Quantcast
Channel: music – Indundi | Promote Burundi Beauty online
Viewing all 3189 articles
Browse latest View live

Yaba Sat-B, yaba Big Fizzo ngo nta numwe Domitien Ndayizeye azi

$
0
0

Domitien Ndayizeye yahoze atwara Uburundi akaba kandi mu bariko bitoza mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu, ngo yaba Sat-b canke Fariouz ngo nta numwe azi, kuko ubu ivy’umuziki atakivyerekwa, ariko ngo aho hambere hahise nawe yarakanyuguta.

Mu kiganiro n’ikinyamakuru Jimbere, Ndayizeye yabajijwe nimba abaririmvyi b’abarundi Big Fizzo na Sat-b hari numwe azi. Yishuye ko ata numwe muribo azi, n’amazina amwe amwe nka Sat-b bikaba vyamugoye cane kugira abashe kuyasubiramwo.

Ndayizeye ariko naho ivy’iki kinjana mu muziki ataco abiziko cane, avuga ko mu myaka ya 1970 aho yari mu mashure mu bubirigi, ngo yarabashije gutamba akazi. Impera z’indwi ngo nta n’imwe yamusanga mu nzu aho yaba, ariko ngo yarafise umugwi w’abazungu basohokana.

Uwo yahoze atwara igihugu yamenyesheje ko yanagerageje kwiga kuvuza ibicurarangisho nk’ikembe n’igitari ariko biranka.

Mwomenya ko hampande y’uwo abandi bariko bitoreza ico kibanza, nka Dieudonne yamenyesheje ko abazi kandi bakorana, nayo uwuzoserukira umugambwe Frodebu vyabonetse ko nawe ivy’umuziki atabikurikira cane gose.


Dj Iraa ngo ivy’ukwambara nk’umwigeme vyakunze aruko ashitse i Kigali

$
0
0

Dj Ira naho ubu yabaye umwigeme mu nyambaro, ngo siko vyamye kuko akiri kw’ishure hano iwacu, ngo vyari vyaranse. Ariko avuga ko Bisoso ariwe yamufashije kugira abashe kumenya kwambara nk’umwigeme.

Dj Iraa benshi mu bamuzi I Gitega iyo akomoka ngo bamuzi nka Zigidi, kandi ngo inyifato ziwe, uburyo yavuga n’ibindi muri rusangi ngo yaba ari umuhungu. Ivyo n’ivyo aheruka kwemeza mu kiganiro yagiranye n’imwe mu mboneshakure zo mu gihugu kibanyi c’Urwanda, iyo asanzwe yisumamwo muri kino gihe.

Uyu mwigeme akaba muri ico kiganiro yamenyesheje ko ivy’ukuba umuhungu ngo vyaheze kubera igitsure ca Dj Bisoso, papa kandi n’umwigisha wiwe muri uwo mwuga uno musi umutunze muri ico gihugu c’imisozi 1000.

Muri ico kiganiro uwo mwigeme yamenyesheje ko ico gitsure cabonetse inyuma yaho ahejeje kwiga, ivyigwa vyafashe amezi 2, noneho agatangura kuja kuvuza umuziki mu bubare butandukanye I Kigali.Ico gihe ngo yamubwiye ko kugira atangure kuza aramujana kuvuza ahantu ngo akwiye kubanza kurondera uko yambara impuzu z’igikobwa.

Zidigi benshi bazi nka Dj Iraa yabajijwe nimba vyaramuryoheye canke yumva ashaka ko abandanya yiyambarira uduhuzu tw’abahungu. Uwo mwigeme yamenyesheje ko vyamuryoheye kuba yarahindutse, ngo bica biba vyiza cane kuko n’abamukurikirana nabo bahavuye babikunda gusumba.

Dj Ira yamenyesheje ko ivy’ukwambara izo mpuzu ngo vyari vyaramugoye cane kuva akiri I Gitega,I Bujumbura, ubona ko ari naho yarangirije amashure.

Nkuko abatari bake babashije kubibona mu bikorwa bikomakomeye I Kigali, uyo mwigeme akaba asigaye ari rutumwako, haba mu bikorwa vyo mu bubare, co kimwe no mu biteramo bikomakomeye. S’aho gusa kuko no muri Congo naho amaze gukorerayo akatari gake.

Ivya Instagram muri MA ngo n’ibanga ribitswe neza

$
0
0

Mu mpanuro MA Production itanga ku baririmvyi bayo, hoba harimwo ko ku mbuga ngurukanabumenyi zikoreshwa n’abaririmvyi babo atawundi bakurikirana (Fellowing)ataribo? Biragoye kwemeza, kuko n’abaririmvyi nabo ubwabo nta wugira vyinshi abivuzeko.

Mu kiganiro na Siren Vibe, abo baririmvyi bose uko ari 2 babajijwe nimba bakoresha urubuga rwa Instagram, bemeza ko barukoresha, noneho babazwa igituma bakurikirana abantu 3, MB Data aca avuga ko iryo ari ibanga ry’indani.

“Buri gitasha kigira urufunguzo rwaco, kandi kigira uburyo bacugurura n’uburyo bacugarwa. Iryo n’ibanga ry’Indani.” Vyavuzwe na Mb Data.

Aho amakenga abera nuko umwe muribo, Kingorongoro, amaze igihe gito muri iyo Label, nawe yahambije mukuruwe muri ukwo gukurikirana abantu 3 gusa. Imbere akaba yarasanzwe akurikirana abantu benshi, ariko mu nyuma aza kubivamwo “Unfellowing”, noneho hasigaramwo abantu 3.

Mb Data akaba gushika ubu amaze gushikana abantu 8775 bakurikirana ibintu vyiwe. Uwo muririmvyi akurikirana abantu 3, Kingorongoro barikumwe muri label, Amir Mugisha Manager wiwe, hamwe n’uwundi yitwa Benlucheng. Mb Data ashirako ibintu kuri urwo rubuga gake, kuko hagati y’ifoto canke Video n’iyindi bitaja musi y’imisi itari mike, tukaba twafatiye muri aya mezi 3 aheze, kuko yashizeko amashusho 5 gusa. Ikindi kiboneka nuko amaze gushirako amashusho 103, kandi 80% bishoboka ko zitafashwe na Telephone.

KIngorongoro nawe akurikirana abantu 3 kuri Instagram, Mb Data, Amir Pro hamwe na MA Production gusa. Mu myaka irenga 2 amaze kuri urwo rubuga akaba akurikiranwa n’abantu 3565, amashusho amaze gushirako ni 469. Co kimwe na Mb data Kingorongoro amashusho amaze gushirako mu mezi 3 n’amashusho 5.

Dusimbiye kwa Amir manager wabo, amaze gushirako amashusho 63. Amashusho ya nyuma yabashije gushirwako akaba ari 3, yashizweko mu kwezi kwa 7 mu mwaka wa 2019, 2 akaba yashizweko ukwezi kugitangura noneho iyindi ishirwako ukwezi guheze, ari nayo iherukako. Amir amaze gukurikirwa n’abantu 1934, nawe agakurikira 719. Mubo akurikira Kingorongoro ntarimwo, ariko Mb Data we arimwo.

Mwokwibuka ko Amir ari muba Producteur ba kera bagize ico bafasha abaririmvyi batari bake, mubo yafashije harimwo Yoya Jamal, Emery Sun hamwe na Sat-b. Akaba amaze gukora mu ma Studio atari make, harimwo ayugaye n’ayagikora, imbere yuko asubira kwugurura iyiwe yari yarugaye haraheze igihe kitri gito.

Amafaranga Babijoux Bonfils yinjiza mu muziki ayafashisha impfuvyi

$
0
0

Umuririmvyi benshi bazi nka Babijoux Bonfils avuga ko yashimye gufasha abana kuko nawe asanzwe azi uburyo ubuzima buryana, niko gushinga ishirahamwe Hope for Brighter Days ryamuka kuryo yashinze muri Kenya.

Mu kiganiro na kimwe mu binyamakuru vya hano iwacu, uwo muririmvyi asanzwe akorera ibikorwa vyiwe mu gihugu ca Kenya, yamenyesheje ko gushika ubu ishirahamwe Hope for Brighter Days rifasha abana bashika ku 50 hano iwacu.

Nayo impamvu zamuteye gushinga iryo shirahamwe, Babijoux yabwiye Akeza ko yakuriye mu buzima bubi. Igituma ngo nuko nawe yabuze se akiri muto, noneho arererwa kwa inakuru ngo yamukunda cane. Ariko ico nticabujije ko yaja kw’ishure n’ibirenge, kandi ngo n’impuzu ntizari umurengera. Muri ivyo bihe bitari bimworoheye, ngo vyarashika yaho avuye kw’ishure yaraba kubera inzara.

Uwo musore yize mu gihugu ca Israel I Tel Aviv, inyuma yaho ku myaka 18 asuhukiye mu gihugu ca Kenya, ngo iciyumviro co gushinga iryo shirahamwe caje mu mwaka wa 2016. Imvo n’imvano ngo n’urupfu rw’umuvyeyi yarasanzwe ashigikira mu buzima busanzwe, noneho amusaba ubufashwa bwo kuja kurondera akazi inyuma y’igihugu, ariko birangira yitavye Imana.

Inyuma y’urwo rupfu ngo yaje I Bujumbura abona abana barasanzaye agerageza kubegeranya, noneho abasigira ibizobatunga ikiringo c’ukwezi, ariko ngo ntivyabashikanye ico gihe kuko inyuma y’indwi 2 gusa, yahavuye ahamagarwa amenyeshwa ko ibifungurwa vyaheze kandi hari n’izindi mpfuvyi zikene ubufasha. Niko guca ashinga ishirahamwe ryabo, ariko abanje guhanurwa na zimwe mu ncuti ziwe.

Uwo muririmvyi yamenyesheje  uburyo ukuririmba bijana n’ico gikorwa c’ugufasha impfuvyi, avuga ko ijambo ry’Imana muri bibiliya rimubwira ko idini nyakuri ari ugufasha impfuvyi n’abapfakazi. Arico gituma yashimye kurondera amahera akoresheje umuziki noneho akayafashisha abo bana.

Mwomenya ko uwo muririmvyi asanzwe akorera mu nzu y’ubuhinyanyuzi mu gihugu ca Kenya yitwa Kilimani Studio. Akaba yandika indirimbo kandi akaba umuhinyuzi muri iyo nzu nyene.

Don Brighter yipfuriza abarundi bose Indwi nziza y’amatora

$
0
0

Akoresheje ururimi rw’icongereza, Don Brighter yipfurije abarundi indwi nziza y’amatora, ngo izobe indwi y’ukwigira kandi y’umunezero. Aca anaboneraho akaryo ko kubatumirira kubandanya mwumviriza akaririmbo UBUMWE, ngo kerekana uburyo isi izoturyohererwa nitwaba umwe.

Uwo muririmvyi abarizwa mu gihugu ca Leta zunze ubumwe za amerika akoresheje urubuga rwa facebook rwa db Music entertainment hamwe n’ishusho yiwe iboneka afashe ishapo kandi ku mupira hariko ishusho ya Africa, yamenyesheje ko aho bari hose bazokwama bakunda Uburundi, kandi ko Uburundi buzokwama ari umutima wa Afrika.

Yagize ati : “Iyi ndwi idasanzwe ku bantu bari mu Burundi, mfashe aka kanya ngo ndabipfurize indwi nziza y’amatora. Iyi ndwi izobabere indwi y’umunezero kandi y’ukwigira. Turabakunda aho turi hose. Uburundi buzokwama ari umutima wa Afrika. Bandanya mwumviriza Ubumwe by Don Brighter na Mbdatagram, ikwibutsa uburyo isi izotunezerererwa nitwabandanya kuba mu bumwe.”

Uwo muririmvyi akaba abishikirije imisi mikeya imbere yuko uno musi isinzi ry’abarundi ryazindukiye mu matora 3, arimwo ay’umukuru w’igihugu, abajenama b’amakomine, co kimwe n’ayabashingamateka.

Sat-b yakiriye akazina SIDIBE yahawe na Domisiyano Ndayizeye

$
0
0

Sat-b nawe yamaze kwakira akandi kazina gashasha inyuma ya Magonde, Satura, n’ayandi menshi, ubu naho yamaze guhabwa Sidibe.

Ku batavyibuka ako kazina kabonetse mu kiganiro uwahoze ari umukuru w’igihugu yatanze mu Kiganiro ku kinyamakuru Jimbere. Iryo zina ryabonetse kubera ukwihenda kuvuga iryo zina.

Uwo muririmvyi akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, yashizeko ishusho ry’umupira wo kwambara wambarwa n’abakinyi b’umupira w’amaguru, izina ryabonetseko rikaba ari iryo zina rya SIDIBE nyene.

Ivyo abishize ahabona inyuma yaho bamwe n’abandi bariko bavuga ko uwo muririmvyi na mugenziwe Big Fizzo batari bakwiye kwiyemera ngo nibo bakomeye kuko ngo n’abakomeye ntibabazi.
Hampande y’abamutera amabuye, abamutera amashurwe bo ntibabuze kuko uwahoze ari manager wiwe, yamuhanuye kwakira iryo zina kuko yarihawe n’umutama ngo hari aho hogira ikivamwo.

Mukibuka ko muri kahise uwo muririmvyi ahawe akazi, imbere yuko akakira vyabanza kubamwo intambara, indirimbo n’ibitutsi bikaba vyinshi.

Big Fizzo yabwiye Bobona areke amajambo ahubwo bakore umuziki

$
0
0

Ivyavuzwe ko Big Fizzo yibagiye Mudibu muri Quiz yakozwe kuri imwe mu mboneshakure za hano, ngo sivyo na gato. Uwo muririmvyi avuga ko hoba habaye umwumvikano hagati yiwe n’umumenyeshamakuru ngo baryoshe ikiganiro.

Mu kiganiro yagiranye na Landry Promoter, Big Fizzo yavuze ko ababivuze batazi ivyo bavuga, kuko ngo nta kuntu yari kwibagira uwamwakiriye mu bwongereza aho yagenda gukorerayo ibiteramo.

Ivyo akaba abishikirije inyuma yaho Bobona amenyeshereje ko Big Fizzo yavyigirishije kuko atokwibagira Mudibu nivyo yamufashije. S’ico gusa kuko yanavuze ko Big Fizzo atarakwiye kumwiryako kuko ata n’agace gatoya k’uburyo Mudibu aserukira u Burundi mu makungu arashikana.

Muri ico kiganiro nyene Mugani yagirije Bobona kuba atariko arakora muri kino gihe, ngo nareke amajambo noneho akore umuziki bagerageze guteza imbere umuziki ndundi.

Bikaba rero bigoye kwemeza ko Big Fizzo yoba yarabiganiriye n’umumenyeshamakuru wo muri Siren Vibe kugira bakore ico kiganiro, canke yoba yaravyibagiye koko.

Mudibu avurwa akaba ari umuririmvyi akomeye w’umurundi abarizwa mu gihugu c’Ubwongereza aho amaze igihe kitari gito. Mudibu akaba amaze gukora indirimbo zitari nke zirimwo izo mu Kirundi n’iziri mu congereza. Mudibu akaba kandi amaze gukora ibiteramo bitari bike co kimwe n’amasabukuru akomakomeye kw’isi haba Ku mugabane wa Buraya canke Ku mugabane wa Amerika

Big Fizzo ngo n’ibisanzwe kuba Ndayizeye Domitien atamuzi

$
0
0

Mu misi iheze abantu batari bake baratangaye cane uwahoze ari mukuru w’igihugu Domitien Ndayizeye avuze ko atazi Big Fizzo na Sat-b. Muri ico kiganiro ariko yahavuye avuga ko abazi ari abaririmvyi ba kera.

Uwo muririmvyi yahavuye abazwa uko yiyumvise igihe yumva bavuze uko. Big Fizzo yavuze ko we yabufashe ibisanzwe, kuko ngo ntashobora kumenywa na bose. Uwo muririmvyi akaba yavuze ko bitaba vyoroshe ko umuntu yarafise amabanga nkayo abasha kumenya Bose.

Mu kiyago na Landry, Big Fizzo yavuze ko n’abari mu bibanza bijejwe imico n’akaranga, bashobora kuba batari abatari bake mu baririmvyi. Ivyo rero kubwiwe ngo n’ibisanzwe cane.

Kuva Ndayizeye avuze uko, abantu benshi bagize ico babivugako, muvyavuzwe harimwo ko Big Fizzo ari indyadya, ahubwo umwana mwiza ari Sat-b. Uwo ngo ntiyarakwiye kwishira hejuru

Mwomenya ko mu biganiro vya mbere vyakozwe n’imboneshakure Jimbere, bagirana n’abariko bitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu bababaza uwo bakunda hagati ya Big Fizzo na Sat-b, uwo muririmvyi Big Fizzo yaciye yandika kuri WhatsApp Statues asaba ico kinyamakuru kudasubira kubaza ibibazo bimugereranya na Sat-b.


Gaston Sindimwo ati:”Frojo yaradufashije gutahana abaririmvyi bari barahunze.”

$
0
0

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ba Jimbere magazine, Icegera c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo yamenyesheje ko we n’umugabo wa natacha, Frojo, basanzwe ari incuti za cane. Ico gihe akaba yariko abazwa ko yoba asanzwe azi uwo muririmvyikazi.

Muri ico kiganiro, Gaston yamenyesheje ko Frojo asanzwe afasha cane abaririmyi, kandi ngo ari nawe yabafashije gutahukana abaririmvyi batandukanye bari barahunze, ibibazo Uburundi bwaciyemwo mu mwaka wa 2015.

Muri ico kiganiro, uwo mutware ntiyashoboye kuvuga abaririmvyi babashije gutahukanwa ku bufasha bw’uwo mugwizatunga asanzwe atwara imwe mu mahoteri akomeye ya hano iwacu, Hotel Club du Lac Tanganyika.

Mwomenya ko mubabashije gutaha bazwi cane muri kino harimwo Sat-b yari mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Ariko bikaba bigoye kuvuga ko nawe ari mu babashije gutaha bafashijwe n’umushingantahe w’uwo muririmvyikazi

Sat-b ngo yaracumukuye kugira aronke Belle Nice

$
0
0

Sat- b ngo yaracumukuye kugura bikunde umuririmvyikazi Belle Nice yemere kwitwa umukunzi, ivyo bikaba vyavuye kuko uwo nwigeme atari mu bahahamukira abahungu ngo nuko bamenyekanye.

Mu kiyago n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu, uwo muririmvyikazi yamenyesheje ko vyukuri atazi uko yemeye gusohokana na Sat-b, ariko ico yibuka neza ngo nuko vyamufashe amezi kugira bikunde yemere ko basohokana.

Muri ico give cose ngo yabaye incuti yiwe ya hafi, amuyagisha, noneho atangura kwinjira muvy’urukundo buke buke. Ariko naho bitari vyoroshe, kubera ugukomantaza umutima kwa Belle Nice, ngo yahavuye aronka umuhanuzi, amusaba kworosha umutima akaraba ko urwo rukundo rwoshoboka.

Belle nice muri ico kiganiro na Landry, ntiyaretse kuvuga ko akunda umukunzi wiwe Sat-b. Igituma ngo nuko ari n’umuntu w’imigambi myinshi, kandi atandukanye cane n’abandi baririmvyi abantu benshi bazi.

Mwokwibuka ko abo 2 basanzwe bafise umwana baheruka kwibaruka, igikorwa avuga ko kitamworoheye. Uwo akaba yasanze abandi bana 2 ba Sat- bari bavyaranye n’umugore wiwe wa mbere yitwa Nelly.

Wallace yavuze ko Ingo Music live Band bagiye gusohora urukurikirane

$
0
0

Umugwi Ingo Music uri muri Studio ufise urukurikirane uriko urategurira bantu bawukunda, Ivyo bikaba ari ibiheruka gushikirizwa n’uwurongoye uwo mugwi akaba kandi no mu bawushinze.

Mu kiganiro n’imboneshakure ya hano iwacu, Wallace yabajijwe igituma badashira ahabona basi igikorwa na kimwe kandi bizwi ko ari umugwi ukunzwe cane hano iwacu. Uwo muririmvyi yamenyesheje ko hari ibikorwa bimaze igihe kitari gito bariko barakora, kandi ngo bizosohoka vuba.

Wallace yongeyeko ko muri urwo rukurikirane bariko bashaka kuzoshira ahabona, ngo harimwo zimwe murizo zizosohoka imbere yuko izindi zisohoka, kugira bikunde zitegurire inzira izindi.Aho ngo azoba ari kandi kugira abantu baronke igikorwa kizoba citirirwa bo, kandi ngo ugushira ahabona urwo rukurikirane ngo n’igiteramo kizokorwa.

Ariko hampande y’ivyo bikorwa bariko bakorera hamwe, uwo mutware yavuze ko abaririmvyi batandukanye bari muri uwo mugwi bafise nabo ibindi bikorwa bitandukanye bariko barategura gushira ahabona. Akaba yashimye kwiherako mu gutanga akarorero kuko ngo afise indirimbo zitari nke zarangiye ariko zirindiriye gushirwa ahabona gusa.

Mukibuka ko uwo mugwi usanzwe ufise umuhinyanyu akomeye basanzwe bakorana, Yves Kolly, akaba kandi n’umwe mu bagize uwo mugwi. Uwo mugwi kandi ukaba usanzwe ufise inzu y’ubuhinyanyuzi ariyo isanzwe itwarwa n’uwo atwara uwo mugwi nyene.

Ngo igiteramo ca Bantu Bwoy ku musi wi Laidi nticitabiriwe n’abantu benshi

$
0
0

Mu giteramo citiriwe Bantu Bwoy Concert Burundi Tour caraye kibereye mu Ntara ya Rumonge ngo nticitabiriwe bishemeye n’abakunzi b’umuziki ndundi naho Bantu Bwoy yoyo yemeza ko cagenze neza batibagiye no gushimira abanya Rumonge k’ukuntu babitabiriye.

Kw’igenekerezo rya 24 Rusama ahari haramutse haba i Laidi niho abasore bane muri Bantu Bwoy bashika guteramisha abanya Rumonge mu giteramo bari babateguriye, igiteramo carimwo  n’abaririmvyi basazwe bakorera muriyo ntara batari bake.

Kumakuru ava mu Rumonge nuko ico giteramo kititabiriwe n’abakunzi b’umuziki ku bwinshi hakaba harabaye n’ukudashaka kw’abamenyeshamakuru barekurirwa kwinjira ndetse n’ugufata amasanamu mu kwinjira bakaba barinda kuriha kugira bikunde binjire barabe ico giteramo.

Uko batanguye kuja kuri Podium hatanguye umuririmvyi akunzwe cane muriyo Ntara Msamalia Danielo hama Drama-T arabatangurira mu bagize Label ahejeje yakira Kirikou Akili aririmba indirimbo zine hama yakira Double Jay araririmba aca arahamagara Msamalia baririmbana indirimbo nshasha bakoranye itarasohoka indirimbo basa n’abahonje abari bitabiriye ico giteramo avuyeyo hinjirayo kizigenza wabo Big Fizzo araririmba ahejeje aca abahamagara bose aho baririmvye indirimbo zibahuza bose nka Label.

Mwomenya ko umuhinyanyuzi asanzwe abakorera indirimbo azwi kw’izina rya Endo Mike yagaragaye ariko aracuruza inzoga ibitari bihimbaye ku bakunzi b’umuziki baraho. Ikindi mwomenya  nuko  Ellys Boys  atashoboye kuboneka murico giteramo kubw’ingwara amaranye imisi.

Ngaya amajambo atangaje yavuzwe na Fabelove kundirimbo nshasha ya El Pro

$
0
0


Inyuma yaho atangiye Challenge kundirimbo Master ni Fabelove bisa nkaho benshi mubo yavuze batinye kumwishura bivanye nuko babitahuye ugutandukanye n’intumbero yiwe canke n’icipfuzo ciwe kumudiho wa Rap

Biciye mukiganiro Indundi Hits Show indirimbo y’umuririmvyi akiri muto cane ku rubuga rw’umuziki w’Uburundi azwi nka El Pro yarahawe ikibanza no guha akanya abakunzi bagire ico bayivugako aho benshi bayishimye naho hatabura abayigaya ariko kandi naho biruko umuririmvyi Fabelove ariwe yavuzwemwo cane nawe aragira ico ayivugako akanatanga n’ubutumwa.

Fabelove aho yatuyagira yagize ati:

“Indirimbo ya El Pro nayumvise kandi muvyukuri n’indirimbo imeze neza kuko n’imwe mundirimbo zanditswe neza cane vyatumye nanje ndayikunda, nta rwanko rurimwo kuko nawe arabizi pe ntanarimwe nigeze nshavuzwa n’amajambo bandirimbira canke ngo nankane n’uwandirimvye ahubwo n’ikintu nshigikira cane mumudiho wa Rap kuko nanje bihora binshikira nkaririmba nsa n’uwutuka abandi mbere ugasanga ntanico bari bamvuzeko, kuri ivyo rero nta rwanko.”

Ariko Fabelove akabandanya ati:
“Akenshi iyo umuntu atanze challenge na cane cane nk’izo so kugereranya uyu n’uyundi ugasanga umuntu yayikoze ariko yagiye kubiri na Beat washaka ko aririmbirako akenshi biragora kugereranya izo ndirimbo zibiri ariko muvyukuri muruhande rwo kwandika nanje narakuye inkofero kundirimbo ya El Pro.”

Aho twoca tubibutsa ko El Pro ari umwe benshi bamenye kundirimbo yakunzwe cane mugisagara ca BUJUMBURA no mu micungararo yico gisagara indirimbo nka #SUKO BATURYA.

M Nif Jimbo ngo ashobora kuba yokwinjira muri Bantu Bwoy

$
0
0

Haheze igihe kitari gito umuririmvyi akiri muto abenshi bazi nka M Nif Jimbo ariko arakora ibidasanzwe mu rugendo rwiwe rw’umuziki ariko hakama hari igifungu co kumenya nimba ari muri Label canke akora kugiti ciwe.

Kuva aho M Nif Jimbo asohoreye indirimbo yise King B Face hagiye haraboneka imigenderanire ya hafi be n’uwo muririmvyi nyene aho yanamwurije Ubutambiro (Stage) mu giteramo cari cahuje B Face ubwiwe n’umuririmvyikazi Natacha aho benshi twatanguye kwibaza vyinshi bizakurangira uwo muririmvyi M Nif Jimbo abonetse mu ndirimbo yiswe Ibibazo ya B Face arikumwe n’abaririmvyi benshi bakiri bato batarashika kure mu rugendo rw’umuziki.

Kuva ico gihe mukamenya ko M Nif Jimbo yatanguye kuboneka cane akoresha ijambo Rap Business naryo ari rimwe mu majambo umuririmvyi B Face akunze gukoresha aho benshi twatanguye kubona uwo mwana atanguye kwandika amajambo kumbuga zigiye zitandukanye haba mugutanga ubutumwa agahereza akajambo kagira gati:
#A Boy From RapBusiness, habaye ukwibaza ko yoba amaze kuba ari mu mugwi w’abaririmvyi boba bafashwe mu mugongo n’umuririmvyi B Face.

Inyuma y’ayo majambo yose yagiye aribazwa na benshi kuri uyu wa 26 RUSAMA 2020 niho umuririmvyi M Nif Jimbo yandika abaza abakunzi biwe ikibazo casize abamukurikirana mu makenga aho yandika agira ati:

“Bantu Bwoy umuryango unshika kunyota”
Asubira ati:
“Bantu Bwoy Forever, Nkubu M Nif Jimbo aronse amahirwe yo kuja mu muryango wa Bantu Bwoy, wovyakira gute?

Ivyo akaba yavyanditse aherekeresha amafoto ndetse n’amasanamu yerekana igiteramo ca Bantu Bwoy cabaye kumusi w’Imana igenekerezo rya 24 muntara ya Rumonge kumusi wa Eid

Dj Bisoso ababazwa n’uko abamaraya badandaza ivyo baherewe ubuntu kandi badatangira ikori

$
0
0

Dj Bisoso ngo nubwo umuntu yomwica ntiyokwigera aja kurondera ba bakobwa badandaza umubiri, ivyo n’ivyo aheruka kubwira ikinyamakuru Isimbi co mu gihugu kibanyi c’Urwanda, aho asanzwe yisumamwo, agakorera n’ikinyamakuru c’igihugu, RBA.

Muri ico kiganiro bamubajije ikintu atotangira amafanga nubwo vyogenda gute, yishura ko ari barya bakobwa bidandaza. Ariko aratwenga yanamenyesheje ko ababazwa impamvu bagurisha ivyo Imana yabahereye ubuntu, kandi bakanabigurisha batanatanga amakori.

Muri ico kiganiro nyene umumenyeshamakuru yamubajije ko yohava agendayo ari nka hamwe Leta ibasanzwe kuza baratanga amakori, naho yishura ko bidakunda, ko adashobora gusaba ubwo bufasha.

Amakuru twaronse yegereye abamuzi mu ntara ya Gitega asanzwe akomokamwo, ngo ivyo yashikirije nivyo kuko muriwe asanzwe afise akantu ko kwishima cane.

Ayo makuru nyene twaronse avuga ko uwo mu Dj w’umurundi akomeye muri Kigali ngo ntashobora no kugurira inzoga umuntu, ahubwo ngo uwo yubashe abasha kumuha amafaranga noneho akaja kwigurira. Muri ico kiganiro nyene hari aho yamenyesheje ko mu kabare ariha ivyo kurya gusa, ariko inzoga ngo abantu barazigurira.

Mwomenya ko uwo Dj ariwe ari inyuma y’ikundwa n’ikurikirwa cane rya Dj Ira, umwigeme agize igihe yifashe neza muri Kigali


Abaririmvyi basabwe kuririmba bakeza inzego nshasha zaraye zitowe

$
0
0

 

Urwego rw’umuhuza w’abarundi rusaba abaririmvyi, abasanzwe bakina ivyese n’amareresi bo bafise ijwi rishika kure kandi mu mwanya muto, ko bofasha mu gutanga ubutumwa bujanye n’ugukeza inzego nshasha ziheruka gutorwa.

Umuhuza w’abarundi Edouard Nduwimana akaba mu butumwa yashikirije yasavye kandi ko hampande y’ugukeza inzego nshasha, hobaho no guhumuriza abo bose bagiye mu matora, ariko ntibaronke ico baba bipfuje. Igituma bohumurizwa ngo n’ukugira bareme bamenye ko baguma ari abarundi kandi ngo amatora atarangiye ahubwo ngo mu myaka 5 hazosubira ayandi, kandi no mu myaka 7 hari n’ay’umukuru w’igihugu azokorwa.

Muri ico kiganiro nyene, umuhuza w’abarundi yanasavye abo bakora ibikorwa mvabwenge ko bonakeza abenegihugu, babasaba kuguma bari hamwe bafatanye mu nda, birinda uwo wese yoba afise umugambi wo kubasubiza mw’ihumbi yitwaje ivyavuye mu matora.

Hampande y’ico kiganiro yakoranye kuri uyu wa kabiri n’abo basanzwe bakora ibikorwa mvabwenge, hari n’ihiganwa ryateguwe n’ibiro vy’umuhuza w’abarundi rizomara imisi 14, rikazohuza abaririmvyi n’abakinyi b’amareresi.

Ng’ubu ubutumwa Natacha yahaye Ismail Niyonkuru

$
0
0

Inyuma yo kumara igihe kinini atari kurubuga ngurukanabumenyi narumwe canke ngo yumvikane aha na hariya Ismail ubu ariko arakora nk’uko yahora abicishije ku mbuga ngurukanabumenyi ziwe haba Instagram, Facebook na Twitter.

Kuri uyu wa 27 Rusama niho umuririmvyikazi NATACHA yandika kuri Instagram yiwe ico yise nk’ubutumwa kubigeme aho yabumvisha uko bakwiye kwitwararika abafasha babo (Abagabo), vyobarinda guharikwa.

Aho uwahoze akorera insamirizi Rema Fm Ismail NIYONKURU yandika atanga inkuru nkuko abikora muri kino gihe abicishije kuri Instagram abaza bimwe mubibazo uwo mwigeme ashaka kumenya neza aho ivyo yavuzwe vyigishwa canke bigurirwa kugira ngo amenye vyinshi kuri ubwo butumwa Natacha yanditse.
Ariko kuri Komanteri (Comment) yambere y’ico Ismail yari yanditse habonetse ubutumwa buciye make ariko buremereye kw’ishusho y’umuziki w’u Burundi, aho NATACHA yandika yagize ati:

“Please Fanya urudi Burundi bwana😡
Kwanini unatufanyia Hivyo? Na Kama hauji Mimi mwenyewe nitakuja nikurudishe.
Tuna kumiss saaana😍♥😍

Ayamajambo Natacha yanditse asobanura iki mukirundi?
Agira ati:
“Ndakwingize, gira ugaruke mu Burundi mugabo😡
Kuber’iki udukorera ivyo? Kandi utaje, jewe nzokwiyizira nkugarukane.
Turagukumbuye cane😍♥😍

Ubu ni bumwe m’ubutumwa umuririmvyikazi Natacha yanditse inyuma yaho humvikanye bamwe mu bakunzi b’umuziki bavugiye amajambo asa nkayo kuri Ismail yahoze akora ikiganiro Cangamka Show cahoze gica kw’insamirizi Rema Fm.

Nta kuryana kuzosubira kwumvikana hagati ya sat-B na Big Fizzo

$
0
0

Ugusubira kubona Sat-B ahantu avuga ko afitanye ikibazo n’umuririmvyi uyu canke uriya ngo n’umuziro uzirwa. Igituma ngo nuko ubwa mbere yabona ko ari imwe mu nzira bocishamwo ngo babashe guca agafaranga nk’uko abandi babikora, ariko asanga ngo abandi siko babitahura.

Mu kiganiro Ikiri ku mutima ca 5, gitegurwa kigashikirizwa na Akeza, uwo muririmvyi yagarutse ku bibazo bitandukanye birimwo ivy’uko yatanguye, abamufashije, uburyo ashaka gutera imbere, uburyo abona umuziki ndundi wokorwa, hamwe n’ikijanye n’ama Beef yaha na hariya bamwumvamwo.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi yamenyesheje ko yamenyesheje ko ata mutima mubi waba uri inyuma y’ukutumvikana kwavugwa hagati yiwe na Big Fizzo. Ahubwo ngo bwari uburyo bwo gushaka guca amafaranga, kuko yasanze n’ahandi ariko babikora.

Amaze kubona batavyakiriye neza, aho agatanga akarorero k’igiteramo Who’s the best casivye, yahisemwo kudacika intege, ariko abanza kubangira kuri uwo mukenyuro. Ariko ngo indoto afise ubu zo n’ukuba umuririmvyi mpuzamakungu.

Mwomenya ko ivy’uko asigaye yumvikana na bose vyashimangiwe na Lolilo mu kiganiro aheruka guha imboneshakure Isaac Tv.

Ivyashikirijwe na Aglaë Umwigeme mwamenye cane muri primusic :

$
0
0



Aglaë Umwigeme afise impano itangaje yo kuririmba benshi mwamumenye mumahiganwa ya primusic mukiganiro yagiranye na indundi Magazine (Indundi Tv: 👉🏾https://youtu.be/RyWFJBCtj5o ) yabashije kutubwira igihe yatanguriye umuziki naho bimugejeje ubu.

Yagize ati “narahejeje amashure (Kaminuza) nize marketing ariko sindabishuhiye nkuko nshuhira ivy’umuziki, ntivyoroshe kuko abavyeyi baba bashiramwo ko utegerezwa guheza amashure uja gukora mubiro, ariko siko bimeze nanje ndashoboye kwidandaza(mumuziki)”

Murico kiganiro nyene yabandanije atubwira ukungene yinjiye muri karaoké nyuma yishingira band yiwe hamwe nabandi babandanya gukora karaoke.

Nyuma muri 2020 niho yabona ko ageze guhaguruka agateza imbere impano afise atarinze kubandanya karaoké gusa agakora n’indirimbo ziwe niho yasohora indirimbo yitwa niwe Nifuza yanditse muri 2011.

Yabandanyije avuga ko akunda khadja nin kandi amwubaha yipfuza kuganira nawe akamusangiza ivyiyumviro kuko harikintu kinini vyomwingura mumwuga wiwe wokuririmba, ati” khadja nin ndifuza ko yoba umu mentor wanje….”

Aglae yabandanije agira ati:
“Kuba abigeme atari benshi mumuziki ndundi nuko benshi ababafasha bifuza ibindi kuruhande bigatuma baja mubuhumbu batwara amada, atubwira ko nawe vyahatswe kumushikira.

Yagize ati “ico natahuye mubuzima umuziki utegerezwa kwitanga ugasohora cane kugira nawe munyuma bizokunde winjize”

Aglae ubwiwe yongera ati
“aboteje imbere umuziki w’Uburundi nibo bariko barawonona”.

Yatuyagiye kandi bamwe mubigeme bamuhimbara nico abakundira aho yahora ati:
“Muvyukuri ndakunda Natacha ukuntu afise umwete muvyakora akabikunda arivyo bituma akwiye kitwa umu Star International. 

Uwo mwigeme yatuyagiye vyinshi aho mwobimenya mukurikiranye ikiganiro cose bagiranye na Indundi Tv.
👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾
https://youtu.be/RyWFJBCtj5o

Ubutumwa yasozereyeko nuko asaba abarundi gushigikira umuziki ndundi kuko aribo bashoboye kuwushikana kure, bagakunda ivyabo.

Lolilo avuga ko Loliane atazosubira mu muziki

$
0
0

Lolilo ngo umukunzi wiwe ari na mama w’umwe mu bana bane asanzwe afise ngo si umuririmvyikazi, ahubwo ngo igihe yaririmba kwari ukwiryohera gusa, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa n’uwo muririmvyi aho yamenyesheje ko bakirikumwe n’uwo mukunzi wiwe.

Mu kiganiro na Isaac, yabajijwe icoba catumye avana na Chanelle banavyaranye, uwo muririmvyi avuga ko ubwo ari ubuzima bwiwe bw’indani, Private Life, ko ataco ashobora kubivugako. Abajijwe uko bimeze hagati yiwe n’uwo bahora babana, yamenyesheje ko basubiranye ubu ari sawa, kandi ko bitari ngombwa ko babanza kubicisha kuma radio kugira basubirane.

Muri ico kiganiro nyene yabajijwe igituma yakwegeye abagore biwe mu muziki, yishura ko atariwe yabakwegeye mu muziki, ahubwo aribo bamusanze mu muziki, noneho nabo barabikunda. Ariko amenyesha ko ata mugore wiwe azosubira mu muziki.

Si ico gusa kuko ngo ata n’ibiganiro azosubira gukora, ngo n’uwiwe wenyene. Ivyo akaba yabivuze yisunze ko ngo Loriane ngo atagiye mu muziki kuko ashaka kubigira umwuga, ahubwo ngo yashaka kwiryohera.

Mwomenya ko uretse umugore wiwe wa 2, Hadidja, abandi bose yaba Loliane canke Chany Queen binjiye mu muziki barikumwe mu rukundo na Lolilo. Chany Queen we akaba yahavuye abandanya umuziki gushika n’ubu, uretse ko amaze igihe asa nk’uwuri mu gacerere.

Viewing all 3189 articles
Browse latest View live