Quantcast
Channel: music – Indundi | Promote Burundi Beauty online
Viewing all 3189 articles
Browse latest View live

Mirire Makers ngo ntizitaho ba sat-b, ba Fizzo naba Lolilo ahubwo abacaruka bafise ingabire

$
0
0

Mirire Makers ngo nta mugambi ifitanye n’abaririmvyi bamenyekanye, ahubwo ngo abakiri bato ariko bafise ingabire ngo nibo bazorabana cane.

Mu kiyago na Indundi Tv, umuyobozi wa Mirire Makers, Peniel, inzu y’ubuhinyanyuzi nshasha, yamenyesheje ko mu migambi bafise ari ugushigikira abaririmvyi bafise ingabire, kuko abo badahabwa ikibanza gihagije mu zindi nzu z’ubuhinyanyuzi.

Uwo mumenyeshamakuru akaba kandi n’umuririmvyi yabwiye Indundi Tv ko hampande y’iyo nzu y’ubuhinyanyuzi ya Audio ngo bazoshiramwo igisata c’amasanamu, bakaba bakirindiriye Camera izoshika Vuba cane.

Mwomenya ko iyo nzu y’ubuhinyanyuzi ngo yabatwaye imyaka 2 y’ukwitegura hamwe n’imiliyoni zirenga 10 z’umutahe.


Mu bitegurwa na Dj Paulin, ivy’iboneka rya Meddy i Bujumbura birimwo?

$
0
0

Haraheze imisi icari kiriko kiboneka ku mbuga ngurukanabumenyi zaba Whatsapp co kimwe na Facebook z’abarundi bamwe bamwe baba i Kigali, rwari urupapuro rw’imenyekanisha ry’ikiganiro Dj Paulin azokorana na Lucky umwe mu bamenyeshamakuru bakorera RTV (Rwanda Television) mu kiganiro Versus.

Kuri uyu wa gatatu mu masaha y’ijoro niho ico kiganiro cashirwa ku rubuga rwa Youtube rw’ico kimenyeshamakuru c’igihugu.

Ucugurura iyo Video, ikikwakira n’ukwihenda kwabonetse muri iyo Video aho uwo mu DJ akaba kandi na Nyene ubutambiro Cristal Lounge, bavuze ko aherereye mu gihugu ca Canada.

Ariko hampande aho, muvyo DJ Paulin yashikirije yashimangiye cane ko umuziki w’abanyarwanda ukivuzwa kandi ku rugero rukomeye hano iwacu kandi ukunzwe, aho yanagiriyeko anasaba ko n’aho inyuma ya Kanyaru naho bokora nkuko bakaza bavuza umuziki ndundi cane gusumba.

Muri ico kiyago c’imonota idashika 10, bagarutse ku biriko birategurwa, aho Dj Paulin yavuniye akagohe abanyarwanda ko aho bukera imbibe zisubiye kwuguruka hari ibikorwa biriko birategurwa haba i Burundi canke mu Rwanda bizobahuza, birimwo n’indirimbo za bamwe bamwe.

Ariko hampande y’ivyo yanagarutse kandi ku baririmvyi aho avuga ko abaririmvyi ndundi baticaye, ngo bariko barakora. Yongerako kandi ko ikibuze hano iwacu ari ugushigikirwa kw’uwo muziki haba ku barundi co kimwe no mu nzego zo hejuru nkuko bikorwa mu Rwanda.

Muri ico kiyago cakozwe hakoreshejwe imbuga ngurukanabumenyi, Dj Paulin yatanze umuco ku ndirimbo afitanye na Meddy aho yavuze ko ikibazo cahabaye hakabura amasanamu ari akanya kuko bari bateguye kuyikorera muri Kenya. Paulin yahavuye yongerako ko hampande y’irya ngo bafise iyindi migambi bazokorana Vuba.

Aha mukamenya ko Meddy aho yasiba igiteramo yari yateguriwe i Bujumbura, uwari yamuhamagaye yari Dj Paulin ubwiwe, aho hari n’indirimbo yiwe arikumwena Meddy na Sat-b itahavuye isohoka, kandi yari yitezwe.

Ubwo muvyo bategura [Meddy na Dj Paulin] iboneka rya Meddy i Bujumbura ryoba ririmwo? Reka turindire turabe.

Olegue “Délégue Général” aravuga ico yigiye mu Mpimba

$
0
0

Mu gihe yaramaze igihe kitari gito asa n’uwutavurwa mu muziki ndundi, Olegue yahavuye ashira ahabona akaririmbo gashasha yise Doctor, yongera anagirako akora ibiteramo bitandukanye birimwo gonga tour aho yari yaherekeje Master Muzik.

Olegue ngo yarabonye ko abantu bari bamunyotewe inyuma y’ukuva mu buroko mu gisagara ca Bujumbura, ahowe inyifato n’amajambo yashikirije mu ndirimbo Delegue General yanatumye amenyekana cane. Ayo majambo akaba atari meza.

Mu kiganiro umukubito, Olegue yamenyesheje ko ico kibanza yamazemwo imisi ngo yacigiyemwo kwubaha imico n’imigenzo y’igihugu cacu c’Uburundi, aho avuga ko imbere yaho atarazi kuvyubaha.

“Mw’ibuye narize kubaho ufise ico wubaha, cane cane inkino n’imico n’akaranga vy’igihugu cacu c’Uburundi….. kare sinari ndabizi. ”

Twandika ino nkuru, ako karirimbo Doctor kabarizwa ku rubuga rwiwe rwa Youtube, kari kamaze kurabwa incuro zirenga 39,076 mu kiringo c’indwi 2 gusa, hamwe n’abarenga 2700 bayikunze hamwe na 33 batayerekwa.

Ayo DJ Iraa yahawe na ITEL Rwanda yoba yayashize muri Restaurant,i Kigali?

$
0
0

Mu gihe abatari bake hano iwacu co kimwe no mu makungu bakoma akaruru ko ikiza Corona Virus cabatumye bahomba cane gose, abandi bo bari bagerageza kwiyungunganya.

Irakoze Divine benshi bazi nka Dj Iraa, umurundikazi akomoka mu ntara ya Gitega, ku mugwa mukuru wa Politique, asanzwe arangurira ibikorwa vyiwe mu gisagara ca Kigali, ngo ashobora kuba yuguruye inzu y’uburiro, Restaurant, hagati mu gisaga ca Kigali. Iyo nzu ikaba yahawe akazina ka Ziggy’s Joint Restaurant-Bar, izina rigomba gusa n’iryo yakunda kwitwa akibarizwa mu ntara yiwe y’amavukiro, Gitega, iryo naryo s’irindi ni ZIGIDI.

Ivyo bikaba biriko biba mu gihe abatari bake muri ico gisagara barira ayo kwarika kubera ico kiza catumye hafatwa ingingo zo guhagarika ububare, nayo uburiro nkubwo bwugurura umwanya muto kandi bukinjiramwo bake, kubera ibibanza vyagabanijwe.

Ariko naho bamwe mu Barundi babarizwa muri ico gisagara babandanya bamukeza, amakuru adushikira avuga ko iyo nzu y’uburiro ngo yoba itari iyiwe. Ahubwo ko mweneyo yoba ari umwe mu bantu basanzwe bari incuti nawe.

Aha mukamenya ko urubuga asanzwe akoresha rwa Instagram rukurikirwa n’abarenga 117,000 ataco arabasha gushirako kijanye n’iyo nzu y’uburiro, igishobora guca gishigikira abavuga ko ico gikorwa coba kitari rwiwe.

Ariko hampande yaho ukumenyekana kukaba guheruka kumuha amafaranga atari make kuko ari mu bariko bamenyekanisha inzu ihingura uduhamagazo, ITEL, mu Rwanda.

Clementine Kavy yoba yakinjuye kuko Belle Nice yamwivye Sat-b?

$
0
0

Empire Avenue ayizi abatari bake mu bayirimwo uno musi ngo ata numwe arayizamwo, eka mbere itaranatanguzwa ku mugaragaro. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa nawe ubwiwe kuri Micro z’imwe mu mboneshakure za hano iwacu zikorera ku buhinga ngurukanabumenyi.

Kavy ku kibazo c’ikinjura ryiwe muri iyo nzu y’ubusahirizi “Label”, uwo muririmvyikazi avuga ko abenshi batabimenye imvo n’imavo, eka ngo n’abarongozi b’iyo nzu nabo ngo ntibigeze babica n’ikanda ivyabaye, ariko ngo inyendamuvano ngo n’ishari ryaharangwa.

Iryo shari avuga, ngo ryava ku mukunzi akaba na mama w’umwe mu bana ba Sat-b, ariwe Belle Nice. Iryo shari akaba yamenyesheje ko atazi ico ryavako, ariko ikizwi co nuko ngo yamuraba nabi.

Nkuko yabandanije abiyagira mugenzi wacu akorera imwe mu mboneshakure za hano iwacu, ngo we ntivyokunda ko abandanya arikumwe mu mugwi umwe n’umuntu amuraba nk’inka yica. Ariko agatanga umuco ko ivyo akora mu muziki abishima kandi amushigikiye.

Abajijwe nimba batoba bapfuye umugabo, ubona ko uno musi Sat-b na Belle Nice babana nk’umugore n’umugabo. Kavy yishuye ko bitarivyo kuko we icari camujanye muri Empire kari akazi apana ivy’inkundo, kuko we ubu ngo yabihaye umugongo.

Kavy muri ico kiyago akaba yanaboneyeho akaryo ko kubwira abakurikirana ibikorwa vyiwe ko boba magabo kuko indirimbo nshasha iri mu nzira, kandi ngo bakaba batazomaramara kuko ngo yabiteguye neza, naho avyitegurira ata busahirizi, Management, afise.

Magic Soldier yavuze ku mpamvu atigeze aragama muri Management nimwe muri kahise

$
0
0

Kingorongoro ngo impamvu atahora ateba muri Label bahora bakorana ngo nuko ata masezerano baba bafitanye, bikaba vyaca vyoroha uburyo akinjura, Nkuko yabiyagiye umwe muri bagenzi bacu.

Magic abarizwa uno musi muri Label ya MA Production avuga ko hari itandukaniro rikomeye hagati y’ubwo busahirizi, Management, hamwe n’ubundi yigeze kujamwo. Yongerako kandi ko ubwo busahirizi bufise abantu batari bake bakora ijoro n’umurango ngo ibikorwa bigende neza.

Uwo muririmvyi akaba ariko aregereza umwaka wose abarizwa muri Label ya MA Production aho amaze gukora ibikorwa bitari bike birimwo indirimbo 2 ziheruka gushirwa ahabona.

Mu kiganiro na Ami Pro, Kingorongoro ntiyaretse kandi kuvuga ko hari ibikorwa bishasha biriko birategurwa, ngo abakunzi biwe nibabandanye bihangane ngo mu misi ya vuba hari ibikorwa bigiye gushirwa ahabona nkuko vyamye.

Nziza Desire agiye gushinga Label mu Burundi no mu Rwanda  

$
0
0

Intandaro y’ukutagaruka Kwa Nziza Desire muri Afrika mu kirngo c’imyaka 12 yaramaze muri Amerika ngo n’ukuba atari bwaronke ivyangombwa, ariko ubu ngo n’umunyamerika. Ivyo n’ivyo yayagiye Lucky ku mboneshakure RBA,I Kigali.

Muri ico kiganiro Versus cabaye kuri uyu wa  gatatu, mu nyubakwa z’imboneshakure y’igihugu kibanyi c’Urwanda, RTV, Nziza Desire yagarutse ku bikorwa azoragurira haba I Buruni co kimwe no mu Rwanda. Murivyo harimwo gushinga Label, naho atavuze abazoba bayigize, n’igihe izotangurira.

Nziza Desire yanavuze ko  hari indirimbo ariko arategura gukorana n’abaririmvyi baba abarundi co kimwe n’abanyarwanda, kandi mu misi ya vuba.

Nayo icatumye yururukira I Kigali apana I Bujumbura, Nziza Desire yavuze ko ari ukubera uwo muziki yatanguye kuwufatira nk’akazi, Professionally, I Kigali, kuko ari naho ngo hari inzu z’ubuhinyanyuzi zari zigezweho igihe ciwe.

Muri ico kiganiro Nziza Desire ntiyabashije kuvuga ryari azoshikira I Bujumbura, canke igihe azomara muri urwo rugendo yatanguye kuri uyu wa gatandatu igenekereo rya 5/9.

Aha mukamenya ko amaze gukora ibiganiro bitari bike n’ibinyamakuru bitandukanye muri ico gihugu c’Urwanda, ibimaze kumenyekana ni nka RBA, Yambi, Afrimax Tv co kimwe na TV10.

Ng’iki ikintu gikomeye umuririmvyi Fabelove yakoreye bagenziwe b’abaririmvyi

$
0
0

Fabelove yasavye ikigongwe bagenziwe Prince Mshidi na Big Zoé kuba yarabashize muri challenge y’indirimbo yiwe yise Master ngo ntivyari bikenewe ko abashiramwo mu ruririmbo rwiwe.

Uwo muririmvyi abicishije mu nyandiko yiwe yagize ngo  harya kurwa sibibi ariko kurwa ugaherayo nivyo bibi, uko tugenda turakura niko tugenda turabona amakosa ya kahise kacu, mur’ico gihe naco ikiba gikenewe nugukosora ayo makosa, ndetse bibaye ngombwa tugaca bugufi tugasaba ikigongwe abo twashayeko.

Fabilove aragaruka akavugamwo ko yubaha Imana kandi akubaha n’ibikorwa vyayo.

Ngo ntakindi yashaka kuvuga atari uguca bugufi imbere ya benewabo mu muziki aribo  PRINCE MSHINDI  na BIG ZOE ,anabasaba imbabazi nyinshi cane  kuba yarabashize muri challenge y’indirimbo yiwe yise MASTER.

Uwo muririmvyi akaba anamenyesha imvo yatumye asaba imbabazi aba baririmvyi ngo nuko yubaha uwo wese yitanga mugutanga ubutumwa bwiza bw’Iyaturemye eka  ntiyahengeshanyije  nukuvuga ko atazosubira gukora benizo ndirimbo atabisavye uwo wese bizoba vyega.

Mwomenya ko uwo muririmvyi ubu asigaye afitaniye imigenderanire myiza na mugeziwe Sat-B  kuva kw’igenekerezo rya 27 Nzero 2019 mugiteramo cari citiriwe Karabarya Concert cabereye mu Kanyosha akaba agiye kandi kugaragara no mu ndirimbo Izina ya Sat-B asanzwe arongoye Label ya Empire Avenue ibiza kwerekana kandi ko ubucuti bwabo bwakomeje bukomera cane.


Papa Yan na Mama Yan bipfurije isabukuru nziza umuhungu wabo, bariyibagira?

$
0
0

“Isabukuru nziza kuri wewe YAN JASON, nta Vyinshi novuga, gusa Imana ikuzigame muhungu wanje, turagukunda cane! Warakoze Mana kuri aka kaganuke.”  Aya niyo majambo Mama w’imfura ya Yvan Muziki  yashize ku rubuga rwiwe rwa Instagram kw’isabukuru ry’uwo muhungu wabo.

Ubwo butumwa bwakurikiwe n’ubundi butari buke bwo kwipfuriza isabukuru nziza iyo mfura ya Yvan, bwabonetse muri commentaire y’iyo Post. S’abo gusa kuko abandi bashika 30 mu bababa hafi 700 basanzwe bamukurikira kuri urwo rubuga.

Siwe wenyene kuko na se yaragize ico ashikiriza kuri iryo sabukuru ry’uwo muhungu wiwe, aho nawe yanditse ubutumwa ku rubuga rwiwe rwa Instagram mu rurimi rw’icongerezaho nawe yipfuriza isabukuru nziza uwo muhungu wiwe.

 

“ Warakoze Mana ubugira kandi kuri uwu muhezagiro wo kuba umuvyeyi, Ndabizi ko urukundo rwawe ari ubwigobeko bukomeye, murinde umwansi Satani.
Isabukuru nziza muhungu wanje, urabizi ko papa agukunda cane, ndakwipfuriza umunezero kuri ino si. Mfasha tumukeze umuhungu wanje isabukuru nziza y’amavuko.”

Hampande y’ubwo butumwa bwiwe, na bamwe mu  11,000 basanzwe bamukurikira kuri urwo rubuga nabo baragize ico bashikiriza, aho abarenga 1100 bagize Like kuri iyo Post yiwe, abandi nabo bamwipfuriza isabukuru nziza uwo musore muri Commentaire, mbere abandi bo bakaba babona ko uwo muhungu wa Yvan ngo ari mwiza nka se.

Kuri izo mbuga zose yaba papa Yan canke mama Yan akaba ata numwe yigeze aboneka agira ubutumwa arungika uwundi kuri uwo musi ukomeye mu buzima bwabo. Ubwo bishoboka ko wari umunezero mwinshi wabiyete. Ubona ko yaba Yvan yaba umuryango wiwe wose ubarizwa ku mugabane wa buraya aho basanzwe bisumamwo, abana nabo ariho biyungurira ubumenyi.

Nayo Yvan we ibikorwa vy’umuziki bikaba bibandanya kuko inyuma ya Feeling imaze kurabwa n’incuro zirenga 247,000, Kadanse yakoranye na Uncle Austin imaze ukwezi imaze kurabwa incuro 47,000.

Tanasha avuga ko ata kidasanzwe Diamond Platnumz yamufashije mu muziki

$
0
0

Tanasha Donna aremeza cane ko yakunze umuririmvyi Nasibu Abdoul Juma benshi bazi nka Diamond, kandi ko atigeze ashaka kuvyaza umusaruro mu muziki ubwo bucuti bwabo nkuko bamwe bavyibaza.

Mu kiyago aheruka gutanga, uwo muvyeyi w’umwana wa 4 wa Diamond, avuga ko yamukunze cane, kandi ko nawe yarabizi kandi akanavyivugira we ubwiwe. Igituma ngo nuko uwo muririmvyi yashobora kuzunguruka mu gahamagazo kiwe ata nkomanzi.

Tanasha yanavuze kandi ko batangura kugendana, ngo we ntiyigeze ashaka ko ubucuti bwabo buja ku mugaragaro canke mu binyamakuru, naho Diamond yahavuye abishira ahabona.

Ku kibazo kijanye n’ugushaka kuvyaza umusaruro ubwo bucuti, Tanasha yishura ko Diamond uretse ko yashize yaterereye agacumu ku bumwe muri urwo rugendo, ngo nta kidasanzwe yakoze, kuko yamusanze yaramaze gutangura ibikorwa vy’umuziki.

Ivyo bikaba bishitse mu gihe Diamond Platnumz amaze igihe kitari gito avanye n’uyu muvyeyi w’umwana wiwe, ubu bikavugwa ko bose ata bakunzi bagira, naho bigoye kwemeza bivanye n’ayo bavugwako.

i Kigali, Sat-b ngo yaradandaje umubiri nk’abakobwa

$
0
0

Muri kahise Sat-b ngo yaragendanye cane n’abagore bafise abagabo, abo bakunze kwita aba sugarmamy. Ivyo n’ivyo aheruka gushikiriza mu kiganiro ku mboneshakure ya hano iwacu.

Uwo muririmvyi ari muri bake bakunzwe hano iwacu, avuga ko uwo mwuga yawukoze cane, akawukorera inyuma y’igihugu aho yari yungururije umwuga nkuko akunze kubishikiriza.

Ico kibanza avuga ko yabikoreye n’i Kigali, igisagara yamazemwo umwanya utari muto, inyumay’umwaka wa 2015. Ico gihe Sat-b akaba yaranavuzweko cane ku nkuru zimwe zimwe zirimwo kwifotozanya n’abakobwa bari gusa, canke kuvuga ko yagwaye ingwara ya Cancer.

Aha mukamenya ko ico gikorwa yemanga ko yakoze kandi cane i Kigali, giharurwa nk’ukudandaza umubiri, ariko ku bagabo. i Kigali ho bikaba vyeze gusumba hano iwacu, kuko hari n’abasore b’imisonga bavyemanga ku mugaragaro.

Nayo umukunzi wiwe, Belle Nice bamubajije ico abivugako mu kindi kiganiro co kuri iyo mboneshakure ya Buja Hit Tv nyene,yavuze ko we nimba yahisemwo ku bivuga uko ngo ata kintu yobivugako.

Michou Miracle yasubiye muri Siren Vibe kwa Hosy

$
0
0

 

Michou Miracle ngo ikibuze uno musi mu bamenyeshamakuru bamenyekanisha imico n’akaranga hano iwacu n’ukuzana ibintu bishasha “Innovation”.

Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru 2 barimwo n’uwutwara imboneshakure Siren Vibe Tv ikorera ku muhora wa Youtube, Michou yamenyesheje ko asubiye gukorera ibikorwa vy’ukumenyekanisha amakuru, abicishije muri iyo mboneshakure.

Michou yavuze ko yaramaze imisi mu gacerere kuko hari ivyo yarakibanza kuraba, kugira azane ibishasha muri uno mwuga, kuko ngo abatari bake ngo bariko bakora ibintu bisa.

Michou Miracle akaba asubiye muri iyo mboneshakure inyuma yaho abanje gukorana na n’imboneshakure ya Ejo Heza.

Uwo mumenyeshamakuru ari mu bakunzwe hano iwacu, akaba yemereye abakurikirana ico kinyamakuru ko agiye kubereka ibikorwa biteye igomwe.

Mwomenya ko Michou Miracle amaze guca mu binyamakuru bitandukanye, Radio et Tele Renaissance, Buja Fm, Buja Hit Tv, Siren Vibe, na Ejo Heza arico twaheruka kumubonamwo.

Nziza Desire batamwimye umwana, Leila barasubirana muri Amerika

$
0
0

Nziza Desire ngo ata kimuzibiye ashobora gusubira muri Amerika ajanye umwana yavyaranye na Natacha. Aha akavuga ko umwana ari umunyamerika kuko na se nawe yaronse ubwenegihugu.

Mu kiganiro yahaye Indundi Tv, twashatse kumenya imigenderanire yiwe n’uwahoze ari umukunzi wiwe Natacha,atubwira ko bamaze imyaka ishika 10 batavuga. Tubajije ahari ikibazo, yatubwiye ko ku mpande zose ata kibazo gihari, naho we yari yaragerageje kumuvugisha ariko biba impfa gusa.

Nziza Desire avuga ko kuba bomwima umwana ngo amutwareata kibazo kuriwe abibonamwo kuko umwana ariko arakura, ngo azihitiramwo. Eka ngo n’ukuba izina ryiwe ryoba ryarahinduwe kuri we ngo n’ibisanzwe.

Aha mukamenya ko Nziza Desire abarizwa i Kigali muri ino misi. Inkuru ya nyuma nuko yariko arondera uburyo azoshika i Bujumbura kugira aje kugira ubugeni, gutanguza label eka n’ugutanguza urudandazwa.

Big Fizzo yagirijwe kwica umuntu, kandi akiri muzima

$
0
0

Big Fizzo ngo ntazofatwa mw’ishati na nyene indirimbo yasubiyemwo kandi atabiherewe uruhusha, ariko ubutungane bwo buzomukurikirana.

Mu kiganiro na Amanda, Ciza Sylvestre, umukukuruke mu mwuga w’ubwigisha, ariko kandi akaba umwanditsi n’umuririmvyi akomeye Uburundi bufise, yavuze ko agereranya Big Fizzo n’igisuma c’impuzu. Igituma, ngo nuko uwiba Impuzu atiba izaheze canke izo atashimye, ahubwo ngo yiba kamwe abantu bose babona bagatamarirwa.

Ciza Sylvestre ngo ikimubabaza s’uko basubiyemwo indirimbo, ahubwo ngo nuko uwayisubiyemwo yabanje kumwica, mukwandika ko ari mu ntumbero yo kwibuka uwatavye Imana, noneho akagirako akayicisha amafaranga, agatunga umuryango wiwe ariwe nta muhe n’urukoroka.

BigFizzo ngo ari uwitegura, ngo niyitegure kuja imbere y’ubutungane, kuko ngo bitebe biteguke azobibazwa ivy’iyo ndirimbo yaririmvye, akanayihindurira izina ayiha irindi zina kandi yitwa Sangwe rukundo.

Aha mukamenya ko BigFizzo ari nka hamwe acishijwe imbere y’ubutungane, atazoba ari irya mbere kuko mu mwaka wa 2013 yigeze kurengutswa abazwa ivy’igiteramo yari yarishwe ariko ntiyabasha kucitabira. Ico gihe akaba yari yarishwe na bamwe mu basanzwe bakorera ikigo Forever Living Products.

Ngo abaririmvyi batobato bameze nk’ibuji imurikira abariko barafungura

$
0
0

Amwe mumajambo yasubijwe umufana w’umururimvyi yabaye nk’inkota yogucagagura imitsi iha inkomezi abaririmvyi bakiriko bararondera uko bubaka izina.

U One B Forever ni umuririmvyi akiri muto mu mwuga wo kuririmba akaba asanzwe akora umudiho wa RAP ariko aramenyekana cane Kundirimbo yise Bisanga Man akaba ari umwe mubaririmvyi baharurwa nk’abakora ivyo bazi ariko batigera bahabwa akanya ko kugira berekane ico bashoboye haba mu masamirizi ndetse no muma Tereviziyo akorera Kumbuga ngurukana bumenyi.

Inyuma yo kuboneka mugiteramo citiriwe Bisanga Man Tour Habonetse ubutumwa yashize kurubuga rwiwe bwerekana ko yariko yishurana n’Umukunzi w’ibikorwa vyiwe aho yamwandikiye agira ati:

“Ni sawa? Nukuraba rero ukadusangiza aga Fanta wakuye muri BISANGA MAN😉

Aho we mukumwishura yagize ati:

“Abaririmvyi batobato tumeze nk’ibuji iboneshereza abariko barifungurira ititayeho ko yo iriko irahera “

Aho twagerageza kumubaza insiguro yayo majambo yayasiguye agira ati:

“Ubutumwa n’uko bumeze kuko akenshi abantu ariho tugitangura biragora cane ko twoboneka mugiteramo Hama ngo buce udusangane amafaranga twakuyeyo kuko akenshi dukorera ukwerekana ubushobozi bw’ivyo dushoboye gusa nayo ibijanye n’akanoti vyo uronse ayo kwiyunguruza ushimira IMANA.”

Umviriza Bisanga Man ya U one B Forever uciye kuri ino Link
👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾


Mkombozi ngo ntagitandukanya ubuzima bubi na bwiza kubera kubaho nabi cane

$
0
0

Inyuma y’ibibazo Uburundi bwahuye navyo,bigatuma abatari bake bafata inzira y’ubuhungiro, barimwo umuririmvyi Mkombozi, hahavuye havugwa vyinshi kuri uno muririmvyi.

Mu vyavuzwe harimwo ko ubuzima bwanse, eka n’ukwitaba Imana navyo bishirwa ku meza akatari gake. Uwo muririmvyi ntiyigeze agira ico abishikirijeko haba ku mbuga ngurukanabumenyi ziwe canke mu binyamakuru.

Aha muri kino gihe muri Tanzania, yagiriraniye ikiganiro na Isaac Tv bamubaza ku bijanye n’ubuzima bubi bivugwa ko abayemwo, n’ico we bimukorako, aho we avuga ko iyo ataremvye,ngo ubuzima buba bumeze neza. Igituma ngo nuko yabayeho mu buzima bubi kuva kera, none yamaze kubumenyera.

“Ubuzima bubi ndabubamwo kuva kera, umengo nabukuriyemwo. Hari igihe usanga ndaburimwo, ariko sindabimenye, uwundi muntu akabona umengo ni bubi. Hari n’ubuzima nigeze gucamwo kera, bw’i Mutabira, abantu bakambwira ngo burya buzima bwari bubi, ariko nabona umengo ni bwiza. Kuri jewe ngira vyarangoye kumenya ubuzima bubi na bwiza, jewe ubuzima ndabubona bubi amagara ameze nabi, nimereye neza, ni sawa tu.”

Mkombozi uno musi akaba avuga ko ariko akora urukurikirane rw’indirimbo, naho atavuga izarizo. Urwo rukurikirane rukaba ruriko rukorerwa muri Tanzania.

Nayo mu miyaka 5 iheze, Mkombozi yarabonetse kandi mu bihugu vy’Ubugande n’Urwanda aho yakoreye ibiteramo bitari bike.

Amicale des Musiciens niyo ikwiye gukora ikiraro c’abaririmvyi n’ubushikiranganji bubega

$
0
0

Umuririmvyi Dj Pro aremeza ko ibiriko birumvikana n’indyane zihari zari zikwiye gutaturwa na Amicale ariko ikabanza ikaja hamwe maze nayo igashira hamwe abo irongoye.

Abicishije mukiganiro yakoranye na Indundi Tv, Dj Pro nk’umuririmvyi w’umurundi yasavye ashimitse ko Amicale yobanza ikicara hamwe ikamenya akarorero igomba guha abirongoye (Abaririmvyi) maze nabo bakaja hamwe bakabanza bakubaka urunani bagashira hamwe.

Afashe ijambo yagize ati:

“Amicale ikintu cambere yokora imaze gushira hamwe nifate ingingo yihuta ikore ibiranga umuririmvyi (Badget) kuburyo niyo bovuga ko umuririmvyi wese atanga ibihumbi cumi kugira ahabwe carte tuyatanga maze umuririmvyi w’uburundi agafatwa nk’umuririmvyi apana umubandi maze iki kibazo gihari hagatiy’abaririmvyi n’aba Djs kikirwa na bose bakayagira hamwe ivyokorwa kugira umuziki uvemwo induru maze ivyacu bigatera imbere.”

Akabandanya kandi agira ati:

“Biragoye cane kugira umuririmvyi umwe canke babiri biyadukize ngo bagiye kugira ico bashikirije mubushikiranganji, ariko nibutseko uburongozi bwa Amicale bufise ububasha bukomeye cane kuburyo bwatwicaritse bukumva igikwiye gukorwa cotunganiriza bose hamwe atawuza kwidoga bafise gusaba umubonano nkabarongozi badukuriye bagashikana ivyiyumviro vyacu imbere mubadukuriye.”

Preeze36 ngo uwushaka kukurya ntabura imboga agukoza,bareke kugiranira imimenyerano

$
0
0

Preeze36 nawe yagize icashikiriza ku kibazo kimaze imisi kigisibije ca ba Djs n’inyuma y’ukuzinduka abona ubutumwa butandukanye bwabaye bagenda batuka aba Djs, agasaba bagenziwe  bareke kugiranira imimenyerano naba Djs .

Kubwa Preeze36 ngo hari hakwiye kuba ubumwe abaririmvyi bakareka guterana amajambo naba DJs  nabo bakareka gutukana n’abaririmvyi ahubwo bakaja hamwe bakaraba icokorwa barihamwe kuko nakwagushigikirwa batazokuronka mugihe bariko bazana ibibazo nkivyo ngo bituma batizerwa n’aya mashiramwe akomakomeye akabakurako icizere rero boraba uko baza barabivuga mu rupfasoni.

Ariko akagaruka agatanga icokorwa kubwiwe ngo ntacokorwa mugihe abo ba Djs nabo ari abaririmvyi cokimwe n’abamenyeshamakuru nabo basanzwe baririmba  ntamvo yotuma bakuvuza mugihe nabo baririmba ivyo yagereranyije nk’umwigisha n’umunyeshure ko bigoye ko bohiganwa ngo umunyeshure atsinde umwigisha.

Akaba adahengeshanya guhanura abaririmvyi ngo nibareke kugira imimenyerano nabo ba Djs ahubwo bakore cane kuko navyo bibaha inguvu ahubwo bakore  ibikorwa vyiza kuko navyo biricira inzira.

Nayo kukibazo kihari ngo bose barakizi ngo ahubwo bokwicarana hamwe bakakiyaga aho avuga ama Media ,abamenyeshamakuru n’aba Djs ko boganira ivyobibazo bihari ku ruhande rumwe rumwe mu ntumbero y’uguhuriza hamwe kuko bose ugiye kuraba ngo uhura atawubuzemwo uruhara bagiye hamwe vyokworoha.

Mwomenya ko Preeze36 nawe yigeze kuba umu Djs imyaka itari mike asanzwe azi ibibazo bahura navyo muruwo mwuga, eka ngo naho batazomuvuza ntikizobuza ko arara atariye canke nibamuvuza ngo ntazoca aronka amamiriyoni kuri compte yiwe.

Angelina yoba ije gukura kuri hit Melana ?

$
0
0

Nyuma yo guhitinga n’indirimbo yiwe yambere yitwa “Melana ” ,Berry Music yaraye asohoye indirimbo nshasha yitwa “Angelina.”

Bamwe n’abandi bamaze kuyumviriza baragira ico bayivuzeko.

Bamwe bati :”Mbega indirimbo za Berry Music zoba ziri muri zimwe twita “Based on a true story ?ubona ko ari indirimbo z’urukundo kandi zifise amazina y’abantu”

Abandi bati :”Nubwo “Melana” ariyo ndirimbo yonyene yari afise yama aririmba mu biteramo yama atumirwamo ,ubwo ntiyoba yari yihuse mu gusohora “Angelina” mugihe “Melana amasanamu yayo ataraja ahabona?'”

Gusa abenshi ni abibaza nimba indirimbo “Angelina” itoba ije gukura kuri hit “Melana” ,indirimbo yakunzwe kandi igikundwa cane , indirimbo yatumye Berry Music amenyekana cane mu gihe gito cane kandi asanzwe ari umuririmvyi mushasha muri +257 Music Industry.

Menya ivyo Bain Turo asaba Big Fizzo na Sat-B

$
0
0

Umuririmvyi Bain Turo arasaba ko abaririmvyi batobato bahurikiye muma Label atandukanye batorererwa murwanko nkuko bakuze arirwo rukunze kuvugwa.

Abicishije mukiganiro yakoranye na Indundi Tv ni Bain Turo yagize ati:

“Uyu musi je nka BainTuro sinipfuza gukurira murwanko rwubatswe n’abadukuriye, Aho bari bantege yompi ico jewe nipfuza n’urukundo kandi tukarusangira n’umwumwe wese tukumva ko ikigomba kuja imbere ari inyungu z’igihugu atari inyungu z’umuririmvyi umwe kugatwe kiwe.
Kukijanye nama Label naco nomenyesha abantu ko ubutandukane bwacu arizo nyungu zacu, turabe rero ntitubukoreshe mukwisamburirako yamara tubukoreshe mukwubaka impande zose maze ivyacu bije imbere.”

Uwo muririmvyi asanzwe ari muri Label ya Empire Avenue yasozereye asaba ko atamurundi yomwanka ngo n’uko ari mumuryango udasa n’uwo arimwo canke ngo n’uko asanzwe adashigikiye uwo basangiye label ahubwo ngo amushigikire kuko ari umwe mubana b’impfuvyi basanzwe barwanira agateka k’igihugu.

Viewing all 3189 articles
Browse latest View live