Inyuma yaho hagiye haraboneka amajambo asa nayagoye mundirimbo za bamwe mu baririmvyi ba hano iwacu, umuririmvyi Masterland we asaba ko amwe mu majambo agoye bumva abagora gutahura hako bayaririmba nabi bakaririmba ndetse rimwe narimwe ugasanga bavuze ikintu kidashemeye ko boza baragerageza kubasiguza kuko ivyo bo baririmba baba babisobanukiwe.
Ni Masterland yasavye abakunzi n’abasanzwe bakurikirana umuziki ndundi aho yanditse agira ati:
“Amajambo amwe amwe mudatahura mu nyandiko z’indirimbo twandika muzoze muradusiguza kuko tuba tunashaka ko abarundi tumenya ururimi rwacu n’amajambo amwe amwe yo ku zîko afise akanovera.”
Aho tukaba twobibutsa ko Masterland ari mu baririmvyi bake bashobora kuririmba amajambo agoye y’ikirundi ariko kandi akaba amaze kumenyesha ko ikibimutera gihambaye kurusha ibindi aruko abashaka kugirango abarundi bo mur’ino myaka batokwirengagiza ikirundi co ku zîko nkuko abimenyesha.
Ariko kandi mugusozera tubibutse ko uwo muririmvyi Masterland nyene aheruka gushira akaririmbo kiwe gashasha ku rubuga rwiwe rwa YouTube aho mwosimbirako kugira tubandanye yantumbero yo gukunda no gushigikira ivyacu.