Quantcast
Channel: music – Indundi | Promote Burundi Beauty online
Viewing all 3189 articles
Browse latest View live

Yoya yavuze ku bikorwa vyiwe muri uno mwaka wa 2020

$
0
0

Abakunzi b’umuririmvyi Yoya Jamal ngo ni babandanye bihangane, ariko ikiza ca COVID 19 ngo nicava mu nzira ibikorwa bizoca bibandanya nkuko yari yabiteguye.

Mu migambi yarafise uwo muririmvyi abarizwa mu gihugu c’Ubwongereza ngo harimwo gusubira kandi kwerekana ibikorwa vyiwe -Comeback- muri uno mwaka wa 2020, ariko Coronavirus ica ituma ibintu bica bipfa.

Urugendo yaheruka gukora mu Rwanda Jamal avuga ko rwari muri uwo mugambi kuko yahakoreye indirimbo, yiteze ko azoca akora amasanamu ku mugabane wa buraya, ariko ntivyaba bigikunda. Jamal yagize ati :

”Akajambo nobashikiriza nuko ibi bintu vya Corona nivyavamwo tuzoca tubandanya ama Project yanje aho nari ndayagejeje, kuko nari naje mu Rwanda mu mwaka uheze ndakora indirimbo nziga ko nzozikorera ama Video ino muga urabona ko ata burenganzira bwo ku Voyaga mfise. Ama Programme nari mfise n’abantu yaciye ahagarara, abategerezwa kuzishootinga n’ibiki vyose. Urumva biragoye ndindiriye ko batwugururira amayira hama ubuzima bukabandanya nk’abandi bantu hose.”

Muri ico kiganiro yakoranye na BETV yanavuze ko bishobotse azokorana indirimbo na Natacha kuko we ngo kuririmbana n’abantu ngo nta kibazo bimutera.


Kook k agiye gusubira kugaruka mu muziki

$
0
0

Akandi karirimbo gashasha tutarabasha kumenya uburyo kazoba kitwa niko gashobora gushirwa ahabona umwanya n’umwanya gakozwe na Kook-k. Ivyo akaba yavyerekanye akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook aho habonetse aka Video kiwe arikumwe n’umukunzi wiwe noneho basa n’abariko bumviriza ako karirimbo.

Mu butumwa yatanze kuri urwo rubuga, uwo muririmvyi yabajije abantu uko bumva ijwi ryiwe inyuma y’imyaka 5 adashira ahabona akaririmbo na kamwe. Igituma ngo nuko yariko ashaka gusubira kandi gupima akajwi kiwe akoresheje ako karirimbo gashasha twabamenyesheje ko ashobora gushira ahabona umwanya uwariwo wose.

Kook-k Tif yagize ati : “After 5 years sijaimba. Now I’m tryna my Voice kwa hii Song. Sijui niiachie au? Maoni yako.”

Mwokwibuka ko Kook k asigaye afise imboneshakure zikorera ku buhinga ngurukabumenyi, imbere y’umwaka wa 2015 akaba yarafise inzu y’ubuhinyanyuzi yitwa Golden records. Imbere yaho akaba yaranafise inzu ihinyanyura amareresi, muri ico gihe cose ariko akaba yarasanzwe anaririmba, akaririmbo ka nyuma kiwe kakaba kasohotse mu mwaka wa 2015 itariki 1 y’ukwezi kwa 2.

Iry Tina buca ashira ahabona akaririmbo kuri uyu wa 5

$
0
0

Inyuma y’igihe asa n’uwuri mu gacerere, umuririmvyikazi Iry Tina yamenyesheje ko akaririmbo kiwe gashasha kazoshirwa ahabona kuri uyu wa 5.

Ubwo butumwa bukaba bwatanzwe n’uwo muririmvyi nyene aho yakoresha urubuga rwiwe rwa Facebook. Abatari bake bakaba bamenyesheje ko bayirindiranye igishika cinshi.

Ku rubuga rwiwe rwa Facebook yagize ati : “ Yesooo Kurindira kuraheze… Friday Video izoba yabashikiriye kuri Youtube.
Please Subscribe to my youtube channel and be the first to watch the video. #holdme ”

Ako karirimbo uwo muririmvyikazi abarizwa mu gihugu ca Uganda akaba yagakoze wenyene, aca agaha izina rya Hold Me. Ako karirimbo bikaba biboneka ko kari kamaze igihe kabitse karahejeje gukorwa, ubona ko muri Uganda ubu ata wucaruka kubera ca Kiza ca Corona Virus.

Mwomenya ko Iry Tina asanzwe afise inzu y’ubuhinyanyuzi muri Uganda, akaba ari mu bashigikira abaririmvyi b’abarundi iyo bafashe ingendo berekeza muri Uganda aho baba bagiye kurondera kwagura imbibe mu bijanye n’umuziki.

Jackson Yusuph niwe muririmvyi mushasha wa db Music agiye kuboneka cane muri Gospel Music

$
0
0

Inyuma yo kuba Umuririmvyi wa Burundian Diaspora muri Leta z’unze ubumwe z’Amerika ariwe Don Brighter ashiriyeho Label yo kugira ashigikire bamwe mubaririmvyi ba Diaspora bafise impano ariko bigora kugira bazishire ahabona vyoroshe, ubuho yongeyemwo uwundi we asanzwe akora indirimbo zishimagiza UHORAHO.

Uti mbega Jackson Yusuph ninde??

Jackson Yusuph n’umuririmvyi asanzwe ari Umurundi ariko akaba asanzwe akorera ibikorwa vyiwe akanaba muri Reta zunze ubumwe za Amerika aho asanzwe ari Umuririmvyi akora Indirimbo zo kuninahaza IMANA arizo benshi twita Gospel ariko Kandi Uwo muririmvyi akaba yatanguye kuririmba aho yaririmba muri Choral cokimwe n’abandi benshi bakaba bari bamaze no gushira ahabona Album hanze aho ari Album yashoboye kugurwa cane n’Abarundi isinzi badanzwe baba aho muri Amerika,
Jackson Yusuph ati: Ugukora nd’umwe vyomfasha ndetse bikanyorohera no kugira nerekane Impano canke ubushobozi bwanje ariko nkabikora mukuninahaza IMANA kuko ariwo muhamagaro nahamagariwe.

db Music Entertainment nabo bati:

Jackson Yusuph n’Umwe mubaririmvyi bari hano mugihugu ca Amerika bafise Ingabirano idasanzwe bashobora gukora umuziki mwiza kandi mpuzamakungu ariko nkuko ahatar’iwanyu hagora natwe twiyemeje kumufata mu mugongo mu kumushigikira muri ibi na biriya bijanye no gukora ndetse no kugerageza uko dushoboye mukugeza kure Ingabirano iri muriwe ariko tukagerageza kwerekana gute Umuziki womuteza imbere no kumubeshaho.

Inyuma yo kubatohoreza amwe mumakuru magufi agize uwo muririmvyi nyene na Management yiwe nshasha twoca tubibutsa kandi ko Indirimbo ya Jackson Yusuph ubwiwe yise Ni Wewe iri kurubuga rwiwe rwa YouTube amasanamu asa neza cane aho twobasaba kujako kugira ngo duhe ikaze umuririmvyi mushasha ndetse tukanabibutsa ko agize umuririmvyi agira kabiri asinyishijwe na db Music Entertainment inyuma n’Umuraperi nawe asanzwe aheruka gusinyishwa vuba ariwe Rally Benz.

Abambitse ibara Sat-B kubera indirimbo Izina, abasaba kumusaba imbabazi

$
0
0

Indirimbo Izina uno musi imaze kurabwa n’abarenga 67 700 ku muhora wa Youtube, kandi ikaba indirimbo yinjirije Sat-B amafaranga menshi gusumba izindi, ngo muriyo ubutumwa burimwo yashatse gukebura abashaka gucafuza izina ryiwe.

Mu kiganiro na Landry uwo muririmvyi yari yarahagaritse gukora ibiganiro yavuze ko muri iyo ndirimbo harimwo imitego itari mike, irimwo uwafashe abatari bake aho yavuga ku vy’igwanira ry’imbibe z’igihugu ku bami.

Uwo muririmvyi muri ico kiganiro yavuze ko uwo mutego wavuye mu kiganiro yaheruka gukurikirana aho umwigisha yashikiriza ko hariho itandukaniro ry’ukugwanira hamwe n’ukwagura imbibe z’igihugu. Aho ngo niho yakuye uwo mutego, noneho ahitamwo kuwutega abona urafashe.

Sat-B yahavuye aboneraho akaryo ko gusaba abamututse bose bakamwambika ibara kubera iyo ndirimbo ko botangura gusaba ikigongwe, kuko ngo baramurenganije. Ivyo akabivuga yisunze ko iyo ndirimbo yiwe ngo itari iyo kwumviriza rimwe gusa, ahubwo ngo bisaba ko umuntu ayumviriza kenshi kugira atahure neza ibivugwamwo.

Muri ico kiyago nyene ntiyaretse kugaruka kandi ku mvo nyezina yatumye ashima kuririmba kw’izina ryiwe, aho avuga ko hari abantu bari bagize igihe bacafuza izina ryiwe ngo bikunde bamwononere kugira abo bakorana co kimwe n’abakunzi biwe bamukureko amaboko.

Yagize ati: “Izina nayikuye cane cane n’ukuntu abantu bafyina n’izina ryanje mu misi iheze, usanga umuntu arakinye ararivuzeko ivyo yishakiye. Yari sorte yo kubibutse ngo vyarangoye ngo nubake izina ryanje, reka kurihonyanga urituka, ushaka kurisiga umwanda, kugira abantu baryanke, kugira ngo ama Company dukorana yumve ko Sat-B atari umuntu wo gukorana nawe, kandi izina ryanje ariryo rintungiye abana 3, family, umuvyeyi. Urumva iyo ukoze ibintu nkivyo
ntuba ubikoreye Sat-B we nyene, uba ubikoreye Family yose n’Uburundi bwose muri rusangi.”

Muri ico kiganiro nyene yanagarutse ku bantu bavuga ko iyo ndirimbo ari inyigano, akavuga ko adatahura ivyo bafatirako mu kubivuga, kuko iyo ndirimbo ataho ihuriye n’izo zose bavuga.

Kidum, Bernice the Bell na Andy Mwag baraza guteramisha abantu biciye ku mbuga ngurukanabumenyi

$
0
0

Mu gihe Corona-virus isinzikaje isi, igatuma ibihugu bitandukanye bisaba abenegihugu kuguma biyugaranye ata gusohoka, ibiteramo, ama Karaoke, canke amahuriro atandukanye agahagarikwa mu bihugu birimwo Urwanda na Kenya, Uburundi bufise abasanzwe bakora uwo mwuga, bamwe muribo bahisemwo kubikorera ku mbuga ngurukanabumenyi.

Andy Mwang abarizwa mu gihugu kibanyi c’Urwanda yasavye abakunzi b’umuziki wiwe kuguma hafi y’uduhamagazo twabo kugira uno musi wa gatandatu aze kubateramisha abicishije ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Kidum mu gihugu ca Kenya nawe uno musi wa gatandatu araza guteramisha abakunzi b’ibikorwa vyiwe akoresheje imbuga ngurukanabumenyi. Hampande y’izo mbuga, uwo muririmvyi yahavuye akoresha urubuga rwa Facebook aho avuga n’insamirizi Mlele Fm yo mu gihugu ca Kenya nayo iza gucishaho iyo Karaoke aza gukora.

Hano iwacu naho ntibasizwe n’ico gikorwa kuko umuririmvyikazi Bernice the Bell nawe aza kuririmbira abakunzi b’ibikorwa vyiwe abicishije ku buhinga ngurukanabumenyi. Muri ico gikorwa akaba ashigikiwe na VAB hamwe na Yaga.

Muri Video yashizwe ahabona na Yaga, bamenyesheje ko ico gikorwa bagikoze mu ntumbero yo gushigikira abarundi bari mu mahanga muri kino gihe bugaraniwe mu mazu yabo.

Ivyo bikaba bitari bisanzwe bimenyerewe hano iwacu canke mu baririmvyi ndundi, ariko bikaba bije kuboneka muri kino gihe ahatari hake kw’isi bahagaritse ibijanye n’ibikorwa vyo kuryoherwa nk’ama Karaoke canke ama Concert.

Preeze ngo abamuririmba bafise akanya, we nta mwanya afise wo kubishura

$
0
0

Preeze ngo abamuririmba ngo ntaco biba bitwaye kuko s’aba mbere babikoze, ariko we ngo nta mwanya agira wo kubishura. Ivyo n’ivyo aheruka gushikiriza mu kiganiro aheruka guha imboneshakure ya hano iwacu.

Mu kiganiro na Buja Hit Tv, uwo muririmvyi asanzwe akora umudiho wa Hip Hop yagarutse ku baririmvyi basanzwe baririmba abandi baririmvyi. We avuga afise iyo yavuye n’iyo ariko araja, ngo Imana imukundiye mu myaka 20 abantu bazovuga ko hari ico yakoze, we rero ngo nta mugambi wo kwishurana nabo afise.

“Umuntu agukomye nta mahoro uba umutera, uba umubuza amahoro nyene, asinziriye ararota akabona ati arabimaze, aratwaye inoti, aratwaye awards, abafana arabantwaye. Akaja muri Studio kubera ubwoba, mugabo jewe nta muntu numwe nzopfa nishuye, jewe I Know I’m the legend in the making, ndazi ko nko mu myaka 20, bigenze bien mu myaka 20 barya ba petit bazovuga bati harabaye umuntu uyu n’uyu n’uyu, yarakoze ibi, yaragize ibi n’ibi n’ibi. So rero kuja guterana amajambo nabo ndabirengeye, kandi nta n’Umwanya ndabiha, kuko ndazi ico nshaka, ndazi aho navuye, ndazi aho ngeze, ndafise na Target y’aho nshaka gushika muri 2021. So rero kuza guterana amajambo n’abo, kwoba ari ukwisubiza inyuma n’ukwiyima agaciro, kuko agaciro urakiha canke ukakiyaka. So rero muri uno mwanya abakora ni bakore, je bantuke bagire ivyo bashaka vyose, nta mwanya wabo mfise, nta nuko ndabumviriza wanashima.”

Ivyo uwo muririmvyi akaba yabishikirije mu gihe yariko anabazwa ku ndirimbo yiwe nshasha ndagufeelinga aheruka gushira ahabona aho ubutumwa burimwo abuha umwigeme bigeze kuba barikumwe mu Rukundo, amwibutsa ubuzima bwiza bari barimwo.

David ngo ntiyahagaritse umuziki, yahinduye uburyo awukora

$
0
0

David Nduwimana ngo ntiyahagaritse umuziki ariko icabaye nuko yahinduye uburyo akoramwo umuziki gusa, n’ayahandi ibikorwa ngo biracakorwa ukuri kwamye.

Mu kiganiro n’imboneshakure yo mu gihugu kibanyi c’Urwanda, uwo muririmvyi abarizwa muri Australie muri kino gihe, yabajijwe nimba yari yarahagaritse umuziki muri ino myaka 7 amaze muri ico gihugu. Yabihakanye ahubwo avuga ko yahinduye uburyo yakoramwo umuziki.

Muri ico kiganiro David yavuze ko yarasigaye aririmba indirimbo ziri mu rurimi rw’icongereza, ngo kuko yasanze hariya umuziki uvuzwa, canke ukorwa uburyo butandukanye cane n’ubwo bari basanzwe bakoramwo akiri I Burundi.

Ariko akaba yavuze ko muri kino gihe yagarutse kuririmba indirimbo ziri mu rurimi kavukire. Aho ni nk’indirimbo Mu bwigobeko aheruka gushirira ahabona amasanamu y’amajambo arimwo bita mu kinyamazuru “Lyrics Video”.

Ku batamwibuka David Nduwimana n’umwe mu baririmvyi bari mu murwi wo guhimbaza no gutazira mw’isengero Life Center mu Nyakabiga, akaba kandi n’umwe mu bari bagize umurwi Shemeza Music, ariko kandi akaba yarasanzwe aririmba ku ruhande rwiwe aho yasohoye indirimbo zitari nke zirimwo Yesu niwe canke Urashoboye.


Chany Queen niwe yateturuye Sat-b vyamuyangaranye

$
0
0

Sat-b ngo uwo yoshira imbere ko yagize ico amufasha mu muziki ngo ni Chany Queen, kuko yamukuye ku nzira amaze igihe arindiriye umuririmvyi ngo amufashe mu ndirimbo ariko akamubura.

Mu kiganiro na Ami Pro ku mboneshakure Amipro Show 257 yagarutse kuri kahise kiwe k’umuziki, aho yanavuze ko mu mwaka wa 2010 yakoze indirimbo zitandukanye z’umugambwe, arikumwe n’uwahoze ari umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Saidi Djuma.

Muri ico kiganiro nyene yanavuze ko acirondera mu muziki, hari umuririmvyi yarindiriye igihe kitari gito ngo bakorane indirimbo, ariko ntivyaba bigikunda. Yahakuwe n’umuririmvyikazi Chany Queen amwumviye ikigongwe, noneho amuha Collabo.

Yagize ati : “ Chanella yansanze ahantu avuga ati none se ko urindiriye umuririmvyi imisi myinshi ariko ntaze, ingo ndaguhe Collabo. Aca arampa Collabo. Tuvuze abaririmvyi nokwemera, noshira imbere ko bagize intererano cane mu ntuzeya, novuga ko ari Chanella. Nico gituma Chany Queen aho ari hose agomba kumenya ati iciza ntigipfa, ntikibora, kizokwamaho.”

Muri ico kiganiro nyene, uwo muririmvyi yanamenyesheje ko yaje mu muziki asanga hari abaririmvyi 2 gusa, ariko arashimye kuvuga mu mazina. Ico gihe ngo bamubwira ko nubwo yoririmba gute atobashikira.

Mukibuka ko uno musi uwo muririmvyi ari mu baririmvyi 5 ba mbere babaserukira Uburundi mu mahanga, indirimbo zabo zikaba zivuzwa hirya ni hino haba ku mboneshakure canke ku nsamirizi zitandukanye zikomeye kw’isi, co kimwe n’ukwitabira ibiganiro bitandukanye baba bahamagawemwo kuri zimwe muri izo nsamirizi nyene.

Davido yakoranye indirimbo na Nick Minaj

$
0
0

Mu gihe isi yugarijwe n’ikibazo ca COVID-19, Davido we ntiyicaye kuko abandanya akora nkuko bibandanya biboneka mu bikorwa ashira ku mbuga ngurukanabumenyi.

Inyuma y’indirimbo aheruka gushira ahabona muri uku kwezi kwa 4, uwo muririmvyi akomoka mu gihugu ca Nigeria yamenyesheje ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha ko hari igikorwa gishasha kandi gikomeye agiye gushira ahabona.

Ico gikorwa uwo muririmvyi akaba yamenyesheje ko azogikorana n’umuririmvyikazi w’umunyamerika, akaba kandi n’umwamikazi mu mudiho wa Hiphop, Nick Minaj. Ako karirimbo kakorwa n’umuhinyanyuzi Speroach basanzwe bakorana, ariko ntiharamenyekana nimba kazosohoka ryari.

Uwo muririmvyi akaba nkuko amakuru dukesha ibinyamakuru bikomakomeye abishikiriza ngo niwe muririmvyi w’umunyafrika amaze gukorana cane n’abaririmvyi b’ibihangange kwisi. Uwuzwi cane aheruka gukorana nawe akaba ari Chris Brown bakoranye akaririmbo kamaze kurabwa incuro zirenga imiliyoni 44 ku rubuga rwiwe rwa Youtube. AKo nako kakaba kiswe Blow my Mind.

Dieudonné Nahimana naho yahisemwo Sat-B yemeza ko Big Fizzo ageze kure

$
0
0

Mu gihe Big Fizzo abandanya kwidogera ikinyamakuru Jimbere avuga ko bariko baramucafuza mu kumugereranya n’abandi, umwe mu bariko bitoreza kuba umukuru w’igihugu we avuga ko uwo muririmvyi ageze kure mu bijanye n’umuziki.

Mu biganiro ikinyamakuru Jimbere kiriko kiraha abariko bitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu, hari ikibazo cagiye kigaruka aho bariko babaza hagati ya Sat-B na Big Fizzo uwo bemera. Mu babajijwe, hari uwavuze ko abakunda bose, uwo ni Léonce Ngendakumana, nayo Dieudonné Nahimana we akaba yasa nkaho ashigikiye Big Fizzo.

Yagize ati : “ N’abantu tumaze gukorana bose, kandi bamwe tuzinanye kuva bakiri bato bagitangura kuririmba. Ikintu nkunda ahanini, n’ishaka n’ukurondera gukora ibintu mu buryo butandukanye n’uko abandi babikora. Umuntu nka Big Fizzo amaze kugaragaza yuko arondera gukora mu bushakashatsi burengeye ubwo abandi bamaze gukora muri kahise. Ariko kandi baratandukanye na Sat-B kuko nawe afise uburyo bwiwe bw’ingene asanzwe aririmba, ariko birerekana neza uravye urugezo Big Fizzo agezeko mu buryo mpuzamakungu, arafise gukunda gukora ibintu mu buryo buhanitse, novuga bushimishije.”

Naho yashimye urugezo agezeko mu bikorwa bijanye n’ukuririmba haba hano iwacu canke mu mahanga, uwo munyepolitique kandi akaba n’umukozi w’Imana yahisemwo Sat-B ngo abe ariwe bakorana mu bikorwa vyo kwiyamamaza, mu matora y’umukuru w’igihugu azoba igenekerezo rya 20 Rusama muri uno mwaka.

Thyti Love ngo yashatse kubanza kuvyara agifise inguvu zo kubarera

$
0
0

Thyti Love ngo yabanje kwanza gufata akanya ko kuvyara imbere yuko yirukira kuririmba, kuko kuririmba ngo ntibita igihe. Ivyo n’ivyo aheruka gushikiriza mu kiganiro aheruka guha imboneshakure ya hano iwacu, aho yariko abazwa ivy’umuziki wiwe.

Muri ico kiganiro caciye ku mboneshakure Buja Hit Tv, uwo muririmvyikazi wa kera yamenyesheje ko muri kino gihe asa nk’aho yabaye arahagarika gatoya umuziki kugira afate akanya ko kubanza kwanza kuvyara na 2.

Muri ico kiganiro nyene uwo muvyeyi w’abana 2 yabwiye iyo mboneshakure ko naho yahagaritse kuririmba gato ngo asanzwe akora amareresi ukuri kwamya, ivyo akabisigura kuko ngo amareresi atamutwara umwanya munini nk’umwanya indirimbo zimutwara. Igituma uwo muririmvyi yavuze ko ari ukubera umuziki bimusaba gukora ibiteramo.

Yagize ati: “Ubuzima ni buto cane, kandi burya umuntu akeneye kuvyara, il faut ko avyara kare agifise inguvu. Jewe nashatse mvyare utwana twanje nka 2 canke 3, kugira ejo ninasaza nzoronke abandera. Je ndavyara sinsaza, ndagira sport. Gusaza ni mu mutwe, kandi iyo utavyaye kare ngo witunganye hakiri kare, haragera igihe inguvu zihera ugasanga abana bawe urabavyaye nta mwanya uronse wo kubarera, uciye upfa abana bagasigara barangara.”

Uwo muririmvyikazi yanavuze ko umusi azogaruka mu muziki azoza ari umuririmvyikazi wundi kuko afise vyinshi amaze kwiga muri ino myaka 3 amaze atari ku rubuga rw’umuziki, ariko arabira inyuma gatoya. Uwo muririmvyi akaririmbo kiwe ka nyuma kakaba kasohotse mu mwaka wa 2017.

Kwoba ari uguter’imbere canke habaye ugusubira inyuma?

$
0
0

Imyaka yaba Canco na ba Torobeka Joseph ishobora kuba myiza mumuziki kurusha ubu?
Amahane akomeza kuhaba mu mvugo za bamwe bamwe bivuye kuri iri jambo ry’uko umuziki w’Uburundi woba warateye imbere hakabaho abemeza ko ataho wagiye ahubwo habaho akantu gato ariko ngo nako kuba ari nko kwikanga.

Ijambo ngo Umuziki wacu warateye imbere rikomeza kuvugwa cane mu nsamirizi ndetse n’imboneshakure zimwe zimwe zikorera kuri YouTube ndetse bikanemezwa na bamwe mu baririmvyi naho hari ababihakana.

Iyo ubajije umuririmvyi canke umukunzi w’Umuziki w’Uburundi uti: Mbega ubona hariho itandukaniro ubu na kera mw’iterambere ry’umuziki ndundi?

Benshi bagira bati #EGO

AKARORERO: “Uravye aho umuziki w’Ubu uri ukaca uraba no mu myaka yahera biratandukanye cane kandi uravye ubu Abaririmvyi bacu barashigikirwa n’amashirahamwe naho atari cane ibiteramo bikaba tukanakira Abaririmvyi bavuye hanze y’igihugu baje gukora ibiteramo.”

Ikibazo canje kiza ngaha :

Koko iri n’iryo terambere Umurundi wese akwiye kwishimira?

Iyo bamwe bavuze ngo uravye mumyaka yahera hari aho batarenza mukuraba iyo myaka yahera, ariko wasubira inyuma cane uza gusanga umuziki wacu warakorotse bivanye n’urugero waruriko ukaca uraba ubu.
Ati gute?:
Mumyaka ya Canco Hamissi, Nick Dave, Africa Nova,……..Tec
Torobeka Joseph, Mijuriro Matias, n’abandi, Uburundi bwaraseruka cane mu makungu aho ubona ko Uburundi bwaboneka cane kandi cane mubihugu vy’abera ndetse hagakorwa Tour nka Europe yose ndetse bakagera na za Asia aho twoshimikira kubaririmba akaranga nk’abatama uyu musi bakihari nk’Umugwi #ABAGARUKIRAKARANGA ndetse ayo mahirwe yanabonetse cane ku bana babiri b’Uburundi aribo Alfred na Bernard (Nkundabantu) bo bivugwa cane ko babashije no guhagarara kuri stage imwe n’umuririmvyikazi w’igihangange kw’isi ariwe azwi nka Beyonce, bamenyekanye cane mbere no kw’isanamu riberekana bari imbere y’isinzi ry’abantu mugihugu ca Brazil.

Ariko ivyo vyose urwaruka rw’uyu musi turirengagiza ko vyanabayeho, tukayaga aho tubasha gushikira.
Aho hambere twumva benshi kumunwa haranabayeho ukuboneka mu mahiganwa akomeye muri Africa ariko uyu musi atamuririmvyi n’umwe ahonyozayo ikirenge mugihe mu myaka yahahitiye haboneka n’ubwatahukanye Abaririmvyi babarundi.

Mbega koko nk’umurundi uravye ubu n’ivyo bihe koko Uburundi mumuziki bwarateye imbere canke bwarasubiye inyuma?

Raissa ahamagarira abandi bigeme kwifatanya nawe mu mwuga w’ubu Queen Video

$
0
0

Umwigeme yakoze nka Queen Video mu ndirimbo ya Dr Claude, ya Dj Pro, ya Swagg Team, co kimwe no muya Sat-b, avuga ko abakobwa bakunda uwo mwuga w’ugutamba mu ndirimbo ngo boshira ubwoba bakirengagiza amajambo, noneho bagatangura bagaca amahera.

Mu kiganiro aheruka guha imboneshakure Magic Tv, yamenyesheje ko uwo mwuga uhemba neza, yanaboneyeho akaryo ko gusaba abandi bigeme babikunda, nabo kuja gukora ako kazi.

Uwo mwigeme afise ubwenegihugu bwa Congo n’ubw’Uburundi, avuga ko amaze kuboneka mu ndirimbo zitari nke, iya vuba ikaba ari Jugumira ya Dr Claude. Muri ico kiganiro nyene yavuze ko abo baririmvyi ngo ata bucuti burenze ubw’akazi bafitanye. Raissa yabandanije abwira Minouche ko abo baririmvyi banafatana neza cane.

Muri ico kiganiro nyene, uwo mwigeme yabajijwe uko abavyeyi bavyakiriye kumubona mu ndirimbo, yavuze ko ata kibazo na kimwe yagize. Igituma ngo nuko we yatanguye uwo mwuga atamba mu mugwi, ngo yamye akurikiza ico abavyeyi bamusaba, nko gutaha kare.

Mwomenya ko uwo mwuga utabonwa neza n’abantu bose, igituma ngo nuko abo bigeme kenshi usanga bafitanye ubucuti bundi budahuye n’umuco kama  n’abo baririmvyi baba bariko barakorana ivyo bikorwa, naho abo baririmvyi ubwabo abatari bake bavyamirira kure.

Miss Badiscelle ngo ubuzima bwarahindutse inyuma yo kwiyandikisha muri Miss Burundi

$
0
0

Umwe mu bigeme bari muri Miss BURUNDI uno mwaka wa 2020, Miss Iteka Radiane Badiscelle yaserukiye intara ya Ngozi kuko ariho akomoka, arahamagarira abandi bigeme nabo kwitabira amahiganwa nkayo, na cane cane nk’irya Miss ku gasaka risanzwe ryimirije vuba.

Mu kiyago yagiranye n’imboneshakure isanzwe ikorera ku buhinga ngurukanabumenyi, ariko ikorera mu gisagara ca Ngozi, Ku Gasaka Webtv, yamenyesheje ko amahiganwa ya Miss azokurikira, yaba Miss Burundi yo mu mwaka wa 2020, ashobora kutazoyitabira. Nayo Miss ku gasaka yo yitezwe vuba ngo ntazoyitabira kuko afise ibindi yari yarateguye.

Uwo mwigeme w’imvukira ya Bujumbura, avuga ko imbere yuko aja muri Miss Burundi, yarasanzwe akunda ico gikorwa, kuko ngo yanazikurikirana cane kuva akiri muto. Aho akavuga ko atakurikirana Miss Burundi gusa, kuko yaba Miss Rwanda, Miss East Africa n’izindi ngo arazikurikirana cane.

Yabajijwe nimba abavyeyi bari bamushigikiye, uwo mwana w’umukobwa, yamenyesheje ko asigaranye umuvyeyi umwe, ariko ngo uwo nyene yaramushigikiye 100% kuko ngo ni nawe yamusubizamwo intege mu gihe yasa n’uwataye ivyizigiro. Aho yanamubwiye ko yonashobora kubandanya, canke akaharonka incuti, mu gihe we yabona ko ashobora kutabandanya muri ayo mahiganwa.

 

 

View this post on Instagram

 

candidate #missburundi2020 ITEKA Badiscelle Radiane @missburundi_badi_iteka_fans @burundiangirl_1

A post shared by Miss Radiane Badi ITEKA (@miss.radiane.badi.iteka) on


Uwo muvyeyi nyene ngo ni nawe yahanuje imbere yuko aja muri ico gikorwa ca Miss Burundi, abandi benshi ngi ntavyo bari bazi, uretse bamwe mu bagenzi biwe bari basanzwe baba hafi aba Mannequin yahanuje uburyo yokwitwara muri ayo mahiganwa.

Miss Radiane avuga ko ubuzima busa n’ubwahindutse inyuma yo kwimenyekanisha ko agiye muri Miss Burundi. Igituma ngo nuko yaciye atangura kurabwa ivyo yaba ariko akora vyose, kuko aho yaca hose yasanga abantu bamaze kumumenya.

Ivyo vyahavuye bifatanwa n’uburyo ibinyamakuru vyahavuye bitangura kumwandikako, ivyamubabaje mu ntango kuko atarabimenyereye, ariko ngo inyuma y’ukuyaga n’umwe mu bamenyekanye bari incuti kandi bakunze kwandikwako, ngo yahavuye ashiraho urubibe hagati y’ubuzima abantu bose bazi n’ubuzima bwiwe bwite.

Mwomenya ko uwo mwigeme asanzwe afise amashure ya kamenuza mu gisagata c’abaforomakazi, urupapuro rw’umutsindo akaba akirindiriye ko rusohoka muri kamenuza y’I Ngozi aho yahereje mu mwaka wa 2019. Igitabo c’ukurangiza amashure akaba yagisomye mu kwezi kw’12 muri uno mwaka wa 2019.


Favie ngo abaririmvyi ba Gospel bari bakwiye gufatana mu nda

$
0
0

Favie ngo abaririmvyi ba Gospel ntibari bakwiye kwicamwo ibice, ahubwo bari bakwiye gukorera hamwe. Kandi uwo muziki bakora ngo ntiwarukwiye kwiyumvirwako nk’uwo kudandaza ariko uwo gusana imitima.

Mu kiganiro n’imboneshakure isanzwe ivuga ku baririmvyi baririmba izo guhayagiza Imana gusa, uwo muririmvyikazi yahamagariye abaririmvyi baririmba izo ndirimbo gufata mu nda, kandi babikore babona ko babikoze kugira igikorwa c’Imana gitere imbere.

Favie muri ico kiganiro yamenyesheje ko uwofasha umuririmvyi aririmba izo guhayagiza Imana adafise mu mutwe ko ashaka gufasha kugira ico gikorwa c’ukwagura ubwami bw’Imana gitere imbere, ngo yoshaka akavyihoza.

Muri ico kiganiro nyene, uwo muririmvyikazi yigeze kuba mu mugwi Redemption Voice, avuga ko ubutumwa atanga haraho buba bwamuhawe we, ariko akanashima kubusangiza abandi. Muri ico kiganiro nyene yanavuze ko ava muri uwo mugwi “Redemption Voice” ngo hari hageze ko avayo.

Mwomenya ko uwo muririmvyikazi amaze imyaka 2 avuye muri uwo mugwi yari yatanguyemwo ari umwigeme wenyene, ariko mu nyuma baza kwugurura imiryango habonekamwo uwundi mwigeme. Ubu akavuga ko ariko arakora ibishoboka, ariko ngo ibikorwa vyiwe ntibimenyekanishwa bihagije.

Yoya Jamal, iyi niyo nyishu kubamaze imisi babaza iyo yagiye n’ibikorwa vyiwe

$
0
0

Yoya ngo yugaraniye munzu arinyegeje ntaco yokwemerera abakunzi biwe.

Igihe kibaye kinini umuririmvyi Yoya Jamal atakibarizwa mugisagara ca BUJUMBURA ariko navyo bishobora kuba ariyo ntambamyi ituma uwo muririmvyi atagisohora indirimbo nyinshi nkuko vyahahoze bigatera uruhagarara mubakunzi b’umuziki wiwe haba mubiganiro bica mu masamirizi ndetse no kumbuga zigiye zitandukanye babaza ivyo yoba arimwo.

Ariko natwe nk’uko tutigera ducererwa kubaronderera ivyo mwipfuza twarayaze na Yoya nawe ntiyaba umwana mubi mukwishura

Uti mbega Yoya ari mubiki muri kino gihe?

Yoya Jamal ati:
“Jewe mukuri ico nobayagira nuko ndi munzu nugaranye co kimwe n’abandi baba hano mu bwongereza ndetse n’amahanga nkuko mubizi, ntakintu nakimwe ndiko ndakora nico gituma ataco nokwemerera umukunzi w’umuziki wanje canke abakunzi b’umuziki ndundi muri rusangi, nanje ndindiriye hamwe n’abandi mukurindira ko ubuzi butangura gukorwa, maze nige uko ngiye gutunganya ibikorwa vy’umuziki wanje kugira mbandanye mpimbara abakurikirana ibikorwa ndundi.

Aho natwe twoca dusozera tubibutsa ko Yoya afise indirimbo yiwe yanyuma kuri YouTube imaze amezi umunani nayo ikaba ari iyamenyekanye cane nka Mutima.

Abaririmvyi ntibubashwe kubera badatunze kubwa Prince Mshindi

$
0
0

Prince Mshindi ngo impamvu abaririmvyi batubashwe mu gihugu s’uko baririmba, ahubwo ngo nuko hari ibintu badashoboye gukorera imiryango yabo. Ivyo n’ivyo aheruka kuvuga mu kiganiro n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi akaba n’umu Rappeur akomeye hano iwacu, yavuze ko we asanzwe afise ibindi bikorwa asanzwe akora mu buzima bwa misi yose. Ngo ikimutunze si umuziki, kandi si nawo yatanguye gukora, ariko ngo waje mu nyuma.

Muri ivyo bimutunze yavuzemwo gukora amasanamu, akoreye mu ruganda “Company” rwiwe yashinze haraheze igihe, IGICAPO. Ivyo bikorwa ngo nivyo bimutuma abasha kubaho ubuzima bwa misi yose nkuko yabandanije abiyagira Siren Vibe Tv.

Uwo muririmvyi nyene muri ico kiganiro akaba yanagarutse avuga ko abaririmvyi iyaba bari bafise amafaranga, bakabasha gukora ibikene ku miryango yabo, ngo abo baririmvyi akazi kabo kaba kubashwe gusumba.

Uwo muririmvyi akaba yanaboneyeho akaryo ko kubwira abandi baririmvyi bagenziwe kureka amasoni, bakava muco yise ama Showbiz, ahubwo bagatangura gukora. Kuko kubwiwe ngo ufise amafaranga yawe, ivyo abantu bavuga ngo ntaco biba bivuze.

Mshindi yayiciye umurya avuga ko abaririmvyi benshi bariko barakura, rero ngo mu misi ya vuba nibarongora bakanavyara, ngo bizoba bigoye cane ko umwana n’umugore umubwira umuziki , utariko umwereka ico wazaniye umuryango.

Mwomenya ko uwo muririmvyi ari mu baririmvyi baririmba indirimbo za Gospel ziririmbwe mu midiho igezweho, iyo abakiri bato bakunda cane. Ivyo bikaba bidahurizwako na bose kuko ngo iyo midiho itari ikwiye kuririmbwamwo indirimbo z’Imana.

Christian yavuze ko akaririmbo gashasha afise kataririmbwe kubwa Corona Gusa

$
0
0

Christian Irimbere mu kiganiro n’ikinyamakuru Igihe co mu gihugu kibanyi c’Urwanda, yavuze uburyo yisanze mu muziki. Muri ico kiganiro nyene yagarutse ku ndirimbo yiwe nshasha, n’ivyo yigiye mu gikorwa abanyarwanda bise “Guma mu rugo”, cari kigamije kugabanya gukwirakwira kw’ikiza ca Corona Virus.

Uwo muririmvyi wa Gospel azwi cane mu biteramo vy’uguhimbaza n’ugutazira Imana hano iwacu, yamenyesheje ko muri kino gihe afise akaririmbo gashasha bise “He is With You”. Ico gikorwa gishasha akaba yahumurije abantu bibaza ko yagikoze kubwa Corona, ariko ngo ubutumwa burimwo bushobora gufasha uwariwe wese bivanye n’uko afashe ubutumwa burimwo.

Uwo mwanditsi akaba n’umuririmvyi w’indirimbo zitari nke, avuga ko yandika indirimbo abikora bivuye mu kiyago aba yagiranye n’uyu canke uriya. Aho agatanga akarorero k’imwe mu ndirimbo ziwe zavuye mu kiyago yagiranye n’umwe mu ncuti ziwe kuri Whatsapp, amuhumuriza, noneho bivamwo gukora indirimbo.

Uwo muririmvyi akaba yarangije ico kiganiro avuga ko indirimbo zose yanditse, yanaririmvye ngo zifise ikintu kinini gisigura mu buzima bwiwe.

Mwomenya ko uwo muririmvyi asanzwe afise ibikorwa bitandukanye akorera I Kigali, imbere y’ibi bibazo vya Corona Virus akaba yahora asimbira I Bujumbura, noneho agasubira I Kigali aho asanzwe yisumamwo

Big Fizzo ngo ahora akosora abantu bavuga igifaransa kandi atamaze amashuri

$
0
0

Big Fizzo ahanura abantu kudatwenga uwutazi ibi canke biriya ngo kuko nta muntu amenya vyose. Aho hari mu gihe bari bahejeje kumubaza ibibazo 4 noneho agatoramwo 2 ku mboneshakure Siren Vibe Tv.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi yavuze ko umuntu atari akwiye gutwenga mugenziwe ngo kubera atazi iki canke kiriya, ahubwo ngo inzira nziza n’ugufata akanya ukamukosora, kuko ngo abarundi barayamaze ko ubwenge burahurwa.

Uwo muririmvyi yanasavye ko ingeso abarundi bafise yo gutwenga umuntu kuko ururimi mvamakungu rwamunaniye bobiheba, kuko ngo n’abakivukiyemwo batakivuga neza bose. Ahubwo uwuvuze nabi ico Kirundi mwumva akaba ariho babasha kumutwenga.

Mwomenya ko mu bibazo 4 yabajijwe yananiwe 2 arivyo gusigura mu majambo yose CEO, ntiyanabasha kuvuga uko bita amababi y’ibitoke mu rurimi rw’ikirundi. Ivyo yabashije gutora navyo ni nk’izina ry’umuririmvyi mugenziwe “Mudibu”, hamwe n’izina ry’ihinguriro ry’icayi rya hano iwacu.

Viewing all 3189 articles
Browse latest View live