asubiramwo iz’abandi.

Muri ico kiyago kandi, Ndemeye Bertrand, yavuze ko hari ibikorwa bindi biriko birakorwa, bizosohoka Vuba. Akizera ko bitazobandanya bimugora nkuko vyari vyatanguye.

Berry yanaboneyeho akaryo ko gushimira abariko bamukurikirana, co kimwe n’abariko baramuba hafi muri kino gihe. Muribo yavuze abavyeyi, abamenyeshamakuru co kimwe n’umugwi munini umuri inyuma.

Ariko yanabajijwe ko hari uwo yipfuza gukorana nawe hano iwacu, yishuye ko atawe akeneye muri kino gihe kuko ashaka kwubaka izina nkawe nyene, ahubwo aronse uwo hanze ngo niho vyoba sawa cane kuko mu migambi afise n’uguteza imbere umuziki ndundi kugira umenyekane mu mahanga biciye kuriwe.

Mwomenya ko Berry ari mu baririmvyi bakiri bashasha bakoze neza kuko indirimbo zabo mu mwanya muto kandi atari amasanamu zabashije kurabwa cane ku rubuga rwa Youtube.

Kubwa Preeze ibanga ni ukudacika intege

$
0
0

Mu myaka ishika 8, abantu barenga ibihumbi 50 nibo bamaze gukurikira ku rubuga rwa Instagram umuririmvyi Preeze 36.

Mu kiyago aheruka kugirana na Indundi Magazine yamenyesheje ko muri iyo myaka yakoze ibishoboka ngo ashike kure. Aho akavuga kudacika intege ukabandanya ushirako ibintu kuri urwo rubuga.

Preeze yavuze ko igihe batangura kuduga cane n’igihe yatangura kuronka ubushimwe mu mahiganwa atandukanye kandi akanakora ibiteramo ahantu hatandukanye harimwo n’inyuma y’igihugu.

Preeze yatubwiye kandi ko urwo rubuga rwiwe ngo rumufasha kugira abashe kumenyekanisha ibikorwa vyiwe. Igituma ngo nuko uno musi abamenyeshamakuru bamwe bamwe basa nkaho bariko barashaka kumwegeza ku ruhande.

Aho akagirako avunira akagohe abaririmvyi ngo babashe guca ubwenge batangure bimenyereze izo mbuga kuko ngo ziri n’akamaro kanini karimwo kuba abakunzi bawe bamenya ko amakuru ya mbere akwerekeye kandi yizewe bayakura ku rubuga rwawe.

Preeze Muri ico kiganiro ntiyaretse kumenyesha ko izo mbuga zishobora kudufasha gukuza umuziki ndundi, ariko kandi bikaba bishoboka mu gihe yaba abatamba, yaba abaririmvyi co kimwe n’abamenyeshamakuru babishizemwo ukuboko.

Mwomenya ko Preeze ashobora kuba aharurwa mu baririmvyi 5 ba mbere bakurikirwa cane hano iwacu.


Olga ngo Karaoke niyo iriha neza gusumba kuja muri Studio

$
0
0

Karaoke ni kimwe muvyatumye abasha kwibeshaho, ni naco gituma vyatumye bimutwara umwanya wo gukora umuziki. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Olga Lorrie.

Mu kiyago na Indundi TV uwo mwanditsi akaba n’umuririmvyi w’akaririmbo Show me avuga ko kuriwe Karaoke ariyo yamwinjiriza gusumba kuja muri Studio, ngo nico gituma yari yabishizeko umutima wose.

Muri ico kiganiro nyene yavuze ko icokorwa kugira bikunde abawuteye umugongo ngo basubira bawijukire gusumba ngo nuko abarundi botangura guhurumbira gukurikirana abiwabo ku mbuga nka Youtube zisanzwe ziriha abaririmvyi,ngo ico gihe bagize ico baronka ntibazoreka kuwukora cane.

Muri ico kiyago nyene, Olga yavuze ko hari ico yatahuye arico gituma yahisemwo gusubira kandi kuririmba.Akavuga ko ubu agiye kuzoza arondera umwanya wo kuja muri Studio.

Mwomenya ko Olga amaze imyaka itari mike mu Rwanda aho asanzwe akora akazi ko kuririmba haba mu manza canke mu bubare ico bakunze kwita Karaoke.

Tayaya ngo yafashije benshi kuresha, bamwe banagira n’ubugeni

$
0
0

Ku wohava agira ubwoba ko yomutwara umugore kubera amajambo aryohera ugutwi avuga, ngo n’ahumure ntibizoba kandi ntivyanahabaye kuko ngo abantu bari kuba baravyumvise.

Mu kiyago na Ami Pro, hampande yo kuvuga ku ndirimbo zitari nke amaze gukora,n’iyitwa Nderura aheruka gushira ahabona, Tayaya yagarutse ku buryo yafashije bamwe kuresha abagore babo.

Aimable Tayaya asanzwe yandika amajambo aryohera ugutwi mu ndirimbo asanzwe akora, yamenyesheje ko abavuga ko yotwara umukunzi w’abandi ngo barabesha.

Ariko uwo muririmvyi yongeyeko ko hari bamwe amaze gufasha kwandika amajambo yarungikirwa inkumi yabashikanye ku kuronka abageni.

Ivyo yandika nkuko yabandanije abiyagira uwo mugenzi wacu, ngo sivyo ategura igihe kuko n’ibimurimwo kandi kanatsinda ngo asanzwe muvyo yize harimwo ikirundi.

Mwomenya ko Aimable Tayaya yavuze ko ako karirimbo Nderura karimwo ubutumwa buhabwa umwigeme yagize ubugeni n’umuhumure, aho yitoza utunyoni mu gihe uwundi we yashaka ko amufata nk’amata y’abashitsi.

Tayaya yavuze ku mwigeme bakoranye amasanamu ya Nderura

$
0
0

Mu kiyago Aimable Tayaya aheruka gutanga, yamenyesheje ko abarundikazi bakina neza mu gihe c’ugukora amasanamu ngo ari bake cane.

Umwe muribo ngo ni Divine, mwenenyina wa Natacha, we basanzwe bari bamaze gukorana amasanamu y’indirimbo zitari nke. Uwo akaba avuga ko atamugoye na gato, kuko we avyumva ningonga ngo wogira n’umuzungu.

Tayaya yanamenyesheje ko uwo bakoranye akaririmbo aheruka gushira ahabona ko nawe yakunze uburyo yifata murico gikorwa, ngo ntakugora kandi nawe afata n’ingoga.

Mwomenya ko Tayaya aheruka gushira ahabona amasanamu y’indirimbo nderura,ubu ikaba imaze kurabwa n’abarenga 1100 mu misi 4, ikaba yakozwe na Landry SB.

 

Olga ngo mu kwezi kw’9 haraboneka iyizananye n’amasanamu

$
0
0

Iyindi ndirimbo izokurikira indirimbo Show me iheruka gushirwa ahabona ngo ni nko mu kwezi kw’9, Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Olga mu kiyago yagiranye na Indundi Tv.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyikazi avuga ko yamaze gutangura gukora indirimbo yindi izokurikira, ariko ko yo itazoza ari amajwi gusa, ahubwo ngo izozanana n’amasanamu apana amajwi gusa.

Muri ico kiyaganiro mushobora gusanga kuri Indundi Tv, canke aho hejuru muri ino nkuru,uwo muririmvyikazi avuga ko iyo ndirimbo yayikoreye kwa Madebeat, umwe mu bahinyanyuzi bakomeye bo mu Rwanda.

Olga muri ico kiganiro nyene ntiyaretse kumenyesha ko afise izitari nke zamaze gutegurwa zisigaje kujanwa muri Studio. ivyo bika vyaje kubera ikiza ca Corona kuko camuhumuye amaso kikamwereka ko akwiye kumenya kwisuganya, akaja no muri Studio.

Mwomenya ko Olga afise umugambi wo gukorana indirimbo n’umuririmvyi w’umunyarwanda, ariko ashaka kubanza gukora ibikorwa vyiwe ubwiwe kugira asubire aboneke ku rubuga noneho abone gukorana nabo.

Ivan kwizera ngo kugira wizerwe bisaba ko nawe uba witeguye

$
0
0

Kwizera Ivan umwe mu barundi basanzwe bavuga igicurarangisho citwa Guitare, babikorera muri Kenya, avuga ko uwo mwuga ushatse kubanza kuwuronderamwo amahera ata Passion ubanje gushira imbere ngo ntaho ugera.

Aganira na Safari, uwo mucuraranzi yavuze ko yatanguriye i Bujumbura imbere yuko aja muri Kenya kuhavugiriza. Aho yavugiriza mu kabare ngo niho yabashije guhurira na Sauti Sol, bituma noneho babona gukorana.

Ivan ariko avuga ko gukorana nabo baririmvyi rurangiranwa bivyamworoheye, kuko mu mahanga ngo kugira wizerwe, ngo nuko baba babona ico bo bakeneye, ariko kandi muri uwo mwanya ngo ukaba witeguye.

Muri ico kiyago na Ivan yamagariye abatware, ko boha agaciro abasanzwe bakora ibikorwa mvabwenge “Artiste”, kugira bagire ico baronse noneho urundi rwaruka narwo rubone ko rushobora kubeshwaho n’ico gikorwa.

Mwomenya ko Ivan imbere yo gukorana n’abo banya Kenya, yakoranye n’abatari bake barimwo Dudu Niyukuri, aravuza muri Primusic, aravuza kandi mu gihugu kibanyi c’Urwanda mu migwi itandukanye.

Viewing all 3189 articles
Browse latest View live