Quantcast
Channel: music – Indundi | Promote Burundi Beauty online
Viewing all 3189 articles
Browse latest View live

Mista Champagne ngo niwe muririmvyi wambere aguriwe imodoka n’abafana abandi ngo nibipime.

$
0
0

Ngo ico yashatse ko kiba imperuka kirabaye nimba hari uwundi muririmvyi yipfuza kwipima n’agerageze asabe imoto arabe ko ayihabwa.

Umuririmvyi Mista Champagne aheruka gusaba ko Abakunzi biwe bomucangira, kugira arabe ko nawe yotemberera mumuduga, ubu umuduga ubarizwa mubiganza vyiwe kandi akanakenguruka bimwe vy’imva mutima kuko ngo umukunzi w’akazi kiwe wese aho ari yishime kandi avyishimire yumve ko ari umu boss.

Abicishije mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru yagize ati:

“Jewe nije muririmvyi wenyene afise abafana bake ariko kandi bakundana,
Sinibaza ko ico nkorewe uyu musi hari uyundi muririmvyi yoba aragikorerwa n’umufana wiwe, ahubwo rero kariko kanya ko kugira ngo bamwe bata amajambo mukuncafuza no mukuvuga ayamuhe ahubwo baze kuko bamwe ni nkabakuru banje”.

Ariko Champagne akabandanya gira ati:

“Nimba kuva itariki cumi n’umunani 18 z’ukwezi kwa gatanu ariho nasavye ko banterera ubu akaba ari itariki zine 4 zukwezi kwa gatandatu urumva ko ari urukundo rudasanzwe , rero ntimuze mutangare nkoze igiteramo i burayi ukabona cuzuye kandi narihishije amafaranga angana n’idorari 100 ($100) kuko nimba umufana wanje yoyampa ataco namukoreye ntacobuza kuyampa ariko ariha concert.


Ibimenyetso vyerekana ivavanura rya MB Data na label ya MA

$
0
0

Mb data ntakibarizwa mu nzu y’ubuhinyanyuzi ya MA Production, ivyo bikaba binabonekera mu bikorwa ibi na biriya ariko arakora ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha.

Kimwe muri ivyo bimenyetso nuko uwo muririmvyi ariko aramenyekanisha urubuga rushasha rwa Youtube ngo agiye kuza arashirako indirimbo ziwe, aho ni mu gihe urwo yarasanzwe akoresha rubarizwako amashusho ashika 18, nayo abamukurikiranye kuri urwo rubuga bakaba bashika 18,600. Urwo rubuga narwo rukaba rwari rumaze imyaka 2 rutanguye gushirwako amasanamu.

Mu makuru duheruka kwandika kuri runo rubuga aho twavuga ku bagize Label yo muri MA, twabamenyesheje ko bose bafise uko badakurikirana abantu benshi ku mbuga ngurukanabumenyi basanzwe bakoresha. Ku musi wa 3, nukuvuga igenekerezo rya 3 ruheshi, twakubitiye kuri urwo rubuga dusanga n’abo yakurikirana nta numwe agikurikirana.

Ariko hampande y’ivyo bimenyetso, uwo muririmvyi akaba yaraniyemereye biciye ku murongo wa Telephone ko atakiri kumwe n’iyo nzu y’ubuhinyanyuzi yamufasha, ariko akaba yamenyesheje ko ata vyinshi yoshima kubivugako.

Umuntu yokwibaza rero ico urwo rubuga rwa kera rwa MB Data ruzohava rubandanya rushirwako, canke nimba ruzohava ruhindurirwa izina noneho habandanye hashirwako izindi ndirimbo z’abari muri MA, canke nimba hazohava humvikanwa ngo babashe kuraba uko basubiza hamwe, canke bakorana noneho urwo rubuga rusubire mu minwe ya MB Data.

Mukibuka ko akaririmbo kiwe ka nyuma yaheruka gushira ahabona ari akaririmbo YAYAYA yakoranye na Kidum, ubu kakaba kari kamaze gushikana abarenga 17,000 bamaze kukaraba. Nayo muri MA akaba ahasize Kingorongoro nawe amaze amezi makeya ahashitse.

Lolilo ntarota yifatanya n’abashobora kwiba abanya Gatumba

$
0
0

Amajwi abatari bake baheruka kwumva, aho Lolilo yihanangiriza avuga ko adashobora kwemera ko bafasha abanya Gatumba, ahubwo ngo nibamufashe we, avuga ko abayasohoye bashatse ko abantu bamubona nabi, kuko barateranije amajwi menshi kugira abantu bumve ivyo atavuze.

Mu kiyago na Landry, uwo muririmvyi yavuze ko ivyo abantu bumvise atarivyo, kuko arya majwi ari amwe muyari mu kiyago kinini yagiranye n’umwe mu Bantu bategura igiteramo, ariko atashatse gushikiriza.

Lolilo avuga ko intandaro ari uko atemeye kuja mu baririmvyi bariko bashirwa Ku rutonde rw’abazokora igiteramo co gushigikira abanyagatumba, noneho baca basohora amwe mu majwi yari yamwishuye.

Ivyo Lolilo akaba abivuga afatiye kuko ngo abo bategura ivyo biteramo bamaze gutegura ibiteramo vyinshi bifise intumbero yo gufasha, ariko bikarangira bivye amafaranga yaragenewe abo bafise ibibazo. Lolilo rero ngo yabikoze kubera atashaka ko bamubesha.

Akaba yanaboneyeho akaryo ko gusaba abantu bashaka gufasha abanya Gatumba ko ngo bokwegera ishirahamwe ry’abaririmvyi kugira Abe ariryo ribafasha gutegura ibintu bizonze neza, kandi ngo Abe ariryo rihamagaza abaririmvyi.

Mwokwibuka ko Lolilo ari mu baririmvyi bakunze kuboneka mu biteramo vyo gushigikira.

Kirikou ngo Kuba Big Fizzo yarahavye ntivyamubujije kugira urukundo

$
0
0

 

View this post on Instagram

 

A post shared by #Ikidoma🗿 (@kirikou_akili) on

Kuri uyu wa mungu igenekerezo rya 7 ruheshi, Kirikou yashimwe n’abatari bake Ku butumwa yatanze abuha Big Fizzo biciye Ku rubuga rwa Instagram, aho yashima kuba yaramufashije, kandi nawe aho ageze yahageze arushe.

Ubwo butumwa bukaba Atari ubwa mbere abumuhaye kuko mu misi iheze, uwo muririmvyi yari yamwandikiye aho nyene kuri Instagram ubundi butumwa bukomeye nabwo bwakoze kuri benshi.

Kirikou Yagize ati : “ @bigfizzo
Intambwe uriko warayiruhiye cane, ariko ntivyabujije kugira umutima w’urukundo. Urantora umfata ukuboko kugira ungeze kundoto nanje narimfise.
Mon papa je ne t’oublierai jamais dans ma vie😞
Uwamungu mwiza ncuti zanje
Imana ibaje imbere mushike kundoto zanyu.🙏🏽❤

Ubwo butumwa bwaherekejwe n’ishusho yerekana bariko barakora amasanamu y’indirimbo Binua baheruka gukorana n’uwo yita umuvyeyi wiwe, yakunzwe “Like ” n’abarenga 497 mu masaha 9 gusa ayisohoye. N’ayo abarenga 14 bakaba bataretse kugira ico babishikirizako, abo bakaba bari mu  barenga 11,100 basanzwe bamukurikirana.

Mwomenya Akaririmbo Binua baheruka gushira ahabona kamaze kurabwa incuro zirenga 53,000 mu masaha adashika 96.

B Face ngo akosora abaririmvyi bakomeye muri RNB muri Studio

$
0
0

B face ngo s’irya mbere yandika indirimbo iri mu mudiho wa RNB, ivyo akabivuga yishimikije ko aho hambere ataramenyekana cane kuri Hip Hop, ngo yarakoze izitari nke ziri muri uwo mudiho.

Mu kiganiro na Hosy, B face avuga ko umudiho wa RNB awukora neza, kuko ngo hari n’abaririmvyi batari bake vyitwa ko bakomeye muri uwo mudiho yama yakosoye igihe baba bariko bakora indirimbo.

“Mw’ijambo rimwe nkunda umukobwa mwiza,
Kandi tuvyumva kumwe ntiyigera amaramaza,
Twahisemwo kuba umwe kugira twubake urugo rwiza.
Tunapendana sana, tena tunaelewana sana,
Kandi tubishimira Imana yo yaduhuje tukabana,
Ni naco gituma bintera kwishima,
Muzane abanyu ndabe
.”

B face avuga kandi ko ako karirimbo icatumye agakora, nuko uwakoze Beat yakoze iyitajanye na Hip Hop aca ahitamwo kutamumaramaza, yiha kuyikoreramwo RNB, ari naho yaciye afatira abona kwandika indirimbo isanzwe.

Uwo muririmvyi yahavuye aboneraho akaryo ko kuvuga ko Hip Hop akora ari iy’iririmbitse, ngo kugira abantu ntibarambire, nayo uwo irambiye, ngo abe ataco aba asanzwe akunda.

Mwomenya ko B face avuga ko ako karirimbo kari muri Rap Romantic, mu gihe izo yaransanzwe akora we yayita Rap Yuda.

Kirikou ngo ntazi nimba hari n’ubwenge yoba afise

$
0
0

Mu gihe indirimbo yiwe Binua ibarizwa mu bashika 55,000 mu misi mikeya gusa, Kirikou yabajijwe n’abafana biwe kuri Instagram, ikibanza abona ko afise uno musi mu muziki, we avuga ko atavyo azi.

Muri iyo Live yakoze ku muhora wa Instagram kuri uyu wa Mungu, igenekerezo rya 7/6 mu masaha y’inyuma y’umutaga, yambaye umwambaro wa gisirikare, yavuze ko ikibanza agihabwa n’abafana biwe.

Yanabajijwe ubwenge afise iyo abukura, ubona ko aririmba indirimbo bivugwa ko ariwe azandika zirimwo amajambo ahinyitse cane. Yishuye ko we atazi nimba vyukuri afise ubwenge, mukamenya ko hari urukurukuru ruvuga ko yoba yandikirwa indirimbo na Big Fizzo.

Mwomenya ko Kirikou ata muntu numwe akurikirana ,”Fellow” ku muhora wa Instagram, nabo muri Bantu Bwoy iwabo akaba ata numwe akurikirana, ariko we akaba akurikiranwa n’abarenga 11,100.

kolly Da Magic agiye kuza ninzu y’iwe y’ubuhinyanyuzi nshasha.

$
0
0

Kolly the magic ngo vuba agiye gushira ahabona inzu yiwe y’ubuhinyanyuzi inyuma y’uguca munzu zitandukanye zisazwe zihinyanyura indirimbo zahano mu gisagara ca Bujumbura.

Ni inyuma yukuva muri Wanainchi Entertaiment, Umuhinyanyunzi Kolly the Magic bivugwako agiye gushira ahabona studio yiwe eka n’ivyuma biza vyaramaze gushika uwomuhinyanyuzi akanaba n’umuririmvyi akaba amaze gukora indirimbo nyinshi cane zagiye zikunda mu muziki ndundi zikanatwara n’amahiganwa meshi atandukanye.

Mwomenya ko uwu muhinyanyuzi asazwe ari n’umuririmvyi kwagiye gusohora kandi ikindi gikorwa naho umusi canke ukwezi bitaramenyekana ariko akazoba arikumwe n’umuririmvyi ataramenyekana izina gushika ubu ariko indirimbo ikaba yakorewe muri MA Production, akaba yaheruka gukora mukwezi kwa Ndamukiza indirimbo barikumwe na Chirba Dia nawe asazwe arin umuhinyanyuzi bise Ijwi.

B Kora we ngo umuhinyanyuzi nta majambo canke amarira amushira we ngo ni Cash

$
0
0


Igihe kitari kinini nico uyu mwana w’umwigeme amaze mu muziki, ariko ku ndirimbo zitarenga zitatu ariko arerekana ubushobozi butari bumenyerewe mu muziki w’Uburundi na cane cane kubigeme.

Abicishije mukiganiro yakoranye na Indundi Tv ni B Kobra yishuye ku kibazo c’uko abigeme boba basabwa amananiza n’abahinyanyuzi mu kubemerera kubakorera indirimbo,
Akoresheje amajambo magufi ni B Kobra yagize ati:

Ivyo bivugwa nanje mpora ndavyumva ariko muvyukuri, vyose biva kukubura amafaranga ariko jewe sinokwemeza ngo biramaze kumbako canke ngo ndamaze guhura n’uwunsaba ayo mananiza (kuryamana) kuko iyo ngiye muri Studio umuhinyanyuzi ntabintu vyinshi bitandukanye n’akazi tuganira, ahubwo mukworosha ibintu ndaza nitunganije nkaba nzi ko ndamuzaniye amafaranga kandi ko agomba kunkorera ibikwiranye n’amafaranga nazanye.

B Kobra aho yashikirije ayo majambo mugihe yari umutumire wacu Kuri Indundi Tv aho yaraje aje kutuyagira intumbero yo gusohora indirimbo No Stop.
Ikiganiro kigiye kuja ahabona vuba kuri YouTube channel ya Indundi Tv


Sat-b yagize ico ashikiriza kw’iragi rya Nyakubahwa Pierre Nkurunziza

$
0
0

 

View this post on Instagram

 

A post shared by Sat-B intelligent Bad Boy (@satb_satura) on


Sat-b ngo yarakoze mu ntoke umukuru w’igihugu Kandi yaba se canke sekuru atawigeze amukora mu ntoke. Ayo n’amwe mu majambo Sat-b yashikirije Ku rubuga rwa Instagram n’akababaro kenshi inyuma y’ukwumva ko Umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yitavye Imana.

Mu majambo yashikirije yavuze ko azobwira abana biwe ko higeze kuba umukuru w’igihugu yakunda Urwaruka, kandi ko igihe kimwe yigeze kubabwira ngo  “Tukamatie Chini Vijana”.

Sat-b akaba ari mu baririmvyi batari bake nabo bashikirije ikiri Ku mutima inyuma yaho Uburundi bubuze giturumbuka umukunzi wa benshi.

Mukibuka ko Nyakwigendera Pierre Nkurunziza yitavye Imana inyuma y’imisi 3 agwariye mu bitaro vyitiriwe Imyaka 50 y’ukwikukira y’Uburundi I Karusi.

Gukora cane nico Miss Erica yakuye i Kigali

$
0
0

Aho yari kuri Live ya Instagram, Miss Erica yamenyesheje abanya Kigali ko nawe abakunda nkuko babandanya kumwereka urukundo bamukunda.

Muri ico gihe yavuze ko Urwanda rufise vyinshi rwamwigishije igihe yariko arahakorera, ubona yahamaze igihe kitari gito, hari na Label yamufashije isanzwe ikorera i Kigali.

Twabashije kumubaza ico yahigiye, yishura ko yahigiye gukora cane. Ngo yisanze mu baririmvyi bakora gose, nawe biba ngombwa ko abona ko gukora cane bifise akamaro.

Yabandanije avuga ko atawodeha ko uno musi umuziki nyarwanda wamaze gusiga cane umuziki ndundi, naho aho hambare abanyarwanda basuma umuziki hano iwacu.

Miss Erica muri ico kiyago yagiranye n’abakunzi biwe, ntiyaretse kuvuga ko aticaye ngo hari ibikorwa bitandukanye ariko arakora, igihe kigeze ngo muzobona ibintu biboneka.

Big Fizzo yerekanye igihe yaherukira gukora mu ntoke Nyakwigendera Pierre Nkurunziza

$
0
0

Akoresheje imbugahuriro asanzwe akoresha nka WhatsApp, Instagram na Facebook, Big Fizzo nawe yerekanye akababaro afise kubera ukubura giturumbuka umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza.

Big fizzo yashize kuri izo mbuga ishusho aho yabonetse aramukanya na Nyakwigendera. Ico gihe hakaba hari inyuma y’inyigisho zahawe urwaruka zo kubakundisha igihugu, zikaba zatangiwe kuri Lycée Nyakabiga.

Mu majambo yanditse, yamwipfurije kuruhuka amahoro, yongera avuga ko ari akababaro kenshi kandi ko ico gihe ca nyuma yaramukoze mu ntoke.

Mwokwibuka ko Nyakwigendera Pierre Nkurunziza agiye hari hasigaye imisi mikeya ngo ashikirize ubutegetsi uwaheruka gutorwa ngo azomukorere mu ngata. Akaba yari yafashe ubutegetsi mu mwaka wa 2005, akaba yitavye Imana yarafise imyaka 56 azize uguhagarara kw’umutima.

Andy Mwag ngo Kuronka Ibiganiro I Kigali ntivyari vyoroshe bagishika

$
0
0

Andy Mwang na bagenziwe basanzwe bakorana umwuga wo kuririmba mu manza, Karaoke, ngo ntivyari vyoroshe bagishika I Kigali.

Mu kiyago na Yago Tv Show I Kigali, Andy yavuze ko kugira babashe kuronka ibiganiro I Kigali, ngo bitaboroheye, kuko abamenyeshamakuru batari babazi, ariko ngo uko imisi yahera niko inzira zagenda ziboneka.

Izo nzira Andy avuga ngo zuguruwe n’uko abo bamenyeshamakuru batanguye kubabona muri Karaoke, noneho babona ko bashoboye, barabizera batangura kubaha ibiganiro.

Muri ico kiyago nyene, Mwag yaboneyeho akaryo ko kuvuga ko EP1 yiwe “Nisaidie, ibarizwa ku rubuga rwiwe www.andymwangmysic.com hamwe no ku mbuga zigurisha umuziki, ku bashaka kuzigura. Kubashaka kugurira muri website yiwe, iyo EP ikaba igurwa 8000 frw (~8$).

Mwonenya ko Andy Mwang ari umwe mu bigeze kuba muri Bodaboda Band ya Kidum mu kiringo c’umwaka, aho yavuza igitari. Ubu akaba akorera I Kigali, akavuza umuziki mu bikorwa bitandukanye, birimwo ama Studio, imanza n’ububare.

Kirikou yarahiye ko atawumwandikira indirimbo

$
0
0

Mu kiyago na Fanny, Kirikou yavuze ko abigeme batari bake kandi bamusumba imyaka bama bamwihenzeko, ariko we ngo kuko atavyo akoreramwo, arabirinda.

Kirikou muri ico kiganiro nyene yabajijwe uwumwandikira indirimbo kuko ivyo yandika n’uko angana bitangana, avuga ko atawumwandikira indirimbo, ngo niwe yiyandikira we nyene.

Aho ni mu gihe indirimbo ziwe abatari bake bibaza ko zoba zandikwa n’uwundi muntu ashobora kuba abarizwa muri Bantu Bwoy, uburongozi “Management” asanzwe abarizwamwo.

Mukibuka ko indirimbo Binua uno musi ibarizwa mu barenga 78,000 bamaze kuyiraba ifise ubutumwa busa n’ubuganisha ku bikorwa vyo mw’ibanga bikorwa hagati y’abafise ibitsina bitandukanye.

Umurundi wambere yaraye akwije abantu barenga 1.000.000 kuri Youtube

$
0
0

Umuririmvyikazi  Iry Tina  kurubuga  rwiwe rwa Youtube yaraye akwije abantu bamaze kuraba indirimbo yiwe barenga 1.000.000 mukiringo kitangana n’ukwezi kumwe. Akaba abaye umurundi wambere ageze kuri ugwo rwego ku curo yambere muba Star bose ba hano iwacu.

Indirimbo y’umuririmvyikazi Iry Tina “Hold Me” n’imwe mu ndirimbo igihe yasohoka kw’igenekerezo rya 25 Rusama yateye uruhagarara mubakuzi b’umuziki bivuye kukuntu yarabwa cane mumwanya muto ikaba yaraye ikwije abantu 1.000.000 bamaze kuyiraba ku muhora wiwe wa Youtube mu kiringo kitanangana n’ukwezi kumwe. Ivyo twokwita ko ari imboneka rimwe ngaha mu gihugu cacu kuko atavyari bimenyerewe kubaririmvyi nkabose bamenyekana kurusha abandi abo bakuze kwita aba star.

Iry Tina akaba asazwe afise inzu y’ubuhinyanyuzi muri Uganda,eka akaba yanatanguye kumenyekana cane mukazi kiwe yakora k’ abanyamideri akaba yaranagiye mumahirwana atandukanye yaba Miss.

Mwomenyako ko uwo muririmvyikazi aherutse kumenyesha ibihimba biri kumubiri wiwe yakunda kuruta ibindi mu kwezi kwa Nywandagaro(08)2019,aho yavuze ngo igihimba akunda ku mubiri wiwe  ari amabere, hamwe n’amaguru, kuko abiravye abona bisumba ibindi vyose ubwiza. Mwomenya kandi ko uwomuririmvyikazi kino gihe asazwe ariko akorera akazi kiwe mu gihugu kibanyi c’u Buganda.

Mb Data ngo yavuye muri MA kuko hari hageze ko aja kwironderera

$
0
0

Kutagenda ajanya ivyo yahora akoresha muri MA ngo hari kugira abashe kwironderera ivyiwe, ivyo kandi ngo bikorwa n’umuvyeyi w’incabwenge, ariko uw’ikijuju amuha ibizomufasha. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Mb Data ubwiwe.

Muri ico kiganiro yagiranye na Juste Gael yanse kuvuga nimba Amir yaramuhezagiye canke atamuhezagiye mu kugenda. Iryo ngo n’ibanga ry’umwana n’umuvyeyi.

Nayo Ku kibazo c’impamvu avuyeyo ubu kandi Bari bamaranye igihe, yavuze ko ari kuberako hari hageze. Ntiyashatse kugira vyinshi abivugako, ariko yemeza ko ngo azobandanya aganira n’umuvyeyi kubera uko bizogenda kwose azokwama ari umwana wa Amir.

Muri ico kiganiro nyene yabajijwe nimba afise uburenganzira bwo kuririmba mu biteramo indirimbo yakoranye na Amir, yabishuye mu kubaha ikaze mu biteramo azokora.

Ku kibazo c’amasanamu yari yaramenyereje abantu mu ndirimbo asohoye, uwo muririmvyi yavuze ko atashimye kubikorerako muri kino gihe.

Mukibuka ko uwo muririmvyi yamaze gukora urubuga rwiwe rwa YouTube rushasha, bikavurwa ko n’urubuga rwa Facebook narwo ngo atakirukoresha, ariko urwa Instagram rwo bikaba biboneka ko akirukoresha.


Sat-B ubu nibwo butumwa bugufi yahaye abavuga ko agira mumuduga uzimbutse

$
0
0

Aho muri kano kanya Uburundi buri mubihe bitoroshe ni Sat-B aguma avugwa muri ibi na biriya naho we adashima kwishura cane ivyo bamuvugako.

Inyuma yo kuboneka ari kuri Facebook live agahura n’umuvyeyi arikumwe n’umwana wiwe basa nabatorohewe mubuzima maze umuririmvyi Sat-B akabaha ikaze mumuduga bakajana nawe akabasumira ni Sat-B abandanya kuboneka aho yashize amajambo afise ubutumwa bwerekana ko hoba hari urundi rugamba yoba ariko naho atarashobora kurushikiriza neza.
Sat-B abicishije kuri rubuga rwiwe rwa Facebook  yanditse amajambo avuga ati:
“Ubwiza bw’imodoka n’ukugenda, Kuko aho mvuye muri Garage ndahasize V8 Itagenda.Ngo mpindure?? canke tubanze dufashanye guhindura ubuzima bwacu n’abadukikuje ….??”
Ayo niyo majambo yanditse mugihe  uwo muririmvyi inkuru iva kubamwegereye ivuga ko yoba afise iciyumviro co gusangira duke aronka n’abatishoboye ngo kuko aho we yavuye ahazi kandi akanibutsa ko yamye abivuga akanabiririmba aho yibutsa aho yavuze ati:“UMUSI WAMPAYE UZOMUHE N’URYA, URYA ADAFISE🙏🏾

Samuragwa ngo azobandanya gukunda abaririmvyi nkuko umuvyeyi yabakunda

$
0
0

Willy Nyamitwe ngo n’abaririmvyi nabo bararekuriwe kwinjira mu Ngoro Ntare Rushatsi, ivyo akaba yabishikirije mu kiyago yagiranye na Isaac TV.

Muri ico kiyago, Ambassadeur Willy Nyamitwe yavuze ko abaririmvyi bari basavye nabo kuja kwandika mu gitabo c’iteka co guhoza umuryango w’umuhisi Petero Nkurunziza, noneho basaba umusi wa 6 barawuhabwa.

Ambassadeur Willy Nyamitwe yavuze ko abaririmvyi batari gukumirwa muri uwo mugirwa wo gusezera, kuko bari basanzwe ari abishikira kwa Nyakwigendera Petero Nkurunziza, ngo agiye rero abahanuzi biwe sibo bari guhava baca bashaka kubakumira.

Willy Nyamitwe mu kiyago na DFTV, yahumurije abaririmvyi ko samuragwa azobandanya akunda abaririmvyi nkuko umuvyeyi Petero nkurunzza yabakunda.Ivyo Ambassadeur akaba yabivuze yisunze ko ngo muvyo yarazwe n’umuvyeyi Petero Nkurunziza, harimwo n’abaririmvyi nabo muri rusangi.

Muri ico gikorwa co gusezera, hakaba habonetsemwo bamwe, abandi nabo baboneka bukeye muri uwo mugirwa, aho ni nk’umuryango Bantu Bwoy Ent.

Mukibuka ko abaririmvyi batandukanye bamaze gusohora indirimbo zitandukanye zo gusezera uwo muvyeyi Uburundi n’abarundi babuze batanka.

Big Fizzo yavuze igituma ashira foto gake ku mbugahuriro akoresha

$
0
0

Mu baririmvyi ndundi basohora amashusho Ku mbugahuriro gake, harimwo Big Fizzo asanzwe ari no muri 10 bafise abantu benshi babakurikira kuri izo mbuga nyene.

Mu kiyago aheruka kugirana na DFTV, uwo muririmvyi yavuze ko adapfa gushirako isanamu iyariyo yose, canke ngo yandike amajambo ayariyo yose. Aho ni mu gihe ngo ashobora kumara imisi 7 adasohoye ishusho n’imwe kuri Instagram.

Muri ico kiyago Big Fizzo avuga ko abikora kuko aba ashaka kwandika amajambo ashobora gufasha uwuyasoma uwariwe wese, canke ngo akoreshe ifoto isa neza, atari iyariyo yose.

Aho yanavuze ko abona ko abantu benshi bapfa gusohora amashusho, ngo uyabonye aba asa nabi cane, ivyo akaba we atabishaka Iwe.

Mwomenya ko uwo muririmvyi ku mbuga huriro asanzwe akoresha yaba Facebook canke Instagram asanzwe akoresha ubona ko arizo zikunzwe cane hano iwacu, abamukurikirana barenga 100,000.

Monna Walda ati: ” Imana ntiharirizwa”

$
0
0

Monna Walda nawe ari mu babashije kugira ico bashikirije kwi tabaruka rya nyenicubahiro Petero Nkurunziza.

Uwo mwigeme yigeze kuba icababa ca Miss Burundi yanditse Ku rubuga rwiwe rwa Instagram ko nyakwigendera ataco atakoze mu kubashigikira mu gihe aribo bari batowe muri Miss Burundi.

Ayo majambo yanditswe mu rurimi rw’icongereza, uwo mwigeme asigaye ari umuririmvyi yayaherekeje n’amashusho atandukanye aho babonetse baramukanya n’umuhisi Petero Nkurunziza.

Muri ubwo butumwa, Monna Walda asigaye yitwa Mow_kanzie Kuri Instagram, yahereye kuvuga ko Imana idaharirizwa, yongerako ko ryari iteka ridasanzwe kumumenya.

“Imana Ntiharirizwa, ryari iteka ridasanzwe kubamenya Nyakubahwa Mukuru w’igihugu c’Uburundi. Muraruhuka amahoro Nyakubahwa, kandi mwarakoze kutwizera n’ubufasha mwaduhaye igihe twatorwa muri Miss Burundi.”

 


 

Mwomenya ko uwo mwigeme amaze kurangiza ikiringo ciwe miss Burundi yacuye atangura gukora ibikorwa bitandukanye, birimwo kuba umu MC, umu Youtubeuse noneho mu nyuma afata umwuga wo kuririmba, aho amaze kuririmba indirimbo 2, zanarabwe cane.

Vichou ngo yabujijwe n’ikiriyo gusohora indirimbo nshasha

$
0
0

Igihe c’isabukuru ry’amavuko yiwe, Vichou Love ngo yari yateguye gushira ahabona indirimbo bivugwa ko izoba isa neza cane.

Mu majambo Famba yashikirije Ku musi wa 2 Ku rubuga rwiwe rwa Instagram, yasavye Vichou gutanga irindi sango iyo ndirimbo izosohokerako Ku bakunzi b’ibikorwa vyiwe. Kuvyo twabashije kwumva mu gace gato k’iyo ndirimbo kuri urwo rubuga rwa Instagram rwa Happy Famba.

Happy Famba ntiyaretse kumenyesha ko imvo yatumye uwo muririmvyi wiwe adashira ahabona iyo ndirimbo, ari kubera ikiriyo ca Nyakwigendera Petero Nkurunziza.

Mwokwibuka ko akaririmbo yaheruka gushira ahabona kari kabonetse Ku rubuga rwiwe rwa YouTube mu kwezi kwa 2, akaba yakise Enjoy yagakoranye na Mr Nice, ubu kakaba kamaze kurabwa incuro zirenga 22,000.

Viewing all 3189 articles
Browse latest View live