Quantcast
Channel: music – Indundi | Promote Burundi Beauty online
Viewing all 3189 articles
Browse latest View live

Ikoti rya Sat-B rikomeje gutera uruhagarara nguku ukuri kuri Inyuma

$
0
0

Mumisi iheze sat b yabonetse yambaye ikoti rya kaki kungoro yo kwa Ntare Aho vyatanguye kuvugwa nabafana bimpande zitandukanye.

Ikoti Rya Sat-B ni rimwe mubintu biriko biravugwa cane hano Mumuziki naho haheze imisi ata ndirimbo ziriko zirasohorwa bivanye nigihe Uburundi burimwo muri kino gihe.

Ariko nkuko vyagaragaye cane hirya nino bivuye kunyishu yatanzwe na Sat-B haragiye haraboneka abavuze kukibazo camafaranga n’abandi bambaye ikoti risa nkiryo Sat-B yari yambaye
Ubunini bwaryo nuburinganire bwa Sat-B no kuboneka aryambaye henshi hatandukanye ndetse no mumashusho aboneka nkaho hari ikindi gikorwa coba kiriko gitegurwa nuwo muririmvyi nyene, Akaba arivyo vyatumye haba amajambo menshi mubafana yaba abari mugihugu canke abari hanze yigihugu

Bamwe bati “ariya nama shetani sat-b agendana” abandi bati “n’imigisha agendana”

Hakaba Hari nabaririmvyi bavuze kuriryo koti nka mt number-one yagize ati” kuri mwebwe mwavuze amajambo menshi kwiri koti kubasani batandukanye, gusa originale ntirikenerwa kugororwa ,eeeh kandi rirahenda $$ (Rirazimba)”

Nibenshi bavuze amajambo kuriryo koti harimwo numumenyeshamakuru Ismael Niyonkuru,

Ikinyamakuru indundi ukuri twabarondereye kwizewe nuko ivyo vyose atari ikoti gusa , ahubwo bishoboka cane ko ari ukwamamazwa kwindirimbo tutazi yoba igira isohoke (video)
Ikaba irimwo sat-b yambaye iryo koti ahagaze imbere yumukobwa yambaye impuzu zubugeni.


Aho nimugihe benshi mugutatura amajambo yariko aravugwa cane bagize bati:
“Reka, Turindire twitonze ikizova muriryo koti mumisi irimbere dushobora kuzokibona”


Emery Sun avuga ko Sat-b atari kwifata mu mufuko mu ngoro y’umukuru w’igihugu

$
0
0

Emery sun avuga ko Sat-b atari kwifata inyifato yifashe mu ngoro y’umukuru w’igihugu yitiriwe Ntare Rushatsi.

Emery sun mu kiyago aheruka guha imboneshakure ya hano iwacu, yagarutse kuri Sat-b, aho yavuze ku nyifato yerekanye aho yarikumwe n’abandi baririmvyi mu ngoro y’umukuru w’igihugu.

Emery sun abona ko Sat-b atarakwiye kwifata mu mifuko, kuko ngo ari ikibanza cubashwe. Yibukije ko Sat-b yavuze ko yariko akura umuswaro mu mufuko, Emery avuga ko bitari bikenewe ko awukurayo, ngo yari kuwihoza.

Kuri ivyo Emery akaba yongeyeho ko asanzwe anamukunda cane, Sat-b, ariko ngo urya musi birya yakoze vyaramucanze.

Ivyo akaba yabishikirije inyuma yaho nawe agiriye muri iyo nkubakwa kwandika mu gitabo c’iteka, kuko ngo vyari bikenewe cane, nkuko yabiyagiye Bujahit TV.

Mwomenya ko yaba Sat-b, yaba Emery sun bose uko ari 2, basanzwe bakomoka mu kanyosha aho banatanguriye umuziki, bakaba kandi bari muri bamwe babashije gushitsa kure uwo muziki nyene.

Big Fizzo ngo araba ubukomezi apana agaciro karyo

$
0
0

Sat-b ngo iryo koti aryambaye aba afise amafaranga atari musi y’umuliyoni, nayo Big Fizzo we ngo araba ubukozi ntaraba agaciro kiry’agira agure.

Inyuma yaho Sat-b agiriye ico avuga kwikoti yari yambaye umusi wo gushira igikumu ju gitabo c’iteka mu ngoro Ntare rushatsi, hakwiragiye isanamu aho Big Fizzo nawe yabonetse asa n’uwuriko agura ikoti nawe.

Mu majambo Big Fizzo yashikirije, yabonetse avuga ko we ataraba igiciro, ahubwo araba ubukomezi bwayo. Kubwiwe ngo naho yoba igurwa 20,000 ngo ntaco biba bitwaye.

Iryo shusho tutaramenya vyukuri igihe ryafatiwe, naho hari ibimenyetso bitandukanye vyerekana ko hashobora kuba ari inyuma y’uko Sat-b ashikirije ko yambaye iryo koti aba afise amafaranga atari make, nukuvuga atari musi y’umuliyoni.

Mwomenya ko ikoti rigomba gusa nkiryo rya Sat-b ryabonetsr ryambawe n’abaririmvyi batandukanye barimwo Big Fizzo, Mt Number one na Kirikou Ku mashusho atandukanye yabonetse Ku mbugahuriro basanzwe bakoresha.

Kubwa  Ester Nish ngo ivyiwe ntibikiri ibanga

$
0
0

Inyuma y’ururirimbo  Dodo, umuririmvyikazi Ester Nish muri kino gihe asazwe y’ibugenze ngo kavorivori niryo zina.

Umuririmvyikazi Ester Nish murikino gihe ubona ko akuriwe cane  aciye kumbuga asanzwe akoresha aramenyesha abantu bose bagize ico baterera kugira izina riboneke aho amenyesha abakunzi biwe ndetse n’ab’umuziki ndundi ko bitakiri ibanga izina ry’ururirimbo agiye gusohora ari Kavorivori.Akaba yashimye kubaza abamukwirikira  bose uko baryibazako nk’insiguro yaryo anabasaba kandi  ko bomuguma hafi  bakabandanya babana  mwino misi kugira vuba cane niyasohora icogikorwa baze bakibone kare.

Mwomenyako uyo muririmvyikazi inyuma yaho atanguriye akazi k’ukuririmba afise indirimbo zitari nke zagiye zikundwa n’abakunzi b’umuziki bataribake nk’indirimbo Umubabaro, Bitu Mingi ,Huruna n’izindi zitandukanye. Ikindi mwomenya  nuko uwo mwigeme asazwe akuriwe ubu ariko hataramenyekana se w’umwana inyuma y’ikindi kibondo bari bafitaniye na Dj NC yahoze ari umu Dj wa Sat- B.

Akes Don agiye kwerekana ubushobozi bwiwe aho yemeza ko vuba agiye gusohora ikindi gikorwa

$
0
0


Inyuma yo gusohora Indirimbo yabonetse ko yakunzwe n’abatari bake, ndetse ikerekana ubushobozi budasanzwe mukwandika kwa Akes ubuho ngo ntagiye kuvyorosha.

Inyuma y’indirimbo Tubikore ni Akes Don aza yamaze gushira ahabona izina ry’indirimbo agiye gushira ahabona, akaba ar’indirimbo yitezwe na benshi kwumvwa uko imeze kuko ifise amazina asa n’indirimbo ya Diamond platnumz yitwa #JEJE

Abantu bakibaza bati:
mbega yoba ari indirimbo isa na Jeje ya Diamond canke?
Aho twosubira kubibutsa neza ko Akes yaheruka gusohora indirimbo yitwa “Tubikore”

Ikibazo kiri mubafana kugeza ubu ni mbega Akes yoba agiye gusohora indirimbo irenze iyaheruka gusohora, canke yoba agiye gusohora iyiri musi yirya, canke yoba agiye gusohora iyoba isa niya Jeje ya Diamond?.

Aime M ngo ntaba yicaye naho bamwe arivyo baba bibaza

$
0
0

Mu kiyago na SYUB Show Aime M yamenyesheje ko naho abantu baba bibaza ko yicaye, ariko we ngo ntaba yicaye, ariko  aba ariko agakora.

Muri ico kiyago yagiranye n’umumenyeshamakuru yigenga Biko Steven Raphael yamenyesheje ko ataboneka buri kanya kuko hari Ubundi buzima afise kandi nabwo ategerezwa kubwitaho.

Muri ico kiyago nyene, uwo muririmvyi akaba n’umwanditsi w’indirimbo ” Love Nyoko”, yanabajijwe ivy’indirimbo yakoranye n’umu Tanzaniyakazi.

Uwo muririmvyi asanzwe yisumamwo Muri Leta zunze ubumwe za amerika, avuga ko yagiye gukorana nabo kugira arabe ko yokwagura akarere, gutyo ngo azonabashe kuvugirizwa indirimbo iwabo, I Burundi, kuko abamenyeshamakuru bose i Burundi ngo amusaba amafaranga kugira bavuze indirimbo ziwe, aho hakaba hari mu gihe bamusaba ko atanga amazina yabo.

Ntiyagarukiye ngaho ariko yamenyesheje ko afise abamenyeshamakuru batandukanye hirya no hino muri Africa aho aha indirimbo noneho bakazivuza ataruko abahaye amahera, ariko aruko bazikunze.

Mwomenya ko iyo ndirimbo aheruka gushira ahabona ari Indirimbo Shimwa Mana, indirimbo ihayagiza umukama.

Preeze ngo iyataba ikiriyo akazi karikuba kasohotse

$
0
0

Preeze ngo yabujijwe n’uko umuvyeyi wiwe w’amaraso yitavye Imana, co kimwe n’uko Uburundi bwabuze umukuru w’igihugu, nay’ahandi ngo hari gishasha cari mu nzira, ivyo akaba aheruka kubiyagira imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Preeze muri ico kiganiro yamenyesheje ko aticaye naho yashikiwe n’ivyago, ngo hari indirimbo zitandukanye ziriko zirakorwa, ariko ngo adashobora kuvuga ngo zizosohoka iki gihe canke kiriya.

Muri ico kiyago na Bujahit TV, uwo muririmvyi yabajijwe igituma adaheruka gusohora amasanamu y’indirimbo, avuga ko hari iziriko zirategurwa, ariko ikindi cabitumye nuko yashaka kubanza gushira imbere ico mu kinyamazuru bita Video Lyrics, zikozwe nkaho ari ibishushanyo bikina “Dessin Animée”. Ariko kandi ngo n’ukudashaka gusohora ibidakwije kiri mu vyabiteye, kuko amasanamu y’indirimbo ngo atari ugupfa gukora.

Preeze muri ico kiyago nyene yavuniye akagohe abakunzi biwe ko boguma bari maso kuko umwanya n’umwanya indirimbo nshasha irasohoka. Aho ni mu gihe agize imisi asohora indirimbo ata mwanya munini uhaciye, akavuga ko ari kugira abakunzi b’ibikorwa vyiwe bamugumane ku mutima.

Mwomenya ko akaririmbo kiwe ka nyuma aheruka gushira ahabona ari One for the road, iyo ikaba imaze kurabwa incuro 2000 mu ndwi zirenga 3 imaze isohotse.

Stikk ngo bamwe arabafasha mu kubandikira indirimbo

$
0
0

Umuririmvyi wese ngo yipfuza kwandikirwa indirimbo ntiyitinye kuko Stikk El Negro arahari, ngo ubu agiye kubikora nk’umwuga.

Ayo n’amwe mu majambo uwo muririmvyi aheruka gushira ahabona, akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, aho yamenyesha ko abipfuza kugira ico bafashwa mu mwuga wo kuririmba bomwitura.

Uwo muririmvyi wa Kera wo mu mugwi Overdo Team, yavuze abikuye ngo ku mpanuro yaragize igihe ahabwa, no gushishoza yaramazemwo imisi. Aho ngo n’inyuma yaho yarasanzwe abikora, bamwe  bakamuhemba canke akabakorera ku buntu.

Muvyo uwo muririmvyi avuga ko azofasha abamwitura, harimwo gutondeka umudiho, kurondera Instrumental, mbere no kwandika indirimbo ubwazo.

Mwomenya ko uwo musore uno musi atakiboneka cane muri uno mwuga, inyuma yaho afatiye inzira y’agakiza, ubu akaba asohora indirimbo zihayagiza Imana gusa.


Bagiye kuza bagura EP ya Andy Mwag vyoroshe

$
0
0

Akoresheje urubuga huriro, Instagram, Andy Mwag yashikirije ijambo ry’ihumure abakunzi b’ibikorwa vyiwe bari I Burundi ko ubu bashobora kuronka EP 1 yiwe mu Burundi.

Ku rupapuro bakunze kwita mu kinyamazuru Cover, Andy yamenyesheje ko ubu bikunda ko umuntu ari I Burundi ashobora kugira indirimbo ziwe, akariha akoresheje Lumicash canke Ecocash.

Iyo EP 1 yiwe igizwe n’indirimbo 5 akaba yamenyesheje ko igurwa amafaranga 10,000 vy’amafaranga ya hano iwacu. Urangije kuriha akaba ngo baheza bakakurungikira Link uheza ukazitorako.

Nkuko yigeze kubishikiriza mu kiganiro yakoreye I Kigali, Andy yamenyesha ko ivyo yabikoze mu ntumbero yo kworohereza abashaka kugura indirimbo.

Ubwo buryo abushizeho inyuma yaho ahereye kubikorera I Kigali, aho asanzwe ariko arakorera cane. Ho urwo rukurikirane rukaba rugurwa 8,000 frw, nukuvuga hafi 24,000 vy’amafaranga ya hano iwacu.

Ariko naho biruko, uwo muririmvyi akaba aheruka kuvugira mu kiganiro yagiranye na DJ Phil Peter muri Isibo TV mu kiganiro The Choice I Kigali, ko iyo EP 1 iboneka no ku mbuga ngurukanabumenyi zigurishirizwako indirimbo.

Harakekwa indirimbo hagati ya Kidum na Big Fizzo

$
0
0

Hari abibaza ko Kidum na Big Fizzo boba bafise gishasha coba kiri mu nzira, ivyo bakaba bariko bavyibaza bafatiye kuco uwo muririmvyi w’umukambwe aheruka kwandika Ku rubuga rwiwe rwa Facebook.

Uwo muririmvyi abarizwa muri Kenya, yanditse kuri urwo rubuga asa n’uwuhamagara Big Fizzo ngo yegere Ku ruhande, ave mubo boba barikumwe, noneho babone kuvugana.

“Allo! Allo! Fariaz! Uranyumva neza! Genda pembeni tuvugane.”

Kuri urwo rubuga abantu batari bake bakaba bagize ico bashikiriza, aho bamwe bahimiriza Big Fizzo kumwumviriza kuko ahamagawe n’umukambwe.

Abandi nabo bakaba berekanye icipfuzo c’uko boryoherwa cane ari nka hamwe abo baririmvyi babiri babashije kuririmbana.

Mwokwibuka ko Kidum yaheruka gushikiriza ko umuririmvyi yemera gusumba abandi ari Big Fizzo, kuko ngo muri runganwe havuye we “Kidum” uwukurikirana ari Big Fizzo.

Mt Number one nawe ngo abaririmvyi bo Muri Diaspora ntibahabwa ikibanza gikwiye

$
0
0

Mu gihe Aime M yaheruka kumenyesha ko abaririmvyi babarizwa hanze y’igihugu basabwa amafaranga ngo bavugirizwe indirimbo, Mt Number one nawe ashikirije akandi karenganyo abo baririmvyi ngo bakorerwa.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, uwo muririmvyi yashikirije ibiri Ku mutima wiwe 4, bitatu murivyo bikaba biraba abaririmvyi ubwabo, ariko ikindi kimwe atanatomoye neza, akaba yakirabishije Ku bamenyeshamakuru.

Muri ivyo biri ku mutima, kuca 2 Mt Number one yavuze ko yipfuza ko abaririmvyi bari hanze y’igihugu bavugirizwa indirimbo nk’uko abari mu gihugu bavugirizwa, bikaba bisigura ko bahabwa ikibanza kidashimishije.

Muri ivyo biri Ku mutima 4, uwo muririmvyi yanagarutse Ku bafana bishize mu tugwi, “Team” , yagarutse kandi Kuco yipfuriza bamenyeshamakuru, co kimwe n’ico abona Ku ndero yoranga abaririmvyi basanzwe batatanguriye umuziki rimwe.

Ivyo akaba abishikirije mu gihe hagize igihe hari impari mu muziki ndundi, aho abatari bake basa nkaho batumvikana, mu gihe abandi nabo babona ko bari bakwiye gufatanya.

Masterland ati: “Ndicuza kuba twarabuze Ashley Diva mu muziki”

$
0
0

Masterland ngo arababazwa cane kuba umuririmvyukazi Ashley Diva atakiboneka mu muziki ndundi. Igituma ngo nuko yarafise ibisabwa vyose ngo akomere cane.

Mu kiyago yagiranye na Juste Gael, yabajijwe nimba hari abaririmvyi yafashije none ntibaheze ngo bibuke ico yabafashije. Yavuze ko ari benshi, noneho bamusaba kuvugamwo umwe gusa.

Land yavuze ko atavyibuka kuko abifata ibisanzwe, ariko umuririmvyikazi Ashley Diva ngo arababazwa cane kuba atakiri mu muziki. Igituma ngo nuko uwo mwigeme yarafise vyose bishoboka kugira abashe kugera kure, noneho akaba atakiboneka muri uwo muziki.

Muvyo yavuze ko yarafise vyomufasha kumenyekana no mu makungu harimwo kuba aririmba neza, avuga indimi mvamahanga neza, yiyumvira kure, mbere n’ukuba azi gutamba neza cane.

Mwomenya ko uno musi Ashley ari mu gacerere kadasanzwe, ntiharamenyekana nimba atazosubira kuririmba, canke nimba ari mu karuhuko bisanzwe. Ashley akaba yarakoranye n’abahinyanyuzi batandukanye ariko cane bakoranye na Masterland.

Deo ngo: “Munyare ryitwa umunywarumogi w’iwabo”

$
0
0

Inyuma y’ugukina igikino Ninde yitwa Munyare, ngo vyamufashe igihe kitari gito kugira yakire iryo zina, noneho anatore ico yokwitwaza mu kuryakira. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Deo Ndaruzaniye mu kiganiro yagiranye n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Muri ico kiganiro, uwo mukinyi w’amareresi akaba n’umuririmvyi w’indirimbo zihayagiza umukama, yamenyesheje ko atarazi ko azokina amareresi, ariko ngo muri kahise yarigeze kwiyita izina ry’umukinyi w’umunyecongo yakina ibikino Ku nsamirizi.

Uwo mukinyi Munyare yanagarutse Ku nkomoko y’iryo zina, aho yavuze ko barikoresheje kubera umuntu w’iwabo yarasanzwe anywa urumogi. Noneho riba riramufashe kuko baciye babandanya bamwita Munyare.

Deo yabwiye Bujahit ko vyamugoye kuryakira, ariko aza gutahura ko umunyare ari igiti gishingwa mu matongo kugira amatati ahere, noneho afata ingingo ko azorikoresha ngo abantu bamenye ivyiza n’ibibi.

Munyare akaba yavuze ko atunzwe n’uwo mwuga wo gukina, uretse ko hari n’utundi dukorwa two kwiyungunganya asanzwe akora.

Mwomenya Ko Deo afise abana 9 n’umutambukanyi, akaba kandi afise n’abuzukuru ariko ngo nta buzukuruza afise.

Emery sun ngo naho vyogenda gute ntaho abaririmvyi bozoshika

$
0
0

Emery Sun ararahira akarengwa ko atanahamwe abaririmvyi bopfa bashitse mugihe ubuzima babamwo kumbuga ngurukanabumenyi ataribwo buzima ubasangamwo mubuce babamwo canke mubuzima busanzwe.
Mumajambo umuririmvyi Emery Sun yayaze n’umumenyeshamkuru wa Indundi yashimitse neza mukwemeza ko abaririmvyi b’Uburundi hafi ya bose bashonje kandi atamafaranga yokwiratira bafise, ahubwo bakwiye kwitonda bakaja hamwe bagafashanya kuko inzara irahari no muri abo benshi bibaza ko boba bafise amafaranga canke boba bari hejuru y’abandi.Emery Sun yongeye ati:

“Ubuzima bwo kuri social media sibwo buzodutunga ahubwo ivyo turondera uyu musi nivyo bizokomeza ejo hacu hazoza vyiza rero abaririmvyi twohagarika kwibeshera, ukwishira aho tutari kuko vyo vyodufasha kumenya uko dukwiye kwifata no kumenya aho tutarenza, ivyo navyo bituma nuwipfuza gufasha umuririmvyi amenya uko yomufasha naho bitagenda kugira abe ariho ahera.”

Mwomenya ko Emery Sun yashikirije ivyo mugihe aheruka gushira ahabona amasanamu y’indirimbo KAPA.

Masterland yagarutse Ku bucuti bwiwe na Nelladenatt

$
0
0

Masterland yabajijwe ico apfana na Nelladenatt, kuko atabura umwanya munini ku rubuga rwa Land rwa Instagram.

Mu kiganiro “umukubito”, Masterland yavuze ko ata kintu kidasanzwe basana, ahubwo ngo n’incuti yiwe asanzwe amufasha mu bikorwa bitandukanye.

Masterland yabajijwe impamvu ariwe wenyene yabonetse cane igihe c’indirimbo “ikimetemete”, yishura ko n’abandi yabashizeko, aho ni nka Nella de Natt, Mow Kanzie, n’abandi, ngo na Tetero yarashatse kumukoresha ariko ntivyakunda kubera uburongozi bwiwe butabikunze.

Mwomenya ko hari hakwiragiye ibihuha ko uwo muririmvyi yoba asigaye asohokana n’uwo mwigeme yigeze kuba icababa ca Miss Burundi, ariko ku mpande zose bakaba bagiye babihakana.


Chris Biz ngo aricuza umwanya yataye naho yakora ivyo akunda

$
0
0

Chris Biz ngo aricuza kuba yarataye umwanya, naho yakora ivyo akunda ico gihe. Ivyo n’ivyaheruka gushikiriza mu kiganiro yahaye imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi yavuniye akagohe abakiri bato ko ku myaka iri hagati ya 15 na 25 ariho umuntu aba akwiye gukoresha inguvu ziwe kugira agire ico aronse. Akabasaba kudatakaza umwanya nabo, ahubwo batangure barondere amahera.

Chris Biz muri ico kiganiro yagarutse kuco ayo mafaranga yahaye ikibanza ca 1 amumariye. Chris yavuze ko ubu ashobora kwirihira amafaranga agakora amasanamu y’indirimbo, mu gihe mu myaka iheze bitamworohera kuko ata buryo yaba afise.

Chris yanaboneyeho akaryo ko gutumirira abakunzi biwe ngo bagume bari maso, kuko hari indirimbo yiwe yitwa Agacupa igiye gusohoka muri irici.

Mwokwibuka ko Chris yagabanije cane umwanya wo gukora umuziki, noneho agaha umwanya munini kurondera amafaranga, aho ubu afise iduka ry’impuzu mu gisagara ca Bujumbura ahitwa Plaza.

M Nif Jimbo aravunira akagohe Fizzo, Sat-B na Fabelove, B-Face

$
0
0

Mumisi mike amaze ariko arakora, ni umwana akiri muto kandi akongera akaba n’impfumvyi ariwe M Nif Jimbo abandanya yerekana ubushobozi bwiwe mu mudiho wa RAP.

Abicishije mukiganiro yakoranye na Indundi Tv ushobora kuronka uciye ngaha
👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾
https://youtu.be/16_cJZ0uq7w

Ni M Nif Jimbo yavuze amwe mu majambo yumva kubwiwe ko ariyo yokwubaka umuziki ndundi ndetse akanawukomeza aho yatanguye asaba abakunzi biwe kumukurikirana ndetse no kuza baramuterera ivyiyumviro kugira ngo iyo atanze ubutumwa, azobutange neza abona ko bufise aho buriko burashika
Ariko akaca agirako avuga ati:

“Ubutumwa noca ngirako Abaririmvyi bagenzi banje, nuko umufana azokora ivyo twebwe tumweretse, tukabanza ubwacu tugashigikirana, jewe ngashigikira uyu nuriya ntaravye ngo ni naka,
Akarorero Big Fizzo agakora follow kuri Instagram ya Sat-B maze Sat-B nawe akabikora kuri Big Fizzo bikaca vyongera bikaba uko hagati ya B-Face na Fabelove
Gutyo nabadukurikirana bakahakura Akarorero keza bakumva ko bagomba gukurikirana no gushigikira umuririmvyi uwariwe wese w’Uburundi. “

Aho natwe tworangiza tubibutsa ko M Nif yashikirije ano majambo mugihe yari aje kuvuga no gusigura ubutumwa buri mu ndirimbo yiwe yise NANJE NZORONKA yakoranye na Aubin Lux
👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾
https://youtu.be/38jK5-eXq6s

Big Fizzo agiye kuboneka mw’ireresi ry’uruhererekane

$
0
0

Hampande y’ingabire zo kuririmba Big Fizzo aranafise iyo gukina amareresi, ivyo bikaba bigiye kubonekera mw’ireresi nshasha y’uruhererekane iriko irakinwa.

Iyo reresi ikaba igize igihe iriko irakinwa, ikaba iri mu minwe y’umuririmvyi, umunyamitahe mu kinyamakuru ca hano iwacu, eka akaba kandi umukinyi n’umwanditsi w’amareresi, Kook k.

Ntiharamenyekana akazina k’iryo reresi rizobonekamwo uwo muririmvyi, eka ntiharanamenyekana igihe izosohokera. Eka n’abazoyibonekamwo ntibaramenyekana uretse Mugani Desire.

Amashusho yerekana uwo muririmvyi ariko arakina yatanguye kuboneka Ku mbuga za WhatsApp za Kook n’umutambukanyi wiwe.

 

 

View this post on Instagram

 

A post shared by King Yann Cool (@kingyacool) on

 

Mwomenya ko Kook k ariwe mwanditsi akaba no mu bakinyi b’imbere mw’ireresi Suzanna ryigeze gukundwa cane hano iwacu, ubu iryo reresi rikaba riboneka Ku rubuga rwa YouTube.

Chris Biz ngo nta bucuti bundi agirana n’aba Video Queen

$
0
0

Chris Biz ngo abakobwa bipfuza kuja muma Clip Video ntibari bakwiye gutinya kubikora, kuko n’akazi mu tundi nkuko yabiyagiye imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Muri ico kiganiro Chris yabajijwe nimba ata bundi bucuti agirana n’abo bakobwa, avuga ko ata buba buhari kuko we nabo baba bari mu kazi Kaba kabazindukanye.

Ivyo akaba abivuze inyuma yaho hari umwigeme nawe asanzwe akora ako kazi ko kuja mu ma Video nawe ahimiririje abandi bigeme kwitabira ako kazi kuko ngo gashobora gutunga umuntu.

Ariko naho wumva biruko, hari abavuga ko ikiba conyegeje inyuma y’ukwo kuja mu masanamu y’indirimbo zitandukanye ngo harimwo n’ubusambanyi buba hagati y’abo baririmvyi n’abo bigeme naho babihakana ku bwinshi.

Kidum yanditse indirimbo yisunze inkuru y’ukuri

$
0
0

kidum ngo agiye gushira ahabona iyindi ndirimbo nshasha, naho hataramenyekana vyukuri umusi ako karirimbo kazoshirirwa ahabona.

Dufatiye Ku majambo yanditse Ku rubuga rwiwe rwa Instagram, uwo muririmvyi yamenyesheje ko ako karirimbo gashasha kazokwitwa “Niko na Mke” kakaba kanditswe hisunzwe ibintu vyabaye “True Story”.

“Niko na Mke is the new song inspired by a true Story”

Kidum akaba ashikirije ivyo inyuma yaho akoranye akaririmbo n’umunyaKenya Otile Brown, ako karirimbo kakaba kaciye gashirwa mu rukurikirane rushasha rw’uwo muririmvyi, aho ni mu gihe vyibazwa ko ako karirimbo koba ari aka Kidum.

Abishikirije kandi inyuma yaho bivugiwe ko Kidum na Big Fizzo boba bagiye kandi gukora akandi karirimbo. Ivyo navyo bikaba vyari bifatiwe ku majambo yari yanditse kuri Facebook.

Viewing all 3189 articles
Browse latest View live