Ugusubira kubona Sat-B ahantu avuga ko afitanye ikibazo n’umuririmvyi uyu canke uriya ngo n’umuziro uzirwa. Igituma ngo nuko ubwa mbere yabona ko ari imwe mu nzira bocishamwo ngo babashe guca agafaranga nk’uko abandi babikora, ariko asanga ngo abandi siko babitahura.
Mu kiganiro Ikiri ku mutima ca 5, gitegurwa kigashikirizwa na Akeza, uwo muririmvyi yagarutse ku bibazo bitandukanye birimwo ivy’uko yatanguye, abamufashije, uburyo ashaka gutera imbere, uburyo abona umuziki ndundi wokorwa, hamwe n’ikijanye n’ama Beef yaha na hariya bamwumvamwo.
Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi yamenyesheje ko yamenyesheje ko ata mutima mubi waba uri inyuma y’ukutumvikana kwavugwa hagati yiwe na Big Fizzo. Ahubwo ngo bwari uburyo bwo gushaka guca amafaranga, kuko yasanze n’ahandi ariko babikora.
Amaze kubona batavyakiriye neza, aho agatanga akarorero k’igiteramo Who’s the best casivye, yahisemwo kudacika intege, ariko abanza kubangira kuri uwo mukenyuro. Ariko ngo indoto afise ubu zo n’ukuba umuririmvyi mpuzamakungu.
Mwomenya ko ivy’uko asigaye yumvikana na bose vyashimangiwe na Lolilo mu kiganiro aheruka guha imboneshakure Isaac Tv.