Quantcast
Channel: music – Indundi | Promote Burundi Beauty online
Viewing all articles
Browse latest Browse all 3189

Abambitse ibara Sat-B kubera indirimbo Izina, abasaba kumusaba imbabazi

$
0
0

Indirimbo Izina uno musi imaze kurabwa n’abarenga 67 700 ku muhora wa Youtube, kandi ikaba indirimbo yinjirije Sat-B amafaranga menshi gusumba izindi, ngo muriyo ubutumwa burimwo yashatse gukebura abashaka gucafuza izina ryiwe.

Mu kiganiro na Landry uwo muririmvyi yari yarahagaritse gukora ibiganiro yavuze ko muri iyo ndirimbo harimwo imitego itari mike, irimwo uwafashe abatari bake aho yavuga ku vy’igwanira ry’imbibe z’igihugu ku bami.

Uwo muririmvyi muri ico kiganiro yavuze ko uwo mutego wavuye mu kiganiro yaheruka gukurikirana aho umwigisha yashikiriza ko hariho itandukaniro ry’ukugwanira hamwe n’ukwagura imbibe z’igihugu. Aho ngo niho yakuye uwo mutego, noneho ahitamwo kuwutega abona urafashe.

Sat-B yahavuye aboneraho akaryo ko gusaba abamututse bose bakamwambika ibara kubera iyo ndirimbo ko botangura gusaba ikigongwe, kuko ngo baramurenganije. Ivyo akabivuga yisunze ko iyo ndirimbo yiwe ngo itari iyo kwumviriza rimwe gusa, ahubwo ngo bisaba ko umuntu ayumviriza kenshi kugira atahure neza ibivugwamwo.

Muri ico kiyago nyene ntiyaretse kugaruka kandi ku mvo nyezina yatumye ashima kuririmba kw’izina ryiwe, aho avuga ko hari abantu bari bagize igihe bacafuza izina ryiwe ngo bikunde bamwononere kugira abo bakorana co kimwe n’abakunzi biwe bamukureko amaboko.

Yagize ati: “Izina nayikuye cane cane n’ukuntu abantu bafyina n’izina ryanje mu misi iheze, usanga umuntu arakinye ararivuzeko ivyo yishakiye. Yari sorte yo kubibutse ngo vyarangoye ngo nubake izina ryanje, reka kurihonyanga urituka, ushaka kurisiga umwanda, kugira abantu baryanke, kugira ngo ama Company dukorana yumve ko Sat-B atari umuntu wo gukorana nawe, kandi izina ryanje ariryo rintungiye abana 3, family, umuvyeyi. Urumva iyo ukoze ibintu nkivyo
ntuba ubikoreye Sat-B we nyene, uba ubikoreye Family yose n’Uburundi bwose muri rusangi.”

Muri ico kiganiro nyene yanagarutse ku bantu bavuga ko iyo ndirimbo ari inyigano, akavuga ko adatahura ivyo bafatirako mu kubivuga, kuko iyo ndirimbo ataho ihuriye n’izo zose bavuga.


Viewing all articles
Browse latest Browse all 3189

Trending Articles