Quantcast
Channel: music – Indundi | Promote Burundi Beauty online
Viewing all 3189 articles
Browse latest View live

Fabelove yoba agiye kwakirwa muri Empire Avenue?

$
0
0

Haheze igihe kitari kinini Umuririmvyi Fabelove ashizwe kurutonde rw’abaririmvyi bagiye kuboneka mundirimbo izohuza Abaririmvyi benshi bagiye batandukanye aho iyo nayo ari #IZINA REMIX Ya Sat-B.

Fabelove n’Umwe mubazoboneka mundirimbo Izina ya Sat-B ariko kandi niwe abandanya gutera amakenga benshi kuko bakomeza kubazanya ibibazo bigiye bitandukanye aho bagira bati:

“Mbega hagati ya Empire Avenue na Bantu Bwoy Ent nihe mwohimbarwa kubona umuririmvyi asanzwe akora umudiho wa RAP Fabelove???
Urukurukuru harya niyo nkuru

Ni Fabelove yanditse amajambo yasize benshi mumakenga aho yashize amajambo adasobanutse neza ariko yerekana neza ko ashobora kuba ari umwe agiye kwiyunga n’umuryango wa Empire Avenue , aho yanditse kurubuga rwa Facebook agira ati:

“Gusinya na Empire Avenue sicaha, Ni nkuko gusinya na Bantu Bwoy bitari kumbera icaha.
We nawe wari wipfuza ko nosinya he?”

Mbega we aho iwanyu wibaza ko vyoba bimeze gute kuruhande rwa Fabelove ba Empire Avenue??

Ariko mukibuka neza ko uyo Fabelove na Sat-B ari bamwe mubaririmvyi bahoze mumigenderanire atari myiza kumpande zose ndetse bigeze no kuba baterana amajambo atari meza haba mundirimbo ndetse no kumasamirizi.


Fortran Bigirimana ngo yatanguye kuririmba kuko ahamagawe n’umukama

$
0
0

Intandaro y’ukuja kuririmba kwa Fortran Bigirimana ngo s’uko yumvise abishaka, ariko ngo wari umuhamagaro yagize. Aho hari inyuma y’ukubura abavyeyi bose afise imyaka 10, noneho akihereza Imana yahavuye akorera mu nyuma.

Mu kiganiro yagiranye na Fait Divers, urubuga rusanzwe rucishako ibiganiro mu rurimi rw’igifaransa, yamenyesheje ko imbere yuko atangura vyukuri kuririmba ngo yaronse 2 kose akorera Imana mu buryo bukomeye cane, bituma atangura kwimenyereza kuvuza ibicurarangisho vy’Umuziki, ikintu kitari coroshe kuko abaryango bamubona nkako ashobora gusara.

Fortran ku myaka 13 atangura kuririmba, ari naco gihe yahura n’uwahavuye aba umugore wiwe, Ibihe ntivyabaye vyiza, kuko umuntu wese ari mu rugendo rwo gukwiza ubutumwa ngo yama mu bibazo, nkuko we nyene ubwiwe avyiyemerera, ariko ngo we yahisemwo kwizera uwamuhamagaye, kandi nawe ngo ntiyigeze amutenguha.

Bigirimana uno musi afise inkurikirane 3, zirimwo iz’ikirundi n’igifaransa mu ntumbero yo gushikana kure ubutumwa bw’Imana. Izo ndirimbo zikaba zavugijwe mu binyamakuru bikomakomeye mu Bufaransa, co kimwe no mu bihugu bikomakomeye bivuga ururimi rw’icongereza, ivyamuteye kwugururirwa imiryango agakora ibiteramo bikomakomeye hirya no hino ku migabane hafi yose igize isi. Muri izo ndirimbo, Fortran akaba atatamvye yirorera kuko amaze gukorana n’abaririmvyi batandukanye bazwi mu ndirimbo zihayagiza Imana.

Abaririmvyi ngo nibakumbure bemere gufadikanya n’aba DJ

$
0
0
3 buri 7 bagizr runtown dj

Abagize umugwi Runtown Dj bavuga ko guta umwikomo kuba Dj ngo ntibavuza umuziki ndundi, atariwo muti, ahubwo umuti ngo n’ugushira hamwe inguvu kugira ejo hazobe heza, kuri bose. Nayahandi Dj phylbert ngo kutavuza umuziki ndundi ntaco bibahomvya, kuko ababakoresha ntibitayeho ko havuga umuziki ndundi canke ntuvuge.

Mu kiganiro na Siren Vibe, umugwi Runtown Dj ubarizwamwo aba Dj 7, uvuga ko abaririmvyi bakwiye kwigarura kuko uno musi aho ibintu bigeze, ngo batari baba Dj kera biruka inyuma y’umuririmvyi, ubu ngo vyarahindutse.

Banagarutse ku mvo zo kuvuza indirimbo ndundi, aho bavuga ko babikora kuko ari abarundi nabo bipfuza ko n’abaririmvyi nabo batera imbere, kandi ngo inyungu ntiza kuribo, ariko ija ku baririmvyi. Ariko abaririmvyi bo ntibabibona, kuko batabashigikira nabo ngo ibikorwa bigende neza.

Ikindi muri ico kiganiro bashikirije nuko uno musi bo bateguye igiteramo, canke bagategura Mix bakabishira ahabona, ngo abaririmvyi bigira nkaho batabibona, mu gihe bo babafasha mugusangiza ibikorwa vy’abo baririmvyi haba kuma Platform bakoreha canke ahandi hose.

Kuri ivyo birego aba Dj batanga rero bikaba vyakuri bigoye kuvuga ico abaririmvyi babivuga, kuko kuribo ahanini amakosa ari ay’aba Dj kuko aribo batavuza indirimbo zabo, ahubwo ngo bakishinga bavuza indirimbo mva makungu.

Mwokwibuka ko mu misi iheze, abo Dj bari bafatiye ibihano umuziki ndundi mu kiringo c’ukwezi kwose, aho batigeze bavuza indirimbo n’imwe ndundi aho baba bariko bakorera hose, mu nyuma biza kurangira

Kidum na Otile umunyakenya bagiye kuduha gishasha

$
0
0

Umuririmvyi Nimbana Jean Pierre benshi bazi nka Kidum ngo hari igikorwa gishasha kiriko kirategurwa kizoshirwa ahabona mu misi iza. Ivyo akaba yabishikirije ku musi w’ejo ku rubuga rwiwe Instagram.

Kuri urwo rubuga akaba yashizeko amashusho aho aboneka nkaho ariko akora amashusho y’indirimbo naho ataramenyesha akazina canke ubutumwa buzoba buri muri iyo ndirimbo. Ayo mashusho akaba yakurikiranye n’amasanamu aboneka arikumwe n’umwe mu baririmvyi bo muri Kenya.

Ayo masanamu atagira ijwi akaba yaherekejwe n’amajambo aho uwo muririmvyi yavuga ko hari igikorwa kiriko kirategurwa. Kuri ayo masanamu akaba yarikumwe na Otile Brown, aho yavuga ko abantu boguma biteze igikorwa.

Mwokwibuka ko mu kiganiro yaheruka gutanga kuri BBC yamenyesheje ko mu bihe bari bugaranye atagumye yicaye ahubwo hari indirimbo zitari nke yabashije kwandika.

Umuvyeyi wa Preeze 36 yasezeye isi y’abazima

$
0
0

Akoresheje urubuga rwa facebook, Preeze 36 yipfurije umuvyeyi wiwe kuruhuka amahoro, kuko iyo nararibonye yasezeye ino si y’abazima.

Emile wenga yahoze ari umuyobozi w’ubuhinga mu nsamirizi y’igihugu “RTNB”, akaba kandi umwe mu bahoze bashigikira bikomeye umurwi ndangakaranga “Abashazangendo”, yaritavye iyamuremye. Ariko ntiharamenyekana icatumye yitaba Imana.

Uwo muhumure asanzwe ari n’umuvyeyi w’umuririmvyi Dj Prince “Preeze 36”, ari nawe yatanguye kumenyesha abicishije ku mbuga ngurukanabumenyi ko uwo muvyeyi wiwe yitavye umuremyi. Yipfurije umuvyeyi guruhuka amahoro

Chris Biz ngo kudandaza vyamuhaye kubandanya umuziki ata manager

$
0
0

Chris Biz ngo kudandaza vyamutumye uno musi naho ata mu Manager afise abasha kubandanya umuziki kuko ashoboye gushika kuri ino saha kwirihira indirimbo, yaba Video canke Audio.

Mu kiganiro na Ami Pro, Chris avuga ko uno musi umuziki wiwe uhagaze neza cane, kuko ngo abandanya gukora kandi hari na gishasha kiri muri Studio ngo vuba cane kizosohoka. Cover yo ngo yararangiye arayifise, iyo ikaba yakozwe na Hakim.

Mu gihe bamwe bavuga ko bigoye gufatanya umuziki n’ukuririmba, Chris we abibona ugutandukanye nabo. Kuko ngo kurondera ikindi gikorwa ukora ku ruhande, ngo bifasha cane kugira umuntu abashe kubandanya yiyungunganya. Kuko ngo umuziki gushika ata bushobozi bunini ufise bwo kubatunga.

Ariko akemeza ko izina yaronse mu muziki ryamufashije kugira abashe kudandaza, kuko ngo yarikoresheje mu kugira abantu bamenye ibintu vyiza asanzwe afise.

Ku babaza naho ko kudandaza yabihaye ikibanza kinini gusumba umuziki ngo n’ububeshi kuko umwanya yamye aha umuziki ngo wamye ari wawundi nyene. Akavuga ko kuva kera yamye aha amezi ari hagati y’3 n’4, kugira abashe gusohora iyindi, ico kiringo rero ngo ntiyigeze agihindura.

Mwomenya ko uwo musore ava mu ntara ya Gitega, yigeze kuba ari mu mugwi umwe n’umuririmvyi Double jay abarizwa muri Bantu Bwoy.

Bain Turo aremeza ko uguteba kwiwe kuzosobanura vyinshi mumaso y’abibaza ko yihenze.

$
0
0

Igihe ni kinini cane umuririmvyi BainTuro ataboneka cane mubikorwa vyo gusohora indirimbo nkuko vyahoze ataraja muri Label vyatumye benshi babibona nk’uruhombo kuri uwo muririmvyi.

Bain Turo we agira gute inyuma yo kwumva abavuga ko yakubise swata mukuja muri Label??

Ayaga na Indundi yishuye ico kibazo agira ati:

“Ikintu cose nukwitonda, Umuziki waho hambere uratandukanye cane n’uyu musi

Kuba ndi Muri Empire Avenue ariko nkaba ntariko ndumvikana cane hari ibikorwa vyinshi ndimwo, ndiko ndakora cane mbere kurusha kurya nahoze nsohora indirimbo buri kwezi, egome sindavyanse ko hari abenshi baba bipfuza kwumva wa mu BainTuro wabo bakamubura ariko bavuga ngo uwitonze amira ibinoze kandi ngo bukebuke bushikana umusiba kumugezi, rero abarundi bitegure kwakira BainTuro mushasha, afise ibikorwa vyinshi kandi vyiza kandi nkababa hafi ubutagisubir’inyuma

Ukwiyubaka, Ukwitaza kugira ngere kure, kumenya guharanira ico ngomba kuba nivyo bintu bikuru nagendeyeko nk’uwufise indoto yaho ngomba kuzoshika muri kazoza.

Ayo niyo majambo BainTuro yatanze nkinyishu kubibaza ko yihenze akaja aho atarakwiye kuja.

Amajambo ya Fabelove kuri Empire Avenue na Bantu Bwoy, no kuri Collabo bakoranye na Sat-B

$
0
0

Inyuma yo kwandika amajambo agasiga benshi mumakenga arasigura neza ico yashatse kuvuga hagati ya Empire Avenue na Bantu Bwoy.

Abicishije mukiganiro Indundi Hits Show kur’uyu wa 29 RUSAMA 2020 ni Fabelove yavuze amajambo akunzwe kuvugwa na benshi muri Label zikorera hano kubutaka b’Uburundi aho yagize ati:

Gusinya muri Empire Avenue sicaha nkuko gusinya muri Bantu Bwoy atari icaha icatumye mvuga uko nuko hari amajambo akunda kuvugwa hirya n’ino iyo umuririmvyi asinye muri Empire Avenue ucumenga aramenje utari muri Bantu Bwoy bikongera bikaba uko iyo usinye muri Bantu Bwoy ucumenga uramenje kuko utagiye muri Empire Avenue ,
Ariko kandi Akongera akagira ati
“Ivyoba birenze kuri post nanditse vyobazwa Staff ya Empire, kuko ngo hari umuco urenze kuco nobabwira”

Fabelove atuyagira kukibazo c’indirimbo #IZINA REMIX uburemere bwiwe muriyo collabo yishuye ati:

“Indirimbo Izina n’indirimbo izo ikomeye cane kuko n’indirimbo yiyumviriweko cane kandi kurugero rwo hejuru arinaho novuga ko ari Collabo atawundi muririmvyi arayikora ngaha I BUJUMBURA, nanje nkuko iyo mpawe collabo ntigera ndayipfisha ubusa nomenyesha ko ari Indirimbo nashizemwo ubuhinga buruta ubwo nashize mundirimbo #MASTER


B-Face: Abategetsi n’abamenyeshamakuru nibo bakwiye guhimiriza abanyagihugu mu gukunda ivyacu

$
0
0

B-Face asaba abategetse ko boshiraho itegeko ryo kuvuza umuziki w’iwacu kubice mirongo umunani kw’ijana (80%) mu bibanza nka vyose nacane cane ibikunda gushikiramwo abantu bava hanze y’igihugu ndetse nahahurira abantu benshi.

Mu kiganiro yahaye Indundi TV umuririmvyi B-Face aragira inama abamenyeshamakuru bakora ibiganiro vy’umuziki ko bokunda ivyabo gusumba ivyabandi akagirako anasaba abakuru basazwe badutwara ko hojaho itegeko mubibaza bitandukanye nko mubunyero, ubutambiro, mu bibanza bishikiramwo abantu baba bavuye hanze y’igihugu canke aho hose hashobora guhurira abantu benshi hose ivyacu bikaza imbere ivyabandi inyuma twotera intambwe ngo nakare iyo umuntu ashaka gukubura ahera munzu kandi ngo niyo umushitsi aje ashikira muri salon ntabwo ashikira mu cumba.

Rero ngo abarundi turengere ivyodupfa maze dukunde ivyacu ninavyo vyofasha umuziki ushika kurundi rwego ndetse muri rusangi n’ubuzima bw’igihugo bwose.

Ikindi nuko mubintu bituma abarundi badakunda imiziki yabo ngo ni abamenyeshamakuru babigiramwo uruhara runini iyobari kuma Radio basazwe bakorera bari bakwiye gufasha guhimiriza cane ivyacu imbere nkuko n’ababumviriza ngo harigihe bagendera kuvyo bumvise bababwira aha agatanga akarorero ko kwi radio ukumva indirimbo ngo imeze nabi bavuga utunenge tuyirimwo ata n’umuziki bazi ariko iyo umunyamahanga ukumva ngo ninziza ngo irarenze.

B Face aragaruka akerekana akababaro kubona nk’indirimbo ihayagiza ikindi gihugu iriko ica kwiradiyo nkuru y’igihugu Rtnb ihayagiza ikindi gihugu agatanga akarorero k’ururirimbo Kigoma yo muri Tanzaniya kandi hari izindi zihayagiza Uburundi nyinshi ntizinavuzwe ngo nahacu kwikebuka tukikubita agashi tukibuka ibizotuma dutera imbere ko ari ugukunda ivyacu tukanabishira imbere.

Mwomenya ko ubu uwo muririmvyi asanzwe afise impuzu zitandukanye hamwe n’inkofero ariko aragurisha zisazwe ziriko izina ryiwe.

Mukiringo kidashika n’ukwezi kumwe“Izina” ya Sat-B yarabwe n’abarenga 100.000 kuri Youtube

$
0
0

Indirimbo “Izina” ya Sat-b yaraye ikwije abantu 100.000 bamaze kuyiraba ku muhora wiwe wa Youtube mu kiringo kidashika n’ukwezi.

Indirimbo y’umuririmvyi Sat-B yise IZINA n’imwe mu ndirimbo igihe yasohoka kw’igenekerezo rya 11 Rusama yateye uruhagarara bivuye ku majambo yari mur’iyo, amajambo yatumye benshi bagira ico bavuze binatuma hariho murico gihe abipfuza ko iyo ndirimbo yofutwa igasubirwamo gushasha aho twovuga nk’umuririmvyi Snow Kay ari kumwe na mugenziwe Khadafi. Ivyo vyose vyaba kumitego umuririmvyi Sat-B yari yayishizemwo nkuko yahavuye abimenyesha munyuma ko igihe yayandika yashizemwo imitego igera kuri itandatu munyuma bizakurangira bose baramaze gutahura amajambo uwo muririmvyi yashatse kwandika n’ubutumwa bwari mu ruririmbo IZINA ivyanatumwe indirimbo ikundwa cane ikaba yanaraye ikwije abantu 100.000 bamaze kuyiraba ku muhora wiwe wa Youtube mu kiringo kidashikana n’ukwezi kumwe. Ivyo twokwita ko ari imboneka rimwe ngaha mu gihugu cacu kuko atavyari bimenyerewe kubaririmvyi nkabose basanzwe bamenyekana kurusha abandi.

Ikindi nuko uwo muririmvyi nyene amenyeshako iyo ndirimbo isazwe iriko isazubirwamwo n’abaririmvyi batari bake ikazoza yitwa IZINA Rmx akaba  amaze kumenyesha abaririmvyi bazoba bayirimwo nka Bain Turo asazwe ari muri Label yiwe na Fabilove bivurwako nawe ashobora kuba yarinjiye muri uwo muryango naho Sat-B ubwiwe atarabitanganza kumugaragaro, ariko kandi ngo iyo ndirimbo harimwo nabandi batarashima kubavuga kumugaragaro aho umwe mubakekwa koyoba arimwo amaze kuvurwavugwa cane  koyoba ari B-Face on The Flo.

Masterland ngo agiye kugaruka kwatsa umuriro inyuma y’igihe kitari gito ashize ahabona urukwirikirane rwiwe rwa mbere

$
0
0

Indirimbo GONGA ngo niyo igiye kuja ahabona mundwi iza indirimbo Masterland avuga kwazoba arikumwe n’abandi ariko atarashima kubamenyesha kumugaragaro inyuma yiyo yari yise IKIMETEMETE.

Indirimbo GONGA bivurwa ko izosohoka mundwi iza y’umuririmvyi Masterland ikazoba ije ikwirikira indirimbo IKIMETEMETE indirimbo yasohotse isohokanye n’amasanamu ameze neze ugiye kuyiraba no kurubuga rwa Youtube ubu iriko ivyifatamwo neza kuko imaze kurabwa n’abantu 21.000 barenga mu mezi abiri gusa akaba agiye kuzana iyindi kuko abivuga ngo nayo nyene ikazozanana n’amasanamu naho adashima kuvuga uwuzomuherekeza muri iyo ndirimbo ariko akaba agaruka cane akabaza abakunzi b’akazi kiwe ngo ico yohindura canke agakosora haba mu nyandiko, kuririmba, mu mudiho eka no mu masanamu canke muri bimwe twokwita kwidandanza hamwe nukubasaba icoba kibaryohera kuri we yogumako muri ivyo muntumbero y’ukubaha ibibashimisha kuko aribo akorera.

Mwomenyako uwo muririmvyi yaheruka gushira ahabona urukwirikirane rwiwe rwa mbere rw’indirimbo mu mwaka uheze kw’igenekerezo rya 21 Ndamukiza kuri Lacosta Beach, aho ubona ko yabiciye bigacika eka n’abantu bataribake bari bamwitabiriye kumushigikira hatibagiwe n’abaririmvyi bagenziwe aho twabonye nk’umuririmvyikaza Natacha Ngendabanyaka yanashoboye kugura CD ya Masterland  1.000.000 w’amarundi, inyuma y’ayandi yasanzanje mubakuzi b’umuziki baraho.

Ikindi mwomenya nuko Masterland muri kino gihe ikiza ca Covide-19 cateye wewe yihaye intumbero yogusoma ibitabo 50 aho gushika ubu avuga ko amaze  gusoma ibitabo 25 ibitabo asoma akaba ari ibitabo birimwo ivya “Economie”,”Music Bussines” hamwe n’ibijanye na “Leadership”.

Urukurikirane NISAIDIE rwa ANDY MWAG ruvuga ivy’ubuzima yabayemwo

$
0
0

Urukurikirane Nisaidie rw’umuririmvyi Andy Mwag ngo rufise ikintu kini rusiguye ku buzima bwiwe, nkuko yabiyaze mu majambo yaherekeje ishusho rw’urwo rukurikirane yashize ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha.

Muri ubwo butumwa avuga ko ijambo Nisaidie rimwibutsa ibihe yabayemwo yarabuze abavyeyi, abaho asaba kugira abashe gutunga batonya biwe inyuma yaho umwe mu bavyeyi ahitanywe n’urwimo rwo mu 1993, uwundi nawe ahitanwa n’ingwara imyaka mikeya inyuma y’aho uwa mbere ashengeye.

Ku rupapuro ndangarukurikirane -Cover-, aboneka afise itara, iryo naryo ngo risobanura umuco yarakeneye mu buzima bwiwe inyuma y’ukubura abavyeyi, abaryango nabo ngo bagashaka kubatandukanya, ariko agerageza kubirwanya naho bitakunze kuko ata bushobozi yarafise bwo kwitunga n’ugutunga batonya biwe.

Iyindi ndirimbo irangwa muri urwo rukurikirane ni I WILL GET THERE yakoze kubera ibihe yabayemwo mu buzima bwiwe, aho yisanze ari umuntu mukuru kugira abashe gufasha batonyi biwe kuko ata yindi nzira yabona ishoboka kugira abashe kugwanya ko batandukana.

S’izo gusa kuko Indirimbo “Rafiki” yayanditse yongera aranayiririmba kubera abagenzi yaronse mu buzima aribo bamugize ico ari uno musi, nkuko abandanya avyandika muri ubwo butumwa bwaherekeje urwo rukurikirane.

Uwo muririmvyi akaba kandi n’umucuraranzi, ntiyagarikiye ngaho kuko gushika ubu amaze gukora ibitari bike birimwo kuzunguruka mu biteramo bikomakomeye muri Afrika aho yaraherekeje Yvan Buravan yari yatsindiye Prix Decouverte RFI mu mwaka wa 2018. Ico gihe akaba ariwe yariko aramuvugiriza igitari, akavuga ko muri ivyo biteramo yaharonkeye ivyigwa bitari bike.

Mukibukako ko urwo rukurikirane rugizwe n’indirimbo 5 zirimwo Nisaidie, Rafiki Badilika, Amarira, Get There hamwe na Your Love is My Love. Urwo rukurikirane rukaba rushobora kuboneka ku rubuga rwiwe yashinze www.andymwagmusic.com/release/nisaidie/ , abari I Kigali bo bakaba bashobora kurugura bakoresheje uburyo bwa Mobile Money aho rugurwa amafaranga 8000 frw “yababa 24,000 BIF”.

Umubabaro Official Video Niyo igiye gukurikira imbere yuko basohora izindi zibiri

$
0
0

Indirimbo Umubabaro n’imwe mu ndirimbo imaze igihe kitari gito aho ari indirimbo vyabonetse cane ko abakunzi b’umuririmvyi Sat-B n’abakunzi b’umuziki muri rusangi bari banyotewe cane kubona iyo ndirimbo kuva aho isohokeye aho bagumye basaba ko horekurwa video.

Ariko nk’uko benshi bagumye babivuga n’uko label ya Empire Avenue ari imwe mubafise abantu bateba cane kurekura ibikorwa ngo naho iyo babikoze indirimbo zabo zishika kure ngo ntibikwiye ko hoza harahera amezi atanu umuririmvyi yicaye atandirimbo nshasha isohotse kuruhande rw’Umwumwe.

Ariko nkuko Management yo ibivuga Manager Kent-P yemeza ko ibikorwa biriko birakorwa kandi kubwinshi cane kuko we aticaye na Team yose ya Empire Avenue
Kent-P ayaga na Indundi yagize ati:

“Ubu twe turi mubikorwa ari naco gituma ubu uwundondera adashobora kundonka kuko nafatiwe cane cokimwe na Team yose ndetse n’abaririmvyi bose ba Empire Avenue, turi mubikorwa vyo gutunganya amasanamu nkuko nabivuze kandi nguma ndabisubiramwo abantu bumve ko Empire Avenue iticaye kuko umwanya n’umwanya indirimbo UMUBABARO ya Sat-B video iraja ahabona ariko naho bimezuko nuko inyuma yiyo hashobora kuboneka izindi zibiri zije ziva muri Empire nazo zizoca zikurikira kuko abaririmvyi bose biteguye kuja ahabona n’imyiteguro idasanzwe.

Habonetse akaririmbo k’umunyamulenge Gallas na Kidum

$
0
0

Inyuma y’ukumenyesha ko hari indirimbo nshasha yamaze guheza gukorwa yakoranye n’umuririmvyi w’umunyaKenya, uwo muririmvyi yahavuye amenyesha ku musi w’ejo ko hari iyindi yo iza gusohoka uno musi yakoranye n’uwundi muririmvyi nawe nyene abarizwa muri Kenya.

Iyo ndirimbo bise KUBI akaba yayiririmvye afashije uwundi muririmvyi w’umunyamulenge, afise ubwenegihugu bw’Urwanda ariko asanzwe akorera ibikorwa vyiwe mu gihugu ca Kenya. Uwo bakaba bakoranye akaririmbo kanakorewe amasanamu.

Ako karirimbo kakaba kashizwe ku rubuga rwa Youtube rw’uwo muririmvyi Gallas, rusanzwe ruriko izindi ndirimbo itari nke asanzwe aririmba afatiye ku midiho co kimwe n’ubutumwa burabishwa mu banyamulenge.

Vg Wawa mu rugendo rw’ugukora indirimbo mu gihugu ca Brazil

$
0
0

Inyuma yakaririmbo Tora Neza yaheruka gushira kumugaragara ubu naho rwagiye gukubitira muri Brazil kuzana akandi karirimbo.

Umwanditsi akaba n’umuririmvyi Vg wawa ngo yoba agiye gusimbira mu Brazil kuzana ikindi gikorwa gishasha azoshira kumugaragaro inyuma yakaririmbo Tora Neza yaheruka gusohora .

Vg wawa amenyeshako mumisi irimbere ko agiye gukora ikindi gikorwa igikorwa kizokorerwa mu gihugu ca Brazil aho avuga ko indirimbo ariyigiye guhinyanyurirwa ivyo akaba abivuze mugihe yaheruka kumenyesha ko agiye kuboneka nk’inzoka yiyubuye kuko ngo agiye kuba mushasha mu muziki.Mwomenyako mumisi iheze uwomuririmvyi abantu bigeze kw’ibaza ko yoba ari muri Label ya Bantu Bwoy  ivyamiriwe kure nuwo muririmvyi nyene ko atarivyo ahubwo  CEO wayo ariwe Big Fizzo yamubwiye ko aramutse afise gishasha ashaka gukora atokwitinya imiryango ya Studio yuguruye akaba amaze nugukorerayo ibikorwa bitaribike afashijwe niyo nzu y’ubuhinyanyuzi nyene.


Mukiringo c’imisi ibiri gusa, “Inkoni” ya Natacha yarabwe n’abarenga 125.000 kuri Youtube

$
0
0

Indirimbo “Inkoni” ya Natacha yaraye ikwije abantu 125.000 barenga bamaze kuyiraba ku muhora wiwe wa Youtube mu kiringo c’imisi ibiri gusa.

Indirimbo “Inkoni” ya Natacha akaba ari indirimbo iriko irabwa cane ku rubuga rwa Youtube ibiriko binatera amakenga abatari bake mu bakunzi b’umuziki ndundi .Bamwe bavuga ko yoba ari Views yaguze kuko mu musi umwe ata muririmvyi numwe waha iwacu aragera ku rwego two kuronka abantu barenga ibihumbi ijana (100.000)bashobora kurara baravye igikorwa umuririmvyi aba yasohoye kuri urwo rubuga rwa Youtube.

Ivyo bikaba biri uko mu gihe Natacha wewe avuga ko iciyumviro c’ukwandika indirimbo “Inkoni” cavuye k’umugabo wiwe aho  yahora ashika amukubita iyo yakoze amakosa ariko umusi umwe yakoze amakosa abona araje ashitse ntiyamukubita kandi yakoze ikosa aca atangura kwibaza icabaye gitumye adashitse amukubita niko gutangura kwisabira inkoni ngo amukubite gutyo bikunde bihere kubera ngo iyo amukubise  yarumva ko aruhutse kuko vyaca bihera . Niko guca  yiyumvira ko hoba hari abagabo benshi bameze nk’umugabo wiwe ahita yandika indirimbo muri rusangi.

Mwomenya ko Natacha Ngendabanka aheruka gutahukana kandi agashimwe ku ncuro ya kabiri agashimwe kaboneka habanje kuba ihiganwa mu gihugu c’Ubugande. Iryo higanwa rikaba ari Hipipo Music Awards rimwe mu yakomeye muri ico gihugu.

Olga yabwiye Yambi igihe azosubirira I Burundi

$
0
0

Olga ngo umugambi afise n’uwo kugaruka mu Burundi aruko aje azanye ibikorwa bitari bike azoba amaze gukora, kandi bizoba vyifashe neza gusumba uko ubu biri. Ivyo akaba yabiyagiye ikinyamakuru Yambi gisanzwe gikorera mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Muri ico kiganiro casohotse uno musi, uwo muririmvyi yabwiye umumenyeshamakuru ko agarutse mu muziki atagisubira guhagarika, aho n’inyuma yaho ashiriye ahabona akaririmbo gashasha yise Show Me, ako avuga ko kariko kakirwa neza gusumba uko nawe yibaza.

Uwo muririmvyikazi avuga ko ako karirimbo kazokorerwa amasanamu nivyakunda, kuko ubu bidakunda bivuye kuko hari ikibazo ca Corona Virus. Yabajijwe igihe kari kamaze muri Studio yavuze ko ari amezi 2 yaramaze akarindiriye.

Mwomenya ko uwo mwigeme abarizwa i Kigali aho asanzwe akora ibikorwa vyo kuvuza umuziki mu tubare, mu manza co kimwe no mu biteramo baba batumiwemwo, Karaoke. Ubu be n’umugwi barikumwe bakaba baharurwa mu migwi ikunzwe gusumba iyindi i Kigali.

T Max ng’iki ico yasezeranye abarundi bamwitezeko

$
0
0

Kuva aho akoreye indirimbo ari kumwe na Vichou munyuma akamara ikiringo kinini ubu ngo yoba ariko aritegura gushira ahabona ibikorwa bishasha ndetse no gukora igiteramo gikomeye mugisagara ca BUJUMBURA.

Mu majambo yashikirijwe na T Max nkuko tubikesha CelebZone yagize ati:

“Ndi mumyiteguro yihuta yo gushira ahabona igikorwa canje gishasha ubu kandi uhoraho abishatse bikaja muburyo, hari igiteramo c’agakura ndiko ndategura gukora mugihugu c’Uburundi aho azoba ari igiteramo kidasanzwe nipfuza ko coba gikomeye cane kurusha ibindi noba maze gukora”.

Mwokwibuka ko T Max yaheruka mugihugu c’Uburundi aho yaraje gukora igiteramo ari kumwe na Team yiwe WANAHESHI KAMILI.

Umutambukanyi wa Kidum ngo yabonye Nish ugutandukanye n’uko bamuvuga

$
0
0

Esther Nish avuga ko iyo aza kuba ari uwukunda kwumviriza abantu, ngo ntaco yari gupfa yimariye igihe yerekeza i Nairobi mu bikorwa vyo gukora indirimbo.

Mu kiyago aheruka guha Landry, Esther avuga ko ivyo yari yateguye ku ndirimbo yakoranye na Kidum ngo vyagenze uko yabishaka. Aho ni mu gihe abatari bake batabibona kumwe, kuko babona ko indirimbo yasohotse yari gutuma ayishira ku rubuga rwa Youtube rwiwe.

Nish yabandanije avuga kandi ko ashima Imana ko yamufashije umutambukanyi wa Kidum akamubona ugutandukanye n’uko abantu bariko bamuvuga. We ngo igihe abantu bavuga aya muhe, yaciye ashira udupampa mu matwi noneho abandanya akazi kiwe, ngo iyo aza kubumviriza ngo ntaco yari gupfa yimariye.

Uwo muririmvyikazi yanavuze ko atazi ibiri imbere, ariko ngo uko bizogenda kwose ntazopfa yibagiye igikorwa Kidum yamukoreye. Muri ivyo harimwo kumwigisha, kuko ngo vy’ukuri ubwigisha yivugira we nyene arabufise.

Esther muri ico kiganiro na Landry, yavuze ko ubu ahagaritswe nuko yibungenze, nayo ahandi ngo ibikorwa vyo birahari, umwana abonetse nta kabuza ikindi gikorwa kizoca gisohoka. Ariko akaba atabashije kuvuga indirimbo iyariyo n’ubutumwa buzoba burimwo.

Mwomenya ko iyo ndirimbo Esther Nish yakoranye na Kidum iriko ikora ibikora inka ku rubuga rwa Youtube, kuko iriko irababa incuro 1,000,000 imaze kurabwa.

Inkurikirane 2 azoshira ahabona zizomufasha kugira amahoro gatoya

$
0
0

Big fizzo ngo inkurikirane 2 buca ashira ahabona ngo ni mu ntumbero yo guha indirimbo zitari nke abakunzi biwe kugira bahagarike kuguma bamusaba indirimbo buri kanya. Ivyo akaba aheruka kubishikiririza mu kiganiro yahaye imboneshakure ya hano iwacu.

Big Fizzo avuga ko ari ibakwe yagize kugira abashe gukora izo nkurikirane 2. Ivyo akabivuga yisunze yuko ngo atari bose babasha kubikora, ariko we ngo uko agize ico ahabwa mu bijanye n’umuziki ngo aca aja kugahinyanyura.

Muri ico kiganiro Big Fizzo avuga ko igihe azoshirira ahabona izo nkurikirane 2, Desideratus hamwe na Legendary, ngo azobasha kuruhuka akaba arakoze ibindi mu gihe abakunzi biwe b’umuziki bariko bakurikirana izo ndirimbo. Igituma ngo nuko ubu asohora indirimbo inyuma y’imisi mikeya bakaba bamusavye iyindi.

Big Fizzo yabajijwe ivy’amasanamu y’izo ndirimbo zizoba zasohotse, avuga ko muri kino gihe ariko yiyumvira ku gusohoka kw’amajwi gusa. Aho ni mu gihe tuzi ko agize igihe asohora indirimbo ijana n’amasanamu yayo.

Big Fizzo yasiguye ko izo nkurikirane 2 zizoba zirimwo ubutumwa burabisha cane ku buzima bwiwe bwite, ariko itandukaniro rihari nuko Legendary yo wumvirije imidiho irimwo, amajambo n’utundi tubirya ngo yashaka ko azoba umu inararibonye “Legend” nyene.

Viewing all 3189 articles
Browse latest View live