Quantcast
Channel: music – Indundi | Promote Burundi Beauty online
Viewing all articles
Browse latest Browse all 3189

Izina ry’indirimbo ya mbere rigiye kuza vuba kuva kuri CEO wa Empire Avenue

$
0
0

Inyuma yo kumenyesha ibikorwa bigiye gusohoka yashize hanze izina rimwe mu ndirimbo zitanu zari zashikirijwe ko zigiye gusohorwa n’inzu ya Empire Avenue.

Haraheze igihe kitari gito atagikorwa na kimwe kiboneka mu nzu ya Empire Avenue na cane cane ku muririmvyi BIZIMANA Aboubakar Karum tuzi nka Sat-B ariko hakaguma haboneka imyidogo myinshi mubakurikirana ibikorwa vyiwe haba mubamushigikiye ndetse n’abatamushigikira ariko baguma baterezayo akajisho aho ubona ko amajambo yagaruka kenshi muri commentaires zaboneka kurubuga gwiwe yari:

“Acha maneno bro kora uduhe umuziki kuko amajambo yo ataco adufasha”. Ariko ukamenya ko Sat-B ari mu babaririmvyi bake bafise abakunzi batigera bacika intege nubwo yomara umwaka wose adasohora indirimbo.

Biciye kuri ino foto yerekana ishusho nshasha ya Sat-B ndetse n’inyandiko ziri kumpuzu zabo barikumwe ndetse basa n’abahishije amashusho yabo na Sat-B ubwiwe yambaye impuzu iriko amajambo nka #INTARE BATINYA, irerekana neza ko ari mukibanza bariko bafatiramwo amasanamu y’iyo ndirimbo aho ubona ko ishobora gusohokana amasanamu (Video)


Viewing all articles
Browse latest Browse all 3189

Trending Articles