Kidum, Bernice the Bell na Andy Mwag baraza guteramisha abantu biciye ku mbuga ngurukanabumenyi
Preeze ngo abamuririmba bafise akanya, we nta mwanya afise wo kubishura
David ngo ntiyahagaritse umuziki, yahinduye uburyo awukora
Chany Queen niwe yateturuye Sat-b vyamuyangaranye
Davido yakoranye indirimbo na Nick Minaj
Dieudonné Nahimana naho yahisemwo Sat-B yemeza ko Big Fizzo ageze kure
Mista Champagne ngiyi indirimbo ashobora gusohora
Mumajambo yanditse ahayagiza Afurika ko nimba bariko batangariza Afurika ko Corona yoba igiye kuzanana ingumvu nyinshi atangorane ihari kuko bo Muri Afrika barasenga kandi ngo nimba barabonye imiti ya Ebola canke umuti Uvura Isumu ngo nta Nkeka n’inyishu ya CORONA izoboneka, akagira ati Afurika turasenga cane kunkomezi z’uhoraho tuzonesha ntaco ico kiza kizogira abana ba Afurika
Ni Mista Champagne yasavye ko aboza kubona ubutumwa batohirahira ngo babwirengagize kuko Tugomba gukora ugushoboka ntitwirengagize ibisabwa kugira ngo twirinde ivyo vyose vyodutera kwandura.
Aho naho yabandanije asaba ko atowomugendera kuko ngo we ari muciswe Quarantaine, aho yahaye ubutumwa abagenzi ndetse nababanyi aho yanditse akora ati:
” sitaki visite staki entre ni sortie jusqu’à nouvel ordre, pendant 30 jour, ukiwa na shida yangu nipigie simu ama uniandikie message, nawa voisin, ukiwa na shida yangu ongelea kudirisha nitakusikia, Iyo inaitwa Opération Corona’’.
Aho mwomenya ko Mista Champagne yaciye arangiza abaza abamukurikirana ati:
Tuachie wimbo wa
OPÉRATION CORANA ama KINAANGUKA?
Bisigura ati: Turekure indirimbo ya *Operation CORONA* canke *KINAANGUKA?*
Masterland iki nico asaba abakunzi b’umuziki wa hano mu Burundi
Inyuma yaho hagiye haraboneka amajambo asa nayagoye mundirimbo za bamwe mu baririmvyi ba hano iwacu, umuririmvyi Masterland we asaba ko amwe mu majambo agoye bumva abagora gutahura hako bayaririmba nabi bakaririmba ndetse rimwe narimwe ugasanga bavuze ikintu kidashemeye ko boza baragerageza kubasiguza kuko ivyo bo baririmba baba babisobanukiwe.
Ni Masterland yasavye abakunzi n’abasanzwe bakurikirana umuziki ndundi aho yanditse agira ati:
“Amajambo amwe amwe mudatahura mu nyandiko z’indirimbo twandika muzoze muradusiguza kuko tuba tunashaka ko abarundi tumenya ururimi rwacu n’amajambo amwe amwe yo ku zîko afise akanovera.”
Aho tukaba twobibutsa ko Masterland ari mu baririmvyi bake bashobora kuririmba amajambo agoye y’ikirundi ariko kandi akaba amaze kumenyesha ko ikibimutera gihambaye kurusha ibindi aruko abashaka kugirango abarundi bo mur’ino myaka batokwirengagiza ikirundi co ku zîko nkuko abimenyesha.
Ariko kandi mugusozera tubibutse ko uwo muririmvyi Masterland nyene aheruka gushira akaririmbo kiwe gashasha ku rubuga rwiwe rwa YouTube aho mwosimbirako kugira tubandanye yantumbero yo gukunda no gushigikira ivyacu.
Kaya yavuze kuri Album nshasha hamwe n’amasanamu y’indirimbo nshasha
Kaya Freedom ngo naho Corona Virus yamufatiriye, bigatuma aguma i Kigali imisi irenze iyo yari yateguye, ntiyicaye kuko yabandanije akorera kuri Album yiwe nshasha ariko arashaka gushira ahabona mu misi ya vuba.
Mu kiyago ku murongo wa Téléphone, yatumenyesheje ko hari indirimbo 3 zimaze gukorerwa amasanamu, izo zikaba ziri muri urwo rukurikirane rushasha rugizwe n’indirimbo 9 ziriko zirashaka kuzoshirwa ahabona.
Muri izo ndirimbo harimwo iyo yakoranye na Bushari, umwe mu baririmvyi bakomeye i Kigali muri ino misi akora umudiho wa KinyaTrap. Hampande y’umunyarwanda, Kaya yamenyesheje ko hari n’iyindi ndirimbo yakoranye n’umurundi yitwa Ngarigari.
Izo ndirimbo zakorewe amasanamu nk’uko yabandanije abituyagira, ngo zizoshirwa ahabona buri musi wa gatanu. Iya 1 ikaba yashizweko kuri uyu wa gatandatu, ikaba ari iyo yakoranye n’uwo munyarwanda yitwa Bushari. Iyindi ikaba yitezwe ku musi wa 5 uri imbere.
Kaya akaba yabandanije atumenyesha muri ico kiganiro twakoranye ko inyuma y’ugushira ahabona amasanamu y’izo ndirimbo ngo azoca asohora izo ndirimbo zikaja ku mbuga ngurukabumenyi zisanzwe zigurisha umuziki.
Kidum ngo Coronavirus ntiyamuteye kurera amaboko
Kidum ngo naho akazi kahagaze muri Kenya kubera umugera wa CoronaVirus ubageze habi, ngo we ntiyicaye kuko ariko arandika kugira igihe iki kiza kizorengana azoronke ico aha abantu. Ivyo n’ivyo aheruka kuyagira ikinyamakuru BBC.
Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi w’umurundi abarizwa mu gihugu ca Kenya yavuze ko muri kino gihe bicaye mu nzu n’umuryango, kuko akazi kahagaze, kuko ibibanza bihuriramwo abantu benshi vyahagaritswe mu gihugu ca Kenya.
Kidum avuga ko muri kino gihe ataco ariko arinjiza, kuko n’ibiteramo yari yarateguye gukora, birimwo ico mu gihugu c’Ubuganda, ic’i Mombasa muri Kenya, vyose vyahagaze kubera iyo ngwara ya Covid-19 yateye. Ubu Kidum akavuga ko ariko yikora ku mafaranga y’integabizoza yari yarashize ku ruhande.
Jean Pierre muri ico kiganiro yanavuze ko muri kino gihe yicaye mu nzu, acishamwo agafata igitari agategura indirimbo. Imwe murizo ni nk’iyitwa Hatuachani, iyo yo ikaba ngo yararangiye kwandikwa.
Muriyo hakaba hazobonekamwo amajambo nka :
“Imbaraga zaraheze kabisa, inguvu zaheze, hanyuma kandi n’inyota yose yo kunywa amazi yaheze, meze sawa, nguma nicaye, nguma nsamara ndiko ndakuraba.”
Mwokwibuka ko Nimbona Jean Pierre yaheruka aha i Bujumbura aho yari yaje gukora indirimbo yahuriyemwo n’abandi bririmvyi batari bake, aho bari basubiyemwo indirimbo NKunda Abantu y’umurwi Alfred& Bernard.
Mu kurondera Studio ya Dj Fanny 257 ngo yashatse gukura agasuzuguro ku gihugu
Nyamurangwa Fanny ni umwe mu bamenyeshamakuru bamenyekanisha umuziki ndundi bo mu runganwe rushasha, akaba aheruka gukora ikintu c’imbonekarimwe muri uwo mwuga.
Nyamurangwa asanzwe ari n’umu DJ, akaba kandi n’umumenyeshamakuru ku mboneshakure y’igihugu RTNB, aheruka gushira ahabona Studio nshasha ya Television yiwe asanzwe akorerako. Iyo mboneshakure ikaba isanzwe ikorera ku rubuga rwa Youtube, DJ Fanny 257.
Mu birori vyo gushira ahabona iyo Studio isanzwe iri mu buseruko bw’igisagara ca Bujumbura, abamenyeshamakuru, abaririmvyi, n’incuti ziwe bari batumiwe, ngo baze gufashanya nawe kwigina uwo musi, naho abari bazi vyukuri urubanza rubazanye bari ku rushi.
Ababashije kuganiro n’ibinyamakuru bitandukanye vyari muri ico kibanza ntibaretse kureka kumutera intege bamwipfuriza gutera imbere, kuko ngo iyo ntambwe atawurayishikako. Nko muri Best Life bakabona ko kiri muvyo umuziki ndundi warukeneye.
B Face we yavuze ko ari irya imbere yarabonye Studio imeze uko, kuko izindi zo ngo usanga zisa nabi bigatuma n’abaririmvyi bo mu mahanga baje hano iwacu bibatera isoni kuzifotorezamwo, ngo sinabo gusa, kuko abamenyeshamakuru ubwabo nabo ngo batemerera n’abaririmvyi ba hano iwacu bazifotorezamwo kubera ziba zisa nabi.
Nsavye umumenyeshamakuru wa kera muri uno mwuga, yabwiye Buja Hit ko yamenye uwo mwigeme haraheze imisi mikeya, ariko ko yagumye yumva agatima kamusunikira kumutera integer kuko yumva ko hari ikintu gikomeye azovamwo.
Nayo Dj Fanny avuga ko yari amaze imyaka 3 yose ategura gushira ahabona ikintu nk’ico. Aho akavuga imvo n’imvano y’ugushaka gukora ikintu nk’ico, ngo ari umuririmvyi Jux n’ishusho yashize kuri Instagram yiwe ari muri imwe mu nsamirizi za hano iwacu. Inyuma y’umwanya muto ayishizeko, ngo abantu bari batanguye kumuvuma bamubaza ikibanza yifotorejemwo. Ivyo ngo vyaramuriye yumva ko akwiye kurondera Studio iteye igomwe.
Uwo mwigeme akaba abaye uwa mbere mu gihugu c’Uburundi yuguruye Studio nk’iyo izokoreramwo imboneshakure yo ku buhinga bw’ingurukanabumenyi. Gushika ubu na rirya izihari ziharurwa ku ntoke, nazo zikaba zitagira ama Studio akomeye zikoreramwo, kandi nyinshi zikaba zatanguye kuboneka inyuma y’umwaka wa 2015.
Manu Dibango yahitanywe n’ikiza ca COVID 19
Ikiza ca Covid-19 kibandanya gihekura isi, kikaba kitanagera umutwe bamwe mu bihangange isi itunze. Inyuma yaho hamenyekaniye ko abaririmvyi, abashikiranganji n’abandi banyamafaranga bakomeye kw’isi batanguye gufatwa n’iyo ngwara, ubu naho ico kiza gitanguye kubatwara.
Inyuma ya umuririmvyi akomeye Kenny Rogers aheruka kwitaba Imana, uno musi naho Isi yabuze umu Saxophoniste akomeye w’umunyafrika, Emmanuel Dibango isi yarizi cane nka Manu Dibango. Uwo akaba yitavye Imana inyuma y’imisi 7 gusa ari mu minwe y’abaganga.
Amakuru dukesha ikinyamakuru Le Monde avuga ko uwo muririmvyi igenekerezo rya 18/3, yari yamenyesheje abakunzi biwe abicishije ku rubuga rwa Facebook mw’itangazo ko ari mu minwe y’abaganga kubera yafashwe n’umugera wa Corona Virus, utera ingwara ya COVID-19. Ariko naho biruko, amakuru ngo yabandanije atangwa kuri urwo rubuga yerekana ko ariko aratora mitende.
Uwo mugabo w’imyaka 86 akaba yitavye Imana amaze imyaka 60 akora uwo mwuga w’ukuririmba n’ukuvuza ibicurarangisho vy’umuziki, kuko yaramaze kwiga gukoresha ibitari bike. Akaba asandabiye mu gihugu c”ubufaransa ari naho yize igihe kitari gito, kandi akanakorera ibikorwa vy’umuziki.
Emannuel Dibango akaba yavutse mu mwaka wa 1933 I Doula muri Cameroun, ku myaka 15 gusa, arungikwa mu gihugu c’Ubufaransa ari naho yahavuye akorera ibikorwa vyamuhesheje izina rikomeye kw’isi. Uwo mugabo akaba azoshingurwa n’umuryango wiwe umwegereye gusa, kubera iyo ngwara yamuhitanye ihanze isi, ariko ngo igihe nica nicagera hazokorwa umugirwa wo kumwunamira.
Ico kiza kikaba kiriko kirasasika inganda muri kino gihe, kuko bivurwa ko abarenga 17,000 bamaze guhitanwa n’ico kiza, nayo abarenga 300,000 bakaba bamaze gufatwa n’iyo ngwara ifatira mu bihimba vy’ubuhumekero.
Kaya Free agiye gushira ahabona akandi karirimbo
Inyuma y’indirimbo yashize ahabona ku musi wa 5 uheze yakoranye na Bushari umuririmvyi w’umunyarwanda, Kaya yamenyesheje akoresheje imbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha ko agiye gushira ahabona iyindi ya 2.
Iyo ndirimbo izoshirwa ahabona ikaba yahawe akazina ka “Greatlakes”, ikaba yakorewe kwa Kenny Pro Beats kuko iri mu rukurikirane yise Africa, kandi ruvuga kuri Afrika nyene. Nayo akaba ataririmvye wenyene kuko yakoranye n’uwitwa Kivumbi King.
Iyo ndirimbo ikaba iri mu gitigiri c’indirimbo 3 zitegerezwa gushirirwa ahabona amasanamu imbere yuko urwo rukurikirane rushirwa ahabona nkuko yabiyegiye Indundi Tv mu kiyago twagiranye natwe ku murongo wa Telephone.
Kaya akaba abarizwa I Kigali muri kino gihe, ariko akaba asanzwe arangurira ibikorwa vyiwe vya misi yose muri Canada, iyo ari n’umuryango, akaba azosubirayo ikibazo c’iyi ngwara ya Covid-19 iterwa n’umugera wa Corona Virus gicureshe.
Izina ry’indirimbo ya mbere rigiye kuza vuba kuva kuri CEO wa Empire Avenue
Inyuma yo kumenyesha ibikorwa bigiye gusohoka yashize hanze izina rimwe mu ndirimbo zitanu zari zashikirijwe ko zigiye gusohorwa n’inzu ya Empire Avenue.
Haraheze igihe kitari gito atagikorwa na kimwe kiboneka mu nzu ya Empire Avenue na cane cane ku muririmvyi BIZIMANA Aboubakar Karum tuzi nka Sat-B ariko hakaguma haboneka imyidogo myinshi mubakurikirana ibikorwa vyiwe haba mubamushigikiye ndetse n’abatamushigikira ariko baguma baterezayo akajisho aho ubona ko amajambo yagaruka kenshi muri commentaires zaboneka kurubuga gwiwe yari:
“Acha maneno bro kora uduhe umuziki kuko amajambo yo ataco adufasha”. Ariko ukamenya ko Sat-B ari mu babaririmvyi bake bafise abakunzi batigera bacika intege nubwo yomara umwaka wose adasohora indirimbo.
Biciye kuri ino foto yerekana ishusho nshasha ya Sat-B ndetse n’inyandiko ziri kumpuzu zabo barikumwe ndetse basa n’abahishije amashusho yabo na Sat-B ubwiwe yambaye impuzu iriko amajambo nka #INTARE BATINYA, irerekana neza ko ari mukibanza bariko bafatiramwo amasanamu y’iyo ndirimbo aho ubona ko ishobora gusohokana amasanamu (Video)
Iki nico gishobora kuba cabaye mu mugwi wa Swagg Team
Inyuma y’igihe kinini harimwo benshi bagiye barajabuka imbibe z’igihugu, hasubiye kwumvikana ijwi rishasha ritari rimenyerewe mu mugwi Swagg Team.
Umuririmvyi Red Boy Mnyama canke Bad Boy nk’uko akunda kwiyita ni umwe mubana bakiri bato cane batigeze bamenyekana kandi baririmba neza kubuhinga bisangije muri uno muziki bivanye n’uko asanzwe abikora, kuva aho asohoreye indirimbo zigiye zitandukanye ariko ntizagira amahigwe yo kumenyekana ubu ashobora kuba ariwe muririmvyi mushasha yiyunze n’umugwi Swagg Team+257 aho hashoboye kwumvikana ijwi ryiwe mu ndirimbo yabo nshasha bashize ahabona (Audio) barikumwe n’umuririmvyi Double Jay asanzwe ahagarariwe na Label iriko ibikora neza ariyo Bantu Bwoy Entertainment akaririmbo kabatijwe izina rya KOKWICA
Uwo muririmvyi nyene Red Boy ni umwe yagiye araboneka cane arikumwe n’abasore babiri basigaye mu mugwi Swagg Team; aho ariho ari naho hatanguye ivyo gukekwakekwa ko ashobora kuba ari muri uwo mugwi, ariko munyuma biza kurangira yumvikanye mundirimbo Kokwica
Aho twosozera tubibutsa ko Swagg Team +257 ari umugwi watanguranye abaririmvyi benshi ariko hagiye haragenda umwe kuwundi munyuma baza gusigara ari abasore batatu n’umwigeme umwe nk’uko bari n’abasore batatu basohotse igihugu , aho hatanguye uwitwa Roxy King hagakurikira Jolis Swagg munyuma yabo uwitwa Chris nawe arakurikira kandi bose ubona ko bari kirumara mu mugwi wa Swagg Team +257 .
Iki nico kibazo Miss Erica yabajije abakunzi b’umuziki ndundi
Mu nyuma yaho asohoreye indirimbo yiwe arikumwe na Sat-B, ni Miss Erica yabandanije avyifatamwo neza niyo ndirimbo nyene In My Heart aho mbere ari indirimbo yashoboye gukundwa n’abantu benshi inashobora kuja mu mahiganwa mpunzamakungu now Africa.
Ni Miss Erica ubona ko yagumye yizeza abakunzi b’ibikorwa vyiwe ko vuba bwango ashobora kubarekuriramwo uwundi muti nkuko yavyise akanizeza ko atakubamaramaza mugihe bazoba bamwizeye mukumushigikira.
Nawe kuruy’uyu wa kane igenekerezo rya 26 Ntwarante 2020 yashobora kwandika ano majambo abaza ati:
“Niryari mwumvise uwiyemera maze akarira??, mwebwe mutahura iki??, Nimurindire , Muzomenya hanyuma”
Haheze imisi mike gusa inzu ya Empire Avenue yemereye abakunzi b’ibikorwa vyabo ndetse n’abakunzi b’umuziki ndundi muri rusangi ko bagiye gushira ahabona indirimbo zitanu. Mukamenya ko mur’izo ndirimbo zitanu hamaze kuja ahabona amazina y’indirimbo zibiri gusa nazo akaba ari :
IZINA by Sat-B hamwe na NAJIAMINI by Belle9ice ft Miss Erica.
Aho izo zose zimaze gusohoregwa ico benshi bita Cover ubona ko izina yakozwe na DJ Korona ndetse na Yogo Beat asanzwe ava mugihugu ca Tanzaniya, na NAJIAMINI yakozwe n’umwe mu bahinyanyuzi bariko baravyifatamwo neza muri kino gihe ariwe X Fecta.
Aho tworangiza tubibutsa ko kazoba ariko karirimbo kambere k’umuririmvyikazi Belle9ice azoba ashize ahabona inyuma y’aho yaramaze igihe kinini yibungenze.
R Flow arashira ahabona amasanamu ya “Mungu Kwanza”
Ijambo Mungu kwanza ryari rigize igihe riboneka ku mbuga ngurukanabumenyi z’umuririmvyi R Flow ryahavuye ribonekamwo indirimbo, iyo ikaba iza gushirwa ahabona kuri uyu wa 16 ndamukiza isaha zitandatu z’umuhingamo ku rubuga rwiwe rwa Youtube.
Uwo muririmvyi akaba agiye gushira ahabona ako karirimbo biboneka ko kamaze igihe gakozwe, inyuma y’ako yashize ahabona haraheze amezi 2 gusa kamaze kurabwa n’abarenga 11, 000 kuri Youtube yiwe.
Mu gace kato k’iyo ndirimbo kabanje gushirwa ahabona, uwo muririmvyi yumvikana ahanura ko imbere ya vyose abantu bari bakwiye kubanza gushira imbere Imana, Nkuko n’iyo ndirimbo yitwa ariko mu rurimi rw’igiswahiri, Mungu Kwanza.
Muri ako karirimbo Riche akaba atari wenyene nko muri Love canke Umusara w’urukundo yaheruka gushira ahabona, ubu akaba azoba arikumwe n’aba Rappeur 2, Bamso bahoranye muri The Cousin hamwe na B Face agize igihe ariko akora ibikora inka.
Indirimbo ya Fortran Bigirimana na Gentil Misigaro buca ishirwa ahabona
Inyuma yaho Fortran Bigirimana yerekaniye ko hari igikorwa ariko arakorana n’umunyarwanda Gentil Misigaro nawe asanzwe akora indirimbo zihayagiza Imana, uwo muririmvyi w’umurundi akorera ibikorwa vyiwe mu Bufaransa yamenyesheje ko buca ashira ahabona ako karirimbo.
Ako karirimbo kahawe izina rya Nzamura, kakaba kazoshirwa ahabona kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2020, kakazoshirirwa ahabona amajwi co kimwe n’amasanamu.
Nk’uko biboneka ku rupapuro ndangandirimbo, Cover, yamenyesheje ko azoba ari isaha imwe y’ijoro “7Pm” ku masaha y’i Bujumbura, i Kigali no ku mugabane wa buraya, ariko kandi ayo masaha nyene muri Canada akaba azoba ari isaha zine z’agatondo “10 Am”.
Ako karirimbo kakaba kazoshirwa ahabona inyuma y’amasanamu y’indirimbo “Qu’il Soit Loué” yashize ahabona haraheze ukwezi, imaze kurabwa n’abagera ku 6400. Nayo “Tu es Saint” yashize ahabona haraheze amezi 5, imaze kurabwa n’abarenga 59, 0000 kuri urwo rubuga nyene rwa Youtube.
Alvin ngo niwe yatanguye gukora indirimbo ya Corona Virus abandi baramwiganye
Alvin Smith ngo abaririmvyi bari bakwiye kumenya ko ubutumwa bwabo bushika kure, nico gituma ubutumwa bujanye n’ukwirinda n’ukwikingira Corona Virus yashimye kubucisha mu ndirimbo.
Mu kiyago na Siren Vibe Tv, Alvin yavuze ko yabonye ko abantu bose bataronka amakuru umwanya umwe, ngo niko guca afata iya mbere mu gukora indirimbo kuko yari abizi ko abari kure badakoresha izi mbuga ngurukanabumenyi bashobora kwumviriza indirimbo iciye kw’iradiyo.
Muri iyo ndirimbo uwo muririmvyi asanzwe akora umudiho wa Rap agaruka ku cokorwa ngo umuntu yikingire ico kiza, anagaruka ku bibujijwe muri kino gihe ngo ico kiza ntikibandanye gikwirakwira hose. Iyo ndirimbo ikaba iboneka ku rubuga rwiwe rwa Youtube.
Alvin akaba muri ico kiganiro yagarutse ku bandi baririmvyi bariko barakora indirimbo nabo, aho avuga ko we ariwe yatanguye iciyumviro co kuyikora, ngo abandi bakoze ico yise mu kinyamazuru Cover; bisigura ko basubiyemwo iyiwe.
Mwomenya ko Alvin Smith ari mu baririmvyi bakora umudiho wa Rap bakunze kuvugwa cane hano iwacu, kubera utu na turiya abonekako imisi yose.
Fabelove arashikiriza iciyumviro co kuvuga amazina y’abaraperi muri Challenge yise Master naho yavuye
Inyuma yaho hakorewe indirimbo Godzilla igatangwa nka Challenge Fabelove nawe agakora iyo yise Master. Yasiguye neza impamvu nawe yayigize Challenge ku baririmvyi ndundi basanzwe bakora umudiho wa RAP.
Abicishije mu kiganiro Indundi Hits Show Fabelove yagize ati :
“Kwanza abantu bakwiye kumenya ko Master ari inspiration ya Godzilla Challenge yatanzwe na Eminem muri make je nibaza ko atakosa nakoze kuko nyene kuyikora yarayitanze abantu barayisubiramwo, ariko Nimba atakwihenda canke ukwiyemera nibaza ko atamuririmvyi n’umwe muri Afurika aragerageza kuririmba nka Eminem rero kuba narayitanze nka Challenge kuba raperi bagenzanje nuko nashaka dupime ubushobozi bwacu twereke isi ko mu Burundi hari RAP kandi nziza ndetse inatume umudiho wa RAP uguma uvugangwa ndetse bikanatera abantu kuguma biteze nti : Mbe yoba ari 19th agira asohore canke yoba ari Kingorongoro? ivyo vyari gutuma aba raperi bacu baguma kumwanya, ariko benshi ntituratahura ico arico challenge”.
Fabelove we akarangiza asaba ko aba raperi bose batobishiramwo inzigo kuko we atamutima mubi yabikoranye ahubwo akagira ati dukwiye gukanguka tukavyura umudiho wacu kandi tukagendera n’akarangamutima kawo, ndetse bakarangwa n’urukundo.